article comment count is: 4

Urupapuro rutoroshe kuronka

Mu Burundi, abantu bamaze gusaba akazi ka Leta canke bakarondera izindi mpapuro zikomeye mu biranga ubuzima bwabo, hari urupapuro rudahara muri izo. Urupapuro rwerekana ko umuntu ataronderwa n’ubutungane ruri muri zimwe iyo uzironse wiruhutsa. Urwo rupapuro, kugira ururonke utegerezwa kwihangana kuko usanga ukoresheje umwanya n’uburyo birenze urugero nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.

Muri iyi minsi, inzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi zatumyeko bashasha bipfuza kuzinjiramwo. Mu mpapuro basabwa harimwo urwemeza ko ata butungane buriko buragukurikirana kubera ivyaha wakoze. Urwo narwo ntahandi rutangirwa atari mu gisagara ca Bujumbura gusa, mu gipolisi kijejwe kugwanya amabi. Ico naco gisanzwe gikorera mw’Ijabe. Muri izi ndwi zibiri rero, abarondera urwo rupapuro ni benshi cane ku buryo umuntu ashobora kumara indwi arurondera atarashobora kururonka. None kuki urwo rupapuro rugoye ironka ? Vyoba bituruka kuki? Hokorwa iki kugira vyorohe kururonka?

Ibiro bijejwe gutanga urupapuro rwemeza ko umuntu atariko araronderwa n’ubutungane bikunda kuba vyugarijwe, cane cane mu gihe c’iyandikwa ry’abanyeshure baje gutangura ama kaminuza. Muri iyi minsi naho vyugarijwe n’abagomba kuja kwiyandikisha ngo binjire mu nzego z’umutekano n’izo kwivuna abansi. Ubu rero, abatari bake, bivanye n’ukwo baba mu ntara za kure y’igisagara kandi bakaba bugarijwe n’ubukene, bashima gutuma abasanzwe baba aho mu gisagara. Nanje rero ndi mu batumwe muri ubwo buryo.

Ukwo nasanze ibintu vyifashe kuri ivyo biro

Kuvy’ukuri, ndavye uburuhe nakuye mu kurondera urwo rupapuro, ndumva uwosubira kuntuma vyongora kumwemerera. Umve namwe, natanguye kururondera ku munsi wa kabiri ariko nagiye kururonka kuwa kane. Icantangaje ni uko hariho uwaza ubwo nyene agaca agenda aruronse kandi atakanya kanini kahaciye. Mbajije buke buke, nasanze muri barya bapolisi batobato harimwo abapfumbatishwa, guhera ku bihumbi bibiri gushika kuri bitanu, kugirango uwururondera yihuta bamufashe. Jewe narihanganye, ndarahira ko atayandi mahera norutangako.

Ariko rero, hariho vuga na hora. Nariko ntera inkuru n’uwundi muhungu ambwirako yaje ava mu Rutana. « Yambwiye ati: Jewe maze indwi yose ndarurondera ariko ntarwo ndaronka. Nzindukira ngaha, nkirirwa ubusa, ariko nkarinda ntaha ntaruronse. Mbere naho natse indaro ndabonako nsigaye ndi nk’umutwaro kuri bo. Numva ishavu ryanyishe kuko ntivyumvikana ukuntu notondera urupapuro rw’igihumbi indwi yose! » Aho naho ntavuze imyidogo yari yuzuye abandi waguma wumva ngaho.

 None hokorwa iki?

Vyari vyaravuzwe ko Leta igiye kuraba ukuntu hoshirwaho ibindi biro hagati mu gihugu bijejwe gutanga urwo rupapuro. Ariko rero ntibiraja mu ngiro. Ico mbona n’uko twosaba ababijejwe bakanyarutsa uwo mugambi kugira ngo abakeneye urwo rupapuro hamwe n’izindi nka rwo bazironke vyoroshe kandi bitabasesaguje cane. Kuko nko gukoresha itike y’ibihumbi mirongo itatu uje guhiga urupapuro rw’igihumbi kimwe birababaje! Hamwe vyokorwa, vyotuma kandi abahora bapfumbatishwa babura aho bamenera kuko rwoba ruboneka ningoga. Muri ico gihe, nta bwinshi bw’abarurondera bwoba bucibonekeza hama abarukeneye bakiruhutsa.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Harabayemwo gushikuza ntamuntu yaza ngwagende arutahanye. Ndi mubatanze 5000 ariko narutondey kabiri. Iyo 5000 yagufasha kuronka fiche iyo wihuta ariko uwo mupolisi mutomuto ntabubasha yarafise yugusunika ngo rusinywe ningoga. Vyakunyarukira mwidepoza ibisigay warindira mubandi

    1. birashoboka j naj ndi mubaj mbere betevy 11h bugara 11h30 ariko basubiye kwugurura 14h nitw twatanguy kuronka twari tw twatangiye hamw 3000 turi 3 nyene (donc 1000) hari 2013 peut etre ko ubu badugije

  2. Ahaaa! Kubwanje igihe iyo ngingo itarashirwa mungiro ngo haboneke ibindi biro, mbona ko ntotakaza umwanya ahubwo noriha ako kanoti maze bikanyaruka. Erega haraho umuntu arurondera vyihutirwa adashobora kurindira iyo misi itatu!!!

  3. Nta kigenda wangu!Na karangamuntu nayitayeyo!Mbega kuber’iki batobishira muri za mudasobwa hoho,hanyuma bikanyaruka?!Kandi nta cari kivunanye ku kintu nkenerwa nka Déclaration,kuk’amahera yo kubikora yova harya nyene!