Hari ukuntu ab’iwacu baba “ruguru” baba bibaza ko tubayeho, kandi atari ko bimeze kuri benshi muri twebwe. Naho wotombora ukaba ufise abaryango babaye i Bujumbura, haguma harimwo incuti ikubona ukwo kuntu.
Deo Ndayishimiye
Blogueur du collectif Yaga
Ingendo 3 Abarundi twohindura mu kugene tubona urwaruka
Usesanguye imico, imigenzo n’imibereho iranga umubano w’Abarundi, usangamwo ibihushane injojo, hagati y’imvugo n’ingiro, ku bijanye n’ikibanza gihabwa abakiri bato. Ivyo bikaba bitabereye na gato, ahubwo bikaba bikwiye guhinduka nk’uko uyu mwanditsi abivuga muri uyu mwihwezo.
Tugwiza ububare, twibuka ko « ideni ry’inzoga ritijana »
Ku bw’uno mwanditsi, « nta kabare nta shengero ; vyose ni hamwe ». Akavuga ati : « nk’uko Reta yashizeho amategeko agenga igwirirana n’ugukora kw’amashengero, vyari bikwiye kuba gutyo no ku bubare » ; arabisigura hano.
Burundi: gusukura isura y’urwego rw’umutekano, impinga iracari ndende
Intureka zagaragaye mu mwaka w’2015 n’inkurikizi zazo vyatumye Abarundi batari bake bataraba ryiza umwambaro w’abajejwe umutekano. Mbere, bamwe bagera aho bawubona bakawuhunga. Kuva aho abatware bashasha baziye, hari impinduka zigaragaza. Ariko, impinga iracari ndende.
Entre ma mère et Angeline Ndayishimiye, qui croire ?
La fin de cette semaine a été marquée par un événement : le forum national des femmes leaders, au cours duquel la Première dame, Angeline Ndayishimiye, a secoué nos cervelles, au propre comme au figuré, par un discours résolument antiféministe. […]
Mbega ubwoko bufise ikibanza ikihe mu rukundo ?
Kuri bamwe, “nta bugeni bukwiye kuba hagati y’abadasangiye ubwoko”, ku bandi, ngo « ivyo biragahera ». None mwe n’izo mpari ziterwa n’iki ? Zizohezwa n’iki ? Mbe hoho, ikibanza c’ubwoko mu rukundo gitegerezwa kuba ikihe ? Reka tubiyage.
Akabaruwa ku mutambukanyi w’umukuru w’igihugu
Ku wa 7 Myandagaro 2020, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arategekanya ikoraniro ry’ukuyaga n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ruri mu buruhuko. Uwu mwanditsi wa Yaga abona ko ikiyayuramutwe Boost ari ikibazo nkoramutima coshirwa ku rutonde rw’ivyo iryo koraniro rizoganirako. Ari ko […]
Isuku mu gisagara ca Bujumbura : turi « abana babi »
Ukugendera ku nkengera z’imiserege ya hano mu gisagara, ni nk’inzira y’umusaraba ; kubera umunuko uturutse kw’isuku rike urangwa muri iyo miserege. Umwe wese mu bahabaye, yaba umutware canke umutwarwa, abifisemwo uruhara. Muti gute ?
Ibintu 8 tugiye kurabirako amezi 3 yambere y’intwaro ya Ndayishimiye
Ba sokuru bati : “ubuja gusha buratagata”. Ahenshi mu bihugu bitandukanye, iyo haje umutegetsi mushasha, hama haba impinduka zigaragara, maze ivyo bikabonekera mu ngingo zifatwa n’ishirwa mu ngiro ryazo. Kukaba nkako, aba azanye amaraso mashasha. Umwanditsi Deo Ndayishimiye yatororokanije ibintu bikurubikuru […]