Kuri uno mwaramo uheze, neza na neza ku wa 10 Myandagaro, hari umwanditsi wa Yaga yakwije imyaka 10 ashinze urwiwe. Hari mbere n’uwundi yarushinga uwo musi nyene. Uyo wa mbere rero, ni we yanditse, asa n’uwunganira impanuro abo bashasha mw’ibanga […]
Onesphore Nibigira
EAC: umuryango urangwa n’umuryano ?
Umuryango wa Afrika y’ubuseruko washinzwe mu 1967 mu nyuma urasambuka, usubira kuvuka mu 1999. Amategeko awugenga ashirwaho mu 2000. Uwo muryango watanguwe n’ibihugu bitatu: Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda. Uburundi bwawugiyemwo ku wa mbere Mukakaro 2007. Ibihugu vyawugiyemwo vyose, vyiyemeza gushigikirana mw’iterambere […]
Uburiro bwa kaminuza: icaterera kiravoma
Inyuma yo guhagarika kugaburira abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi, hari amazu y’uburiro yahavuye atunganirizwamwo ibindi bikorwa. Iya mbere kandi yari izwi cane ni iyo ku Mutanga ubu yakoreshejwe ibindi, ivyababaje uyu mwanditsi bikanka ko yihangana.
Mu Nyakuzimu i Burambi: kuhagenda bisaba ingoga
Mu Burundi, ikibazo co kwiyunguruza hari aho usanga kitoroshe. Ugiye ahatagira amabarabara, ata modokari ihahonyoza ipine ho bikaba ibindi. Uwu mwanditsi wa Yaga agira atujane i Burambi, atudugane imirambi atumanukane iyindi, ahazira ikiyaya.
Ingeso yo kwidugiriza ibiciro: twese nta n’umwe yera
Uko bukeye, uko bwije, twamaze kubimenyera. Isukari, ibinyobwa bihingurwa na Brarudi, igitoro n’ibindi biradandazwa ku giciro kirenze. Ivyo bibera mu makaritiye atandukanye y’igisagaga ca Bujumbura. None kubera iki hadafatwa ingingo n’ingendo zibereye iyo ngeso ikaranduranwa n’imizi ?
Inama nkuru y’urwaruka mu Burundi : tuva he tukaja he ?
Kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2022, hazoba amatora y’abarongoye inama nkuru y’urwaruka ku rwego rw’igihugu. Intambamyi nyamukuru zahanze urwo rwego mu kiringo giheze, ni uko ata mategeko arugenga yari ahari kandi n’uburyo rukoresha “bwari buke cane”. None hokorwa iki kugira ivyo […]
Bujumbura: abantu bapangishije amazu barakwiye kwikubita agashi
Gupanga inzu mu gisagara ca Bujumbura ntibicoroshe. Muri ino misi, hari ingendo abapangishije badukanye yo kuduza ibiciro uko bishakiye, rimwe na rimwe bakarenza. Ugasanga ku mwaka ku mwaka baguma badugiriza ku wupanze, bikanashika ugasanga ntibanamugabishije. None ni ko vyari bikwiye […]
Kubera iki imvura igwa muci bayita igihungurabayi n’intsindagirabigega ?
Twaraye tubibonye mu gisagara ca Bujumbura (kumbure no mu bindi bice vy’igihugu vyabaye). Imvura yaraguye kandi turi hagati na hagati mu kwezi kwa Myandagaro. Bamwe bakibaza ko yoba ari “igihungurabayi”, abandi ngo ni “intsindagirabigega”. Amazina adatahuritse ku barutse ubu. […]
Imanza z’ubu: kuki zisigaye zirangwa n’utunenge twinshi ?
Kugira nk’abandi, ubutumire butagira insiguro, gutegura ibirori utagira amikoro bituma wikokora ugakokora n’abandi,… ni vyo bisigaye biranga imanza z’ubu. None vy’ukuri ni ko vyari bikwiye kugenda ? Turabire hamwe uko urubanza rugenda mu kirundi, n’igituma imanza z’ubu zita akanovera.