Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.
Ivyapa vyo mu bibanza rusangi
Uriko uragenda mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ubona nyinshi mu nzandiko ziranga inyubakwa rusangi, iza reta, iz’abikorera utwabo, amashengero,… zanditswe mu gifaransa canke mu congereza. Aho rero, ibice 97% vy’Abarundi baravuga ikirundi. None izo nzandiko ziba zigenewe bande? Kuki hatoshigwa imbere ururimi rworohera benshi?
Nk’akarorero, umutama yize yaga mukama, yumvise itangazo mw’iradiyo ati: “ku bitaro kanaka, haje abahinga bavura amaso ku buntu”, ashitse i Bujumbura, azohatora gute, ko mu bwinjiriro bw’ivyo bitaro handitse igifaransa? Muca muvuga ngo “azobaza abahazi”? Kubera iki none?
Ikibanza c’ikirundi mu nteguro z’ivyigwa mu mashure
Mu myaka y’1973, hariho umugambi w’ukwigisha mu kirundi gusa mu mashure mato mato. Yamara kuva mu 1992, hatangujwe ivyo ukwigisha izindi ndimi. Uko zigwirirana mu mashure, ni ko ikibanza c’ikirundi gitakara. Mu bisata nka vyose vyo mu mashure yisumbuye, kiretse ko ivyigwa bitangwa mu gifaransa, ikirundi gifise amasaha make; ugereranije n’ibindi vyigwa.
Muri kaminuza ho, uwutagiye mu gisata c’indimi, ntaho basubira guhurira n’ikirundi. Abize muri ivyo bisata vy’indimi baraduhishutse ko indimburo y’ikirundi bayiga mu gifaransa.
Burundi bw’ejo butazi ikirundi
Mu miryango imwe imwe yifise, mu bisagara, ukutamenya ururimi kavukire bifatwa nk’ubusirimu. Umwana ashirwa ku mashure yigisha mu gifaransa gusa canke mu congereza, yataha akaganirizwa muri izo ndimi nyene; inakuru yava ruguru ntashobore kuyaga n’umwuzukuru kubera badahuje ururimi, kandi bose ari Abarundi baba mu Burundi.
“Indero iva hasi”; Abo bavyeyi bari bakwiye kumaramazwa n’uko abo bibarutse bitwa Abarundi batazi ikirundi. Birakwiye ko umwana amenya izindi ndimi ariko hatirengangijwe urwo igihugu c’amavukiro.
Amategeko atugenga tudatahura
Integuro, itorwa n’ihinyanyurwa ry’amategeko riba mu gifaransa. Iyo bibaye ngombwa, bivanye n’imigambi ya reta, amwe muri ayo mategeko arahindurwa mu Kirundi.
None ko atawiregura muri sentare ngo “sinari nzi ko iryo tegeko rinyagiriza ribaho’’, ubwo mu kwandika ayo mategeko mu ndimi z’abanyamahanga, ababijejwe boba biyumvira ku munyagihugu azogengwa n’ivyo adatahura ?
Imigambi itava mu nyandiko
Mu 2007 reta yarashizeho umugambi w’inyigisho z’ugukunda igihugu. Uwo mugambi ushimikiye kw’ishingwa ry’urwego rujejwe gukingira n’uguteza imbere ikirundi, itororokanywa ry’ivyanditswe mu kirundi hamwe n’ugushinga kazinduzi y’ikirundi, naho tumwe tumwe muri utwo twigoro twakozwe.
Nayo, Ntahonkiriye Melchior, umwigisha muri Kaminuza, ati: “ Nta bifadika bidushira mu ngiro birakorwa. Inyuma y’imyaka 12 uwo mugambi ugiyeho, harageze ko uva mu nyandiko ukaja mu ngiro.”
Vyari bikwiye koko ko tubona ikirundi kururimi rwacu kuko nitutarukunda ntamunyamahanga azorundukundisha.
Biteye isoni mugenzi. Jewe nize IPA Anglais-kirundi, ndavye ururimi rw’ikirundi uko rwigishwa novuga ko bidashemeye kuko rwigishwa mugifaransa. Birakwiye guhinduka n’ukuri.
Nka twebwe turi mu mahanga twavyariyeyo abana harigihe uja kungurukana bumenyi urondera inyigisho zofasha abana kumenya ikirundi usanga ari nke .
Kubwanje niyumvirako atari ukudakunda ikirundi ariko ni u kugira nabanyamahanga bameny ibikorerwa mwico kibanza
Ndakunda ivyo mwandika, yamara umwihwezo mugira ntiwimbitse.
Ikirundi ni ururimi rwacu kandi dukunda yamara ruvugwa aho iwacu gusa.
Ni vyiza ko tuciga tukakinonosora. Yamara Ikirundi gusa codushikanahe?
Ntigikoreshwa mu buhinga kandi izindi ndimi zo hanze ziza zikizingamika.
twirukira icongereza, igifransa, igiswahili…kubera ico tuzizeyeko.
Amategeko yonyene ntakwiye, abashakashatsi n’inzego ziteza imbere ikirundi zirakenewe.
Mwavuze ikirundi mwibagiye n’imigenzo bijana…
Oya Joy nukudakunda ikirundi Kuberiki Batovyandika Ubwambere Mukirundi hanyuma hagakurikira izozindi Ndimi Mvamahanga hama vyongeye abobana nabo batazikirundi ngonubusirimu si abavyeyi babo Babituma?
Commentaire *muradyosha amajambo ivyandiko vyanyu sindabihaga mukubisoma