Si rimwe si kabiri, iryo bara ryama ryaguye. Gusa, ntibikunze kuja ahabona. No muri kuno kwezi vyarabaye. Hari abiyita abakozi b’Imana usanga bari mu vyo gufata ku nguvu abo bosengeye. Uno mwigeme Kamariza* ni umwe mu bo vyashikiye. Aratwiganira ingene […]
Amadini
Acher Niyonizigiye: “ Si abarongozi bose bakomoka ku Mana ”
Hari abantu benshi bisunga ijambo ryo muri Bibiliya rivuga ko “ata kuganza kutava ku Mana”, maze bakabeshera Imana ko ari yo yabahaye umuhamagaro wo gukora ibintu kanaka. Ku vy’ukuri, iryo jambo si ico risigura. Abarongozi bose tubona aha kw’isi ntibava […]
Ukurongora ku mupatiri ni nko «kumira igikoba utasezeranye n’umuhogo»
Mu kwezi guheruka, kuri uru rubuga rwa Yaga, haraciye igisomwa kibaza igituma abapadiri bo mu Burundi batorekurirwa kurongora. Ukugira abahabara n’ukuvyara abana mu mpisho, bikaba ari vyo vyashimikiweko nk’imvo. Vyatumye nja kubaza ico abapatiri n’abepiscopi b’i Burundi babivugako; bati: “ico […]
Kuki abapatiri bo mu Burundi batorekurirwa nabo kurongora ?
Kw’igenekerezo rya 27 gitugutu 2019, Papa Francisco yaremeye kwiga ingingo irekurira abagabo bubatse, mu mareta agize akarere ka Amazonie muri Amerika, gushobora guhezagirwa mu mabanga y’ubupatiri muri Ekleziya katorika. Nimba koko bishoboka ko umugabo yubatse arangura iryo banga, habuze iki […]
Ngozi : ikanzu n’ijipo ngufi, ipantaro itabutse, zirabujijwe mw’isengero
Mu ntara ya Ngozi, muri paruwase y’iyo ntara nyene, patiri mukuru aheruka gufata ingingo ibuza abakirisu kuza gusenga bambaye inyambaro zimwe zimwe. Spageon Ngabo akabona ko iyo nzira patiri mukuru yakoresheje itarashe.
“Gukorera Zabera”: iyo vyaturutse
Ni benshi mu Barundi bakoresha imvugo ngo “kanaka yakoreye zabera”, canke mu kuramukanya ukumva bagira bati: “ndabutakamvye nyakubahwa”. Ariko si bose bazi iyo vyazananye. Ndereyimana Félix arabituyagira.
Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?
Amashengero, mu Burundi, ni kimwe mu bintu bikora ku buzima bw’abantu mu buryo bwinshi. Hari abayajamwo kugira biyegereze Imana, n’abandi bayajanwamwo n’inyungu zitandukanye. Ni naho abantu benshi bahera bakibaza niba irwirirana ry’amadini ryoba vy’ukuri rishingiye ku kwemera. Ariko Thaddée Niyirora […]
Abakozi b’Imana baracizewe nka mbere ?
Muri rusangi, amashengero afise uruhara runini mu buzima bw’ibihugu n’abakibamwo. Ariko rero, bamwe bamwe mu bayarongoye, ari bo bakozi b’Imana, barikika mu kiza maze bagakora ibitajanye n’ivyo biyemeze nko kuremesha igihugu c’Imana mu gusanasana no kuremesha imitima. Vincianne Nizigiyimana aribaza […]
Ni kuki tubwirizwa gusengera indongozi z’igihugu ?
Abantu bakunda gusenga, eka mbere n’abasenga gake, barazi neza ku mu biringo vy’amasabamana harimwo igice cahariwe gusengera imirwi mikuru mikuru y’abana b’Imana. Muri iyo, havuye umurwi w’abarongoye ishengero, haza abarongoye intara n’ibihugu. Ivyo bikatwereka ko tubwirizwa na ntaryo gusengera indongozi […]