article comment count is: 23

Vy’ukuri abami bavukana imbuto ?

Mu Burundi, vyari bizwi, birigishwa mu mashure eka mbere abantu benshi baranemera ko abami bavukana imbuto. Ariko rero, aho intwaro ya cami ihaviriye, kumbure n’igihe yari ikihari, abantu bagumanye amakenga bibaza niba kwari ukuri. Vyaratevye birahinyuka ko yari amayeri y’umuryango umwe kugira ugumye ubutegetsi bw’igihugu nk’ukwo Apollinaire Nkurunziza abituyagira.

Kuva Uburundi bwitwa Uburundi gushika mu myaka ya 1960, bwamye butwarwa n’abami. N’ukuvuga kuva kuri Ntare Rushatsi Cambarantama gushika kuri Ntare V.  Abo nabo bakaba barakuranwa ku butegetsi. Nti kwari ugukuranwa ahubwo kwari ugusubiriranira kuko umwami yaratanga agasubirirwa n’uwundi abanje kwitaba Imana. Uyo rero mu gupfa ngo ntiyicwa n’indwara canke n’izindi mpanuka, ariko ngo amenye ko umwana azomusubirira yamaze gukura yaca yiha ubuki hanyuma agapfa. Ubwo buki rero ngo nti bwari burya bw’inzuki tumenyereye, ahubwo ngo ryari ishano yanywa agaca acikana. Uyo mwana  rero ariwe samurarwa agaheza agashikira ubwami.

Ukwo uyo mwana yatorwa

Umwana azoba umwami ngo ntiyavuka nk’abandi bana bose. N’ubwo yaba yavutse mu muryango urimwo abandi bana, yari afise ikimenyetso yisangije caranga ko ari umwana azoba umwami. Ng’uyo mwana  yavukana imbuto z’amasaka mu ntoke. Nk’ukwo bisanzwe, umwana wese, akivuka aza apfumbase intoke. Iyo rero umwana wo mu muryango w’abaganwa avutse baramupfundurura intoke kugira barabe ko yavukanye imbuto. Gutyo bakamenya ko azoba umwami canke atazomuba. N’ubwo mu muryango havuka abana cumi hategerezwa kuvamwo umwana umwe gusa avukana imbuto. Vyumvikana ko umwami yategerezwa kuba umwe mu muryango wose.

Uyo mwana yavukanye imbuto amaze kumenyekana ngo ntiyarererwa hafi y’umwami. Igituma ngo ni uko ata bami babiri babangikana. Baca bamujana kumurerera kure yo ku kirimba akazokurirayo. Umwami yaza arabaza ko umwana yakuze. Amaze gukura, kugira umwami abone ko hageze ko atanga igihugu yahonyoza ikirenge mw’ifu y’umwumbati hanyuma incoreke ziwe zigashira ayo makanda umwana wiwe kugira ngo ageremwo ikirenge. Basanze bahuje ikirenge na se, baca baza kubwira umwami ko hageze ko yiha ubuki.

None  nta bana bakivukana imbuto?

Kuva mu myaka ya mirongo itandatu, intwaro ya Republika imaze gushika, ntihasubiriye kuvugwa abana bavukana imbuto. Ivyo bigatera amakenga abatari bake, na jewe ndimwo, bibaza igituma ubu ho ata bana nk’abo bakivuka. Ariko narashoboye kubironkera umuco n’insiguro bikwiye.

Nyakwubahwa umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yariko agirisha ibiyago abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ahora arababwira ko nawe yagize ico kibazo, hanyuma igihe kimwe aja mu ntara ya Muramvya, izwi ko ari yo yavukamwo abami, arabaza ko ata mwana arahavuga afise imbuto mu ntoke inyuma y’intwaro ya cami. Ngo baramuhakaniye. Ahareza arasigurira abo banyagihugu b’i Ngozi ingene bwari uburyo bwatowe n’umuryango umwe bwo kuguma ku butegetsi kugira ngo intwaro ntiyigere ihinduka. Ati : « Ntivyumwikana ko kuva ico gihe abana bagumye bavuka ariko gushika ubu ata n’umwe arasubira kugira ayo mahirwe ». Ikindi naco n’ukwo ryari ikumira rishingiye ku gitsina kuko ngo nta mukobwa yigeze avukana izo mbuto uretse umwana w’umuhungu gusa.

Ukuri n’ukuhe ?

Abantu, babikurikiranira hafi, barasigura ko umwana azoba umwami yamenywa na nyina wiwe. Muti vyagenda gute ? Iyo umwamikazi yipfuje ko umwana wa kangahe aba ariwe azoba umwami, bahengera umwana akivuka bagaca bamupfumbatisha imbuto mu ntoke kugira ngo abantu nibaza kumuraba bapfundurure mu kiganza bazisangeyo. Ivyo navyo vyari vyoroshe kuko atari umuntu uwo ari we wese yashobora kwegera aho umwamikazi yibarukira. Maze bikaguma mu mabanga yabo imyaka yose !

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (23)

  1. Mbega imbere ya NTARE RUSHATSI Cambarantama Uburundi ntibwatwarwa? Nivyo ntibwatwarwa n’abami nkabahavuye babutwara uhereye kuri CAMBARANTAMA ( ikinjana ca 17) ariko hariho abatware babazwa ibihimba vyari bigize igihugu….Aho twovuga nk’abahungu ba NTWERO, aribo NSORO na JABWE. Kandi ikindi nuko Uburundi ico gihe bwari bufise uburinganire butoyi..Cari igihimba co hagati n’amaja epfo tugerageje kugereranya…Uratohoza neza bimwe bimwe mu vyo wanditse na cane cane umurikirwe gose na kahise……..

  2. Ikindi naco, ijambo wakoresheje ngo  » n’amayeri kugira umuryango umwe ugume ku butegetsi » wakoresheje, ndibaza ko iyo uza kuba wabajije abize kahise utari kuvyumva uko wavyanditse. Nivyo ku’uvyukuri nkuko wabivuze nta mwana avukana imbuto. Ariko ntiyari amayeri kugira umurango umwe wigumanire intwaro. Mu gifransa novuga ko » c’était leur façon de légitimer le pouvoir comme on le fait maintenant par l’élection ». Kwari kugira berekane ko ubutegetsi umuntu atabwiha ariko abuhabwa n’Imana yo mwijuru….Ntiyari amayeri rero….Muri iki gisomwa cawe novua ko wabuzemwo ico twokwita « recul à travers l’histoire » mu ntumbero yo gutahura neza ivyo wanditseko……

    1. ariko nabantu baho hambere fyari ibijuju naje nari kumwibaruka nkamupfumbatisha izo mbuto agaheza akab umwami nn hari mpaka umwami ave mubami nyene ntawundi muntu yashobora kwibaruka umwami?

  3. Nibazako Yaramanyanga Yabakirizi Bakora Muricogihe Kuko Ntivyumvikana Barazimupfumbatisha Kugira Ubutware Bugume Mumuryango Umwe

  4. Kuva kera abarundi bamye arabanyabwenge gusa ibi bituma nibaza nti mbega niba atabakizivukana ryoba ryabaye ihinduka ryibihe? mbega ubuho niyihe ntumbero tubayemwo?

  5. Birigishwa Kandi Bikavugwa Yuko Abami Bavukana Imbuto Muminwe Ariko Sivyo Kwari Ukwanda Abandi Ko Botwara Nabo.Ariko Utabeshe Ntasumira Umwana Reka Mbona Nubu Ariko Bimeze Bareka Kuvukana Imbuto Ariko Benshi Bemeza Ko Imana Ariyo Itanga Ubutegetsi Ntibahe Abandi Ngo Batware.Wumva Nawe Hatakiriho Agahaze?

  6. Commentaire *egide nashaka kumubwira ko atar vyiza kwihuta kubona amakosha!Igikur nawe wokwandika kugira twebwe ataco tubiziko tukamenya vyinshi!Mwotubwira ivyerekey ibigabiro vy’abami muburundi?