article comment count is: 1

Impunzi z’Abakongomani : ntitubarabe ribi, bucana ayandi

Kw’igenekerezo rya 19 Ruhuhuma, Abakongomani bashika ibihumbi 35 ni bo bari bamaze guhungira mu Burundi. Kumbure hari n’aboba baraje imbere y’igihe bari kuri urwo rutonde. Hari Abarundi boba baterekwa umuzo w’abo bavukanyi bo hakurya ya Rusizi. Hamwe ngo batuma ubuzima buzimba, bazodukwegera intambara n’ibindi. Akagohe.

Naho woba warapfuye umutima, ndakurahiye wosimba ushitse ku kibuga c’umupira w’amaguru ca komine ya Rugombo. Abantu ibihumbi n’ibihumbagiza bagandagaje ku ruzuba rumena imbwa agahanga. Inzara, inyota, imbeho n’ayandi makuba vyihaye ijambo mu bavyeyi baguye mu bana, basemagura ijuru. Bamwe baragoyagoya, abandi ukabona ko bahanga amaso icorenguka kubagarukirako batazi iyo kizanana. Abana bararira, ku ruzuba rumena imbwa agahanga. Hari mbere bamwe bamazeho imisi.

Bene Imana barafise uduhema two kwikinga, mugabo naho ubona hari utwana tuharyamye, ihema ntiribuza ko haturira. Akuya ngo dwe! Inzara mu bibondo bitazi ivyo birimwo. Akakibasha ubona gasaba ngo mfotora, gatwenga ata gahemo. Harangwa n’agahinda utereje amaso irya n’ino. Hmm ! Noneho, ababakurikiranira hafi bavuga ko abana babiri bamaze kuhasiga ubuzima!

Abasore n’abagabo ubona ko bafise imirya, baratabaza. Inzara irabazigirije batabuze amaboko. Nahora numva ngo umusore ntiyicwa n’inzara aba yishwe n’inzigo, ahari hano ho yomwica pe. Abatamakazi bo biza kwunyuka ndabarahiye.

Amahorerane…

Biragoye kubaramutsa uvuga ngo « amahoro », kuko nta yo bafise. Mugabo nta bundi buhinga, reka turamutse Solange Shakimana Mapendo. Ni umupfasoni ahumuye, wo bwoko bw’Abarundi baba muri Kongo, yivugira n’ikirundi cuzuye. Amenyesha ko hari haheze imisi amoko arabana ribi aho basanzwe baba muri Ruvungi, mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Intambara imaze gushika muri iyo ntara, yegereza aho batuye, bahavuye bayanyaga.

Akagira ati: « Twahavuye duhunga. Amasase yari menshi cane. Twaciye duhungira kuri Rusizi. ABasirikare b’Abarundi n’abakuru baratwakiriye badushikana hano ku nkambi. Twari dufise inka, impene, inkoko n’ibintu vyo mu nzu, duhunga uko. Hari n’abazimiranye n’abana babo. Hari n’abantu batwawe na Rusizi. Aha turamerewe nabi. Kuva ku wa gatanu (itariki ya 14 Ruhuhuma NDLR) turi aho, hari n’abamaze gupfa ».

Uwundi muhumure yitwa Espérance Kyubwa, arabishimimangira, akavuga ko hari umwana yapfuye kubera imbeho, bahunze batagira ico bipfuka. N’udufaranga ibihumbi 20 yagira ngo arafise, avuga ko yaciye adutanga ariha aho umukobwa wiwe yibungeze arara. Iruhande yiwe hari abatamakazi ukubitizako amaso, umutima ukanka.

“ Ruriye abandi rutakwibagiye ”

 Abavukanyi b’aho hakurya mu burengero bw’Uburundi, ntihabuze abari mu bisagara. None hari uwutarumva ngo “ inzu zazimvye gukota kubera Abakongomani batanga menshi? ” Ugasanga hari abaciye babidogera, bikavamwo kubaraba ribi. Abo turaba ribi ni impunzi.

« Ca umugani gacamugani ! Ruriye abandi rutakwibagiye ».  Reka twogere kuri ako kantu dusanga mu mayagwa y’Ikirundi, duheze dukubitize agatima mpembero kuri benewacu b’Abakongomani bari mu makuba. Ako gacamugani karadukebura. Uyu musi ruriye Abakongomani, mugabo natwe rwama rwatujwinze amenyo, mbere rukisubiriza. Ibuka ko hari impunzi ziharurwa mu bihumbi ziri muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Reka tuvuge basi ikambi y’impunzi ya Lusenda.

Uko Abarundi bahungiye muri Kongo, hari n’abandi bari mu bihugu nka Tanzaniya, Urwanda, Ubuganda, Kenya, Zambiya, Malawi n’ahandi. Impunzi si zose zija mu makambi y’impunzi, usanga abishoboye bapanga amazu mu bisagara, aho ntituvuze ko hari n’abagura inzu burundu. Abo baba bifise, mugabo uwuhunze aba yataye ivyiwe inyuma. Uwahunze aba amerewe nabi ku mutima, naho yoboneka akeye, amwenyura.

Ese twokwishira mu kibanza cabo, gutyo tukabaraba ryiza. Ntitubinube. Uwugutumbereye mutege ugutwi. Uwukeneye ubufasha mu bajejwe intwaro n’umutekano, murangire uko abigenza. Ahandi hoho, duhava dusanga turiko dutwenga uwutwawe n’uruzi natwe tutararujabuka. Ese abashonje boronka ico bafungura, ico bipfuka, n’ubuvuzi bakeneye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)