article comment count is: 0

Ubugeni bwo hambere bwagira imihango myinshi

Ugishinga umuryango n’ibanga rikomeye, haba ku muhungu canke ku mwigeme. Kera, iryo banga ryaritonderwa, rigategurwa umwanya ukwiye. Aho rero niho umuhungu yitora akaresha umukobwa hanyuma bagapfundika kwubakana. Ariko rero, ubugenzi bwo mu bihe vya none busigaye butangaje kuko, haba mu kubutegura canke no mu rubanza rwabwo, busigaye bumara akanya isase nk’ukwo Yannick Ndayisaba abituyagira.

Mu mico y’ikirundi, ubugeni n’urubanza ruhuza imiryango ibiri. Umuryango w’umuhungu n’uwo umukobwa. Mu rubanza nyezina, imiryango iraronka akaryo ko kwiginana, ikishima ikishimiriza, igatera impundu ibibondo vyubakanye ikongera ikanabatekerera impanuro. Ariko rero muri bino bihe, ibintu bigenda birahinduka.

Ukwo kera bitegurira gushinga urugo

Muri kahise, umuhungu yaritonda akabanza akagenzura imico n’imigenzo y’uwo bagiye kwubakana. Hanyuma yamara kugira uwashimye agategura urubanza rw’iteka nk’ukwo Umuririmvyi SHUNGURA Pancrace abiducira kumayange muri imwe mu ndirimbo ziwe:

[…]Akazuba karasiye kunama ancira kumayange ikimuriza. Ntewe muhungu ntugahunge uhumye, umuti w’itiro s’utuyoga. Ntuze ugende wasamye nk’umwana ataronse udusigazwa. Fata akayira uje kwisumamwo. Uhengereye ugwijije wicare ubaze umutima. Ugatereza amaso kumurambi uzobona utunyana tunyuranwa. Ntuze ugashime nziza utazi icirisha. Ubanze witonde uyiragire. Niwabona inyananyana, tereza amaso kumurima, niyaja kwona uyigarure. Niyaguca mu ryahumye kazoba ariko kageso. Ukabona agatima kayishimye, shikiriza umuvyeyi agashikanwa uti “je narambiwe na ca kirambi”, azoca agenda kugusabira[…]

Ukwo vyifashe muri ino minsi

Ntawobideha, muri kino gihe, iyo migigwa yaratitutse. Kuva aho umutekano utanguriye guhungabana mu Burundi, ntamwanya wo kuresha ukiboneka, ndetse n’ibibanza vyo kureherezamwo ubu biracunzwe. Uwo bikundiye aravyihwaba bigishoboka. Wa muririmvyi ati “nturare utarivuze”, yemwe eka abasore b’ubu turahanzwe. Kurivuga n’igikogwa kitoroshe. Gisaba kuzungurutsa ururimi incuro mirongo irindwi n’indwi, ukambaza Rugiravyose canke Kiranga ngo akumurikire uvuge ibiroranye. Bisaba guhanuza abaryango n’abagenzi ugatako ntiwigere uceregwa kwumviriza “ Nomukura he” canke “Zinduka”. Ariko iyo ubonye amahigwe yo gukinjura atera agwira, ukaba uzi ko umuryango w’umukobwa utari buguhe umwana wabo mutaraganye kandi utari bunamusige ngugende wenyene, urarya umutima amenyo ukarivuga ibisigaye ukazovyiga ari i muhira iwawe.

Umwigeme asabwe ijambo nawe mu ndero rupfasoni yabanza gufata akanya akaja guhanuza akongera akabaza umutima. Yakubwira ko agiye kuvyiyumvira azoguha inyishu. Ihibambe we! Uwo mwiherero ntukibaho. Imisore isigaye ifise igihe co kubaho kiri kurushi. Uwurikubwiye ntakuvanaho mudashinze itariki y’urubanza ahandi ho womubura aho wamubonye.

Mbega imanza z’ubu zikorwa gute ?

Imico n’imigigwa y’urubanza rw’ubugeni irigisha cane urwaruka rugikura. Niho havugigwa amajambo y’inkoramutima maze abakiri bato bagashobora kuhigira kuvuga ijambo. Ariko ubu, ugira uracicara ukumva amajambo yose badudurirako. Uwuzi kuvuga ijambo muri ino minsi n’uwusongora kurusha uwuryohora. Ufashe ijambo ugatangura kuvuga ivy’inka muntu usanga mu rubanza hasigaye igice c’abaje gushingira. Kugaragaza akanyamuneza mu majambo vyataye igihe. Ubu ngo n’ukukerekanira mw’ibahasha kugira bacunguze umwanya umwete.

Ico twari dukwiye gutahura kandi tukarondera

Urubanza rw’ubugeni novuga ko ari intambwe imwe muri zitatu (ivuka, ubugeni, urupfu) nyamukuru mu buzima bw’umuntu. Yaba umuhungu canke umukobwa, ako kanya yari akeneye kugategura atekanye mu mutima kuko ni wo munsi uryoshe abona n’amaso yiwe muri iyo minsi itatu. Ubu rero, tuvyihweje neza, Abarundi ntibakiryohergwa bikwiye uwo munsi. Bisa nk’ukwo bawurunguruka gusa. Vyari bikwiye ko abantu basubira kuryohora uwo mugirwa kugira ngo urwaruka ruhigire imico n’akaranga vy’igihugu cacu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion