Ukwezi kwa Kigarama twaraye turangije kwaranzwe n’itangwa ry’impapuro z’umutsindo ku mashure yisumbuye amwe amwe. Naho abantu baba banezerwe cane igihe co gutora urwo rupapuro, hari akantu kagihaze. Urwo rupapuro, ku wugize Imana mbi rukamutakarana, kuronka uko arusubiriza ni amananiza. Gasupari […]
Ivyirwa
Ikirundi si ururimi rukenye: habe na mba!
Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.
Ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi badakunda ikirundi
Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.
Ingene ihiganwa ry’ukwandika Rumuri riteza imbere abaryitabira
Haraheze imyaka ishika kuri ine ihiganwa ry’ukwandika ryitiriwe Rumuri rivutse. Iryo higanwa ryugururiwe abanyeshure bose bo muri za kaminuza aha mu Burundi ngo riratera iteka abaryitabira bose nk’uko tubiyagirwa na Aminadab Havyarimana inyuma y’ikiganiro yagiranye na bamwe mu bagiye bararonka […]
Burundi: ng’uku uko umugabo w’ubu akwiye kumera mu rugo
Uko ibihe biha ibindi, umugabo w’umurundi ngo agenda ahinduka mu nyifato yiwe mu rugo. Déo Ndayishimiye aratwiganira uko abibona mu kibano, agashimikira ku gishingantahe c’umusore Samweri Kajuru.
Abakurambere ni “karahara mu ruganda ntibacura”
Iruhande y’ugukingira ibidukikije, ukugwiza umwimbu n’uguteza imbere igisata c’imibano, akaranga n’imico kama ni inkingi ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Kubwa Egide Nikiza, « ico gisata ntigishobora gutera imbere inararibonye zidahawe ikibanza kizikwiriye ». Arabisigura.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.
Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !
Ko abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu batigishwa ikirundi ngo n’uruhombo runini cane. Muganga Laurent Niyonkuru aheruka kwandika igitabu cofasha mw’ico gikorwa. Rivardo Niyonizigiye aratuyagira kuvyo yiganiwe n’uwo mwanditsi.
Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?
Amashengero, mu Burundi, ni kimwe mu bintu bikora ku buzima bw’abantu mu buryo bwinshi. Hari abayajamwo kugira biyegereze Imana, n’abandi bayajanwamwo n’inyungu zitandukanye. Ni naho abantu benshi bahera bakibaza niba irwirirana ry’amadini ryoba vy’ukuri rishingiye ku kwemera. Ariko Thaddée Niyirora […]