Uku kwezi kwa Gitugutu turangije, ni ukwezi Abarundi twaburiyemwo incungu zibiri : Melchior Ndadaye hamwe n’umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ni kwo kwezi nyene kurimwo umusi mpuzamakungu wahariwe umwigisha. Uyu mwanditsi wa Yaga akaba afashe akaryo ko gushima inyifato y’umwe mu bigisha […]
Onesphore Nibigira
Uburaro rusangi : umuti nyawo woba uwuhe?
Gupanga amazu mu bisagara, na canecane i Bujumbura, mu kuzimba vyigera hejuru. Ikibazo c’uburaro kikaba gihagaritse umutima na Reta. Twarabibonye igihe yanasaba abantu ngo biyandikishe kugira ngo bazoshobore kuronka amazu bariha, akazoruhira kubegukira, ariko nta kirakorwa. Kugira ngo umuntu ntarindire […]
“Izo mw’ibaro” zobura ntivyoduhanga ?
Si agaseseshwarumuri, impuzu zo “mw’ibaro” ni zo ziza imbere mu mpuzu zinjira cane mu Burundi. Mu myaka iheze, ibihugu vy’umuryango wa EAC vyarafashe ingingo zigabanya impuzu nk’izo, mu ntumbero yo gukuza amahinguriro yavyo akora ivyambarwa. Aha tugashobora kwibaza tuti: Uburundi […]
Jeannette Kaneza : l’ingénieure qui force l’admiration
Derrière la réalisation d’une infrastructure, il y a toujours un ingénieur. Lorsque cet ingénieur est une femme, cela attire d’autant plus l’attention, étant donné leur faible représentation dans ce domaine. Parlons de l’une d’elles qui ne s’est pas limitée à […]
Burundi-Rwanda: «Rwaruka mutuka abakuru b’ibihugu, ikibi ni akanwa!»
Duherutse kubona ingabo z’Uburundi ziri kumwe n’izindi zo mu bihugu vya EAC mu Rwanda mu bikorwa vyo gufasha abanyagihugu. Aho ni mu gihe imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza. Ivyo birashika kuko abavukana ntibabura ivyo bapfa kandi nta ho bashirana. Ikibabaje, […]
Billet retour : une escapade à Gatumba
Une petite équipe de Yaga a emprunté la route de Gatumba récemment. Entre trafic intense dû à la proximité avec la frontière, inondations, crues de la Rusizi et les malheurs qui ont frappé certains endroits de Gatumba, le petit groupe […]
Impunzi z’Abakongomani : ntitubarabe ribi, bucana ayandi
Kw’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, Abakongomani bashika ibihumbi 35 ni bo bari bamaze guhungira mu Burundi. Kumbure hari n’aboba baraje imbere y’igihe bari kuri urwo rutonde. Hari Abarundi boba baterekwa umuzo w’abo bavukanyi bo hakurya ya Rusizi. Hamwe ngo batuma ubuzima […]
Kaminuza y’Uburundi : « Uko nasanze ingovyi yampetse »
Muramaze kubona ingene agatima kama gakubita umuntu yibutse ishure canke kaminuza vyamuramuye ? Uno mwanditsi wa Yaga araducira ku mayange ibigumbagumba afitiye Kaminuza y’Uburundi, haba kuri vyiza na bibi. Agira ati « ng’uku uko nahasanze aho ndahaherukira »
Vinicius Jr na Kylian Mbappé baraye batanze ubutumwa ku Barundi
Nta nkeka muramaze kwumva abavuga ngo Umurundi ntakunda ko uwundi atera imbere. Abakinyi Vinicius Junior na Kylian Mbappé, ibihangange mu mupira w’amaguru kw’isi, baraye bakoreye kibuga Santiago Bernabeu ibintu birimwo ubutumwa bukomeye twari dukwiye kwigirako twebwe Abarundi.