article comment count is: 6

Kwibarutsa umuvyeyi : ingendo zine dukwiye guheba

Iyo umuvyeyi yibarutse, umuryango, ababanyi n’abagenzi barakurakuranwa kumwibarutsa. Hariho ibintu bine bikunda gukorwa nk’ibisanzwe muri uwo mugirwa mwiza, ariko bishobora kuba inkwezi y’amarere, ku buryo dukwiye dukwiye kuvavanura na vyo.

Bamwe bati: “Simba imanga”, abandi ngo: “Uragakira muvyeyi”. Ayo majambo n’ayandi menshi asa n’ayo aravugwa kenshi mu baje kwibarutsa umuvyeyi. Uko kwigina ikibondo gishasha, n’ugukeza umuvyeyi, biherekezwa kenshi n’ingendo zimwezimwe twagiye turahanahana uko imyaka yagiye iragenda. Ariko ikibabaje, hari aho usanga izo ngendo zidashingiye ku kuri, mbere zigashobora kugirira nabi umuvyeyi, umwana, n’igihugu cose. Muti ni izihe ?

Akayeri kazana amaberebere ?

Ivyo biragirwa cane. Ndetse kenshi, ako kayeri bakamusanza mu bitaro, akanagashikirako akiva aho yibarukiye. Ababikora bakavuga ngo ni ko kazana amaberebere. Ubona ko n’umwana aba ayakeneye muri uyo mwanya. 

Ariko rero, iyo ngendo iriyamirizwa n’abahinga banonosoye ivy’amagara y’abantu. Muganga Eric Manirakiza asigura ko kunywa inzoga atari vyiza ku mukenyezi ahejeje kwibaruka. Kukaba nka ko, iyo nzoga irashika mu maberebere, igashikira umwana ari nk’ubumara iyo yonse, kubera ataba aragira abasirikare bakwiye n’ibihimba bikomeye vyo kuyisohora, bigashobora kumugirira ingaruka mbi kw’ikura ryiwe.

Inzara yo mu kiriri

Umengo ni umugenzo. Uwuje kwibarutsa wese aza yikoreye ibifungurwa, maze abaramiye umuvyeyi bakamuhatira gufungura kenshi gashoboka ngo ni ho yogwiza amaberebere. 

Aho rero anabifungura aguma aryamye mu kiriri. Ni ho kenshi, mu misi mikeyi, umukenyezi yibarutse wamuheruka afise ibiro mirongo itandatu, umusangana ibiro mirongo umunani. Muganga Manirakiza ati: “ Ivyo biro vyongerekana gutyo bishobora gukwega akarambaraye nk’indwara z’igisukari canke z’umutima.” 

Kubw’uyo muganga, umukenyezi yibarutse ntiyoca afungura uko atahora, ngo yogumiza ugufungura gatatu ku musi, ariko agafata imfungurwa ziri mu migwi y’imfungurwa zose, atibagiye ivyamwa n’imboga, ukunywa amazi akwiye, n’ukutaguma aryamye ariko akaza aranyuzamwo agendagenda nk’uwugira imyimenyerezo ngororamubiri.

Guhurumbira kuraba umwana ukibagira nyina

Umuvyeyi akiri mu bitaro, canke muhira, uwuje wese kwibarutsa ashika ashaka kuraba umwana, guterura umwana, ukamengo nyina ntaboneka. Usanga atitaweho, atawumubaza uko ibise vyari bimeze, nimba vyaramworoheye kwibaruka canke nimba abaganga baramwitayeho neza. 

Kenshi, canecane ku bibarutse imbanyi ya mbere, uko kutitabwaho hari abo bitera kurwara agahinda, bigashika mbere bagatangura n’ukwanka uwo bibarutse kuko baca bamubona nk’umukeba. Aho ni ho havamwo nk’uko muganga Eric abisigura, indwara y’akabonge bita mu gifaransa « psychose puerperale ».

Muravyare mushikane kuri Ndayobewe

Mu majambo akoreshwa mu kwibarutsa umuvyeyi, hari abavuga bati “Muravyare mushikane kuri Inabusimbo, Ndayobewe,…”,  “Uravyara benshi uduhe kamwe”, “Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo”… Ivyo vyipfuzo babwira umuvyeyi ko yovyara akageza no kuri Ndayobewe canke Inabusimbo, bituma umuvyeyi yumva umenga kwibaruka benshi ni ubuhizi, akipfuza gusama hakiri kare. Mu gihe igwirirana ry’abantu riri mu biriko birabuza igihugu gutera imbere, izo mvugo zihamagarira kuvyara intahekana zirakwiye guhebwa. 

Ivyari i magera vyarageruye. Izo ngendo zine ziragwiriye cane. Zifatwa nk’ibisanzwe, ariko ni bake bazi ko zifise ingaruka mbi ku buryo zari zikwiye guhebwa. Nakare ngo “amase ya kera ntagihoma urutaro”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Vyukuri birababaje kuko murikigihe kuvyara benshi nikibazo nihamw usanga utwana turiko turaryana dugakurana ingesombi.ikind urumuvyeyi kiranazira kuguma urya ivyubony vyose kuko burya umwana akuvuka bisabwako gushika kur 6mois abatunzwe nibere kurivyo uburiko ufata bishobora kumwonona neza ugasanga umwana Ari gukura agwaragurika.ikindi kuvyara intahekana buriya iyo umudamu afashwe neza murugo muriwe abna karakibuze abayifuza kuguma yibaruka yibaruka ntiyiyunvire kejo ubuzim bushobora guhinduka😔

    1. Aho urihenze pe !! Mbega bakeyi ushoboye kurera bakabaho neza ni bangahe ?? Mbega KO wiyopposa kwijambo Imana yavuze ubwayo ko arukuvyara bakuzura isi, ubwo yokureka umwe we ntiyokwanikira ??? Mbega ibihugu vyatanguj itageko ryo kuvyara bake, bakadeveloppa ubuhinga bwo kubanigira muri banyina, barashoboye kubakingira corona virusi abo bake ???? Nyishura !!!

  2. Nukuri muvuze ibintu vyiza cané. Ariko ico canyuma muherejeko ntikimpimbaye cane. None umuntu yoreka kumuvyara Imana yamusuzeyo ??? Mbega mwibaza ko Imana yoyoberwa ko isi yuzuye kandi ari yo yayiremye ? Namwe ko arimwebwe mubiha, simbona hari abamara 10ans bataramuronka hama Imana ikikorera nabo bitwa abahinga atanakimwe bashoboye kubafasha. Mbega corona virusi yishe abangana iki kandi abahinga barorera ???

  3. Kubijanye n’akayeri umuvyeyi afata avuye kwibaruka karafise iyindi ngaruka icanye n’uko umuvyeyi ashobora kuvirirana kubera irya alcool ni vaso dilatateur des vaisseaux. Ni nkumuntu yakomeretse iyo anyoye inzoga nkizo nahonyene barakunda guca babandanya Bava. Rero uwomugenzo w’ako kayeri kwamuganga canke Aho umuvyeyi yaramiye twovavanura nawo.

    1. Murakoze cane ku nsiguro nziza kandi scientifiquement correcte muhejeje gutanga, ifata cane cane abakenyezi bibarutse par cesarienne canke baguriye inzira par épisiotomie. karya kayeri c’est un vaso-dilatateur, gashobora gutuma umukenyezi yibarutse avirirana cane.

  4. ndashimishijwe ninsiguro nziza mutanze!
    jewe nari nsanzwe nzi aka ngo Muvyare mungane numusenyi, Subirayo nta mahwa ariyo. rero ni ukubisezerera nyene.
    Ikindi kukijanye nuguha akayeri canke iyindi Inzoga ku muvyeyi ni bibi, mbere vyo naba vyiza yirinze Inzoga akimwibungenze.
    kuko zirabangamira cane urusoro canke umwana ari mu nda.
    MURAKOZE.