article comment count is: 0

Amashengero menshi n’iterambere mu Burundi

Mu Burundi, abantu barenga mirongo icenda kw’ijana baremera Imana kandi bakayisenga nk’uko vy’ibonekeza ku minsi y’amasabamana. Ariko rero umuzo w’amashengero menshi hari benshi bawunegura kuko uhakwa kutorohereza iterambere ry’igihugu. Oscar Niyonkuru aratuyagira ukwo abona ibintu aho aherereye akagirako aterera n’ivyiyumviro vyokorerwako kugira vyose bigende neza.

Muri ino myaka amashengero aguma arwira cane mu Burundi. Amatohoza yerekana ko amashengero arenga 600. Iryo rwirirana ryatanguye kwibonekeza cane mu gihe c’intambara. Kubera ubwoba, inzara, eka n’umwiheburo, abantu babona ko ubukiriro bwabo ari ukwihereza Imana. Amashengero rero yarafashije cane mu kuremesha abantu. Biciye mu matangazo, amashengero nka Katorika, Anglikane, ndetse n’ayandi, yaratereye ivyiyumviro Leta mu ntumbero yo kugarukana amahoro. Igihe c’inyuma y’intambara, amadini yagumye arwirirana. Icibonekeza uyu munsi, n’uko amadini menshi atubahiriza amategeko. Aha twovuga nk’ibibanza yubatsemwo, amasaha yo gusengerako eka n’inyigisho zimwe zimwe zihatangirwa.

Uko bimeze mu gisagara ca Bujumbura

Utembeye mu gisagara ca Bujumbura, biraboneka ko hubatse amashengero menshi. Ibice bibamwo abantu babayabaye ni vyo uyasangamwo cane. Nta metero 50 wotambuka utarabona ahubatse urushengero. Henshi usangayo abantu nka 20 gusa. Igitangaje, n’urwamo rw’indirimbo uhasanga bivuye ku vyuma biduza amajwi bakoresha. Ikindi umuntu yomenya n’uko benshi bubaka bidaciye mu mategeko. Akarorero ni nk’amashengero usanga ahagatiwe n’amazu y’abantu. Hariho n’abandi usanga basengera mu ngo z’abantu. Ibikorwa vy’abahasengera ntivyorohereza abasanzwe bahegereye. Nk’iyo umuntu aruhutse ku murango, akangurwa n’urwamo rw’ingoma n’indirimbo. Aho ntiturinze kuvuga abafise abana bategerezwa kuryamika ku murango.

Zone nsanzwe mbamwo, irimwo amashengero menshi. Inzu mbamwo, ifatanye n’urushengero. Inyifato y’abahasengera ntimpumuriza na gato. Nta munsi basiba gusenga. Kenshi batangura mu gatondo gushika isaha zitandatu canke bakabandanya no ku mugoroba. Rimwe rimwe barara barasenga bugaca. Umugore umwe asengerayo yambwiye ati: «Nsanzwe nsengera mu rindi dini, ariko hagati mu ndwi, nshima gusengera ngaha». Ndamubajije nti ko kuza gusenga iminsi yose ata ngorane bimutera mu muryango, yambwiye ngo: « Umugabo wanje yambwiye ko ngarutse ngaha azonyirukana ariko mpengera agiye ku kazi nkaca niyizira». Tuvyihweje neza, dusanga amadini menshi ari intambamyi kw’iterambere ry’umuryango ndetse no ku gihugu muri rusangi. Abantu benshi usanga birirwa gusenga ntibaronke umwanya wo gukora ibindi bikorwa. Ikibabaje n’uko batashe bakenera gufungura. Mbega hamwe twese twofata iyo ngendo, igihugu cokorerwa na nde? Turasenga turasenga ariko igikorwa cose kigira umwanya waco.

Akamo ku barongozi b’amashengero hamwe na Leta

Abarongozi b’amashengero barakwiye kumenya ko ibikorwa vyabo bitagarukira ku gusenga gusa. Igihe cose tuzoba tukiri kw’isi, tuzokenera kubaho. Kugira bikunde, dutegerezwa gukora tugatera mbere. Ivyo na vyo ntibikunda mu gihe twama twiyugaraniye mw’isengero.  

Kugira habe umubano mwiza, abasenga bakwiye kugabanya urwamo cane cane mu masaha yo kuruhuka. Gutyo, umuntu akaruhuka neza hama agasubira ku bikorwa vyiwe .Abasenga barakwiye kandi kugabanya uwanya n’iminsi vyo gusengerako. Ivyo vyotuma umuntu wese aronka umwanya wo gukora utwiwe ahejeje akaja gusenga.

Leta na yo nyene irakwiye gusuzuma neza ibibera muri ayo mashengero. Basanze hari abakora nabi bakabahagarika. Leta irakwiye kandi guhimiriza amashengero yose kwitaho ibikorwa vy’iterambere. Gutyo, amashengero azofate iyambere mu kubohora imitima no mu guteza imbere igihugu na kare ngo nta kwemera kutagira ibikorwa.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion