article comment count is: 2

Igiswahiri: iyo cazananye n’igituma canswe mu Burundi bw’aho hambere

Kubera ko abantu ba mbere bavuga igiswahiri baje bavogera Uburundi, bakagirira nabi abo bahasanze, vyatumye urwo rurimi rwankwa. Abarundi baciye bavuga ngo ni ururimi rw’abicanyi, rw’ababeshi n’ibindi. Erega ngo n’iyo uvuze urwo rurimi amata ngo waba usezeye. Bavuga ko rwatera imikoshi. Tubiyagirwa n’uwucigisha muri kaminuza Dorothée Nshimimana.

 “Abarabu mu kuza mu Burundi bazananye mu kiyaga ca Tanganyika bambaye ibikanzu vyera bafise n’ubwanwa burebure cane. Abarundi bababonye biruka kubwira umwami ko mu kiyaga Tanganyika bahabonye ibisigo, ibihume. Umwami aca abarungika kubarasa imyampi na bo baragenda. Barabarashe imyampi, mbere barakomeretsa umwe muri bo. Umukuru muri abo barabu aca arashavura ati: “Maliza wote” bisigura: “Baheze bose.”

Bose ngo bararashwe barapfa barahera erega ni na ho havuye izina Rumariza

Ba sokuru bati : uru rumimi rw’abicanyi nta rwo tuzigera tuvuga. Iba ibaye imvo ya mbere yatumye sokuru atamenya igiswahiri. 

Abakoroni baje kuvyunyura

Abakoroni na bo baca barabisonga. Mu kubanyaga utwabo bakoresha ururimi rw’igiswahiri bati: “Leta kuku, leta mayai,leta maziwa, leta sigai,..” Bisigura: “ Zana inkoko, zana amagi, zana amata, zana amasoro.” Abarundi baca bararahira baranana bati: “ Urwo rurumi rw’ibisuma nta rwo twovuga.” Ng’uko uko yananiwe ururimi rw’igiswahiri, mbere acanka urunuka.                                                                                                              

Kira noneho urwo rurimi baciye barutuka ngo uruvuze inka zicika amabere, ntiwonywa amata n’ibindi.

Emwe, n’ubu nta ho vyaroye uwo bise umuswahiri, aba ari umwangushi, umubeshi, umunyamayeri, uretse ko hari abita abisiramu abaswahiri.

Rwazanywe n’Abarababu bo muri Omani

Abarabu bo mu gihugu ca Omani ngo mu kuza muri Afirika baje ari imigwi ibiri. Bamwe barondera ibidandanzwa ari nk’insato ndetse n’ibindi. Abandi na bo bari baje kwigisha idini rya Isiramu ni ho ku nkengera (sahel mu carabu) z’ibahari Indiyano bahasanga abantu baca barabatwara ngo babikorerere imizigo.

Bumvise indimi bavuga (igiswahili), Abarabu bati uru rurimi turwite Sahel canke Kiswahili. Abaje barondera ibidandazwa barasubiye inyuma. Abigisha ijambo ry’Imana barabandanije no mu Burundi bashikira mu Rumonge bazanywe no kwigisha idini ry’aba isiramu. Ico gihe katorika yari imaze gukomera mu burundi. 

Abapadiri bera batanguje iryo dini bari bashigikiwe n’intwaro ntibaboroheye baca babwira Abarundi ko baje kubigisha igipagani. Ni na yo mpamvu bamwe bitwa abaswahiri(abasenga mw’idini ry’aba isiramu) mu Burundi ari bake.  Ni ko rero guca babaha agace gato cane. 

Aha i bujumbura bahawe mu Buyenzi, ndetse mu ntara zose z’Uburundi barahawe agace gato ariko ntibakarenga kugira idini ry’aba isiramu ntirakwire igihugu. Nico gituma ubona mu ntara z’Uburundi usanga aho bita mu Giswahiri

Muri utwo duce, ni ho igiswahiri cavugwa cane mbere n’ubu ni ko bimeze. Abarundi begereye utwo duce na bo batangura kuza barumva agaswahiri bukebuke.

…mu nyigisho no mu nsamirizi

Erega ntivyatevye insamirizi yaciye itangura kuvuza indirimbo z’igiswahiri mu mwaka w’1963. Eka n’imboneshakure y’igihugu imaze kuboneka, haheze imyaka itanu gusa, ica itanguza ibiganiro vy’igiswahiri. Hari mu mwaka w’1989.

Reta yahavuye ibona ko igiswahiri atari ururimi rw’abambuzi, mu mwaka w’1975 mw’ishure rya gisirikare (ISCAM) igiswahiri caratanguye kwigishwa hifashishijwe abigisha bavuye mu gihugu ca Tanzaniya, mbere no muri kaminuza y’Uburundi kiratangura kwigishwa mu 1978.

 Mu mwaka w’1993 catanguye kwigishwa n’Umurundikazi ari we Dorothée Nshimimana. Aha mbere hari n’igisata c’indimi n’amayagwa nyafirika, usanga igiswahiri ari cigwa kiri mu bihambaye cane, ufatiye ku mwanya bihabwa (amasaha).

Mu mwaka w’ishure w’i 2006 igiswahiri caratanguye kwigishwa icese mu mashure y’intango. Mu 2012 amashure yisumbuye baca baratangura kucigisha.

Kuva aho rero Uburundi bwinjiriye muri afirika y’ubuseruko igiswahiri carahurumbiwe cane. Aho mbere imigwi yigisha igiswahiri (club)nka SAPPROSS-Burundi, Chawakibu imaze guha impamyabushobozi urwaruka rutari ruke ruvuga igiswahiri.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)