Umugirwa “Bridal shower” canke “kitchen party” ni umwe mu migirwa isigaye itegurwa ahanini n’abigeme bagira baje kwubaka izabo hano mu gihugu cacu. Turetse ko uwo mugirwa udakurikiza uko wategerezwa kuba, hari n’utundi tunegurwa ufise twosaba ko uhinyayrwa. Reka tubirabire hamwe.
Muri kino gihe vyabaye nk’umugenzo. Iyo umwigeme agira aje kwubaka urwiwe, arategura akabanza ko gusezera abagenzi kitwa « Bridal shower ». Hari n’aho ataba ari we yakiteguriye. Nyabuna, abagenzi, abo bakorana canke ababanyi, baritunganya neza bakamugirira umusi mukuru batamumenyesheje, umusi ugeze bakamusamaza, ku buryo bamutera atiteguye (surprise), kakaba akaryo ko kumuha utuganuke twinshi cane bamunezereza.
Uwo mugirwa rero, abakurambere, eka mbere n’abakora ubutohoji ku mico n’imigenzo vy’ibihugu, bemeza ko atari uw’Ikirundi. Bose bavuga ko ari umugirwa wazananye n’amajambere ; ikizungu nk’uko bikunze kuvugwa ku kintu cose kije gushasha. Bikumvikana ko umuntu yari akwiye kumenya iyo vyamuka n’ico usigura kugira ngo ababikora, babikore babizi.
Amamuko y’uwo mugirwa
« Bridal shower” ni umuco umenyerewe mu gihugu c’Urwanda. Ufise ikibanza kinini cane. Abakenyezi bashitse urugo kandi bamaze kumenya ibanga ry’urugo ico ari co barahurira hamwe, bagatera abiri n’uwo mwigeme yimirije kwabirwa, bamubaza uko yigenjeje kuva akiri muto, mu buyabaga, kugera ashike aho ageze.
Ni ho mu nyuma rero baca bamufasha mu kumutekerera impanuro zitari nke zerekeye uko azokwigenza mu buzima azoba atanguye, bakamwibira akabanga nk’uko bikunze kuvugwa. Avaho yumvise ko kwubaka atari ukujandajanda, uko azofata umugabo n’ingene azokwihangana ; akamenya gutandukanya icatsi n’ururo.
Ku vy’ukuri, umwigeme avana n’abo bakenyezi amenye ibitari bike atari azi, akamenya uko azokwigenza muri iryo banga.
Bishitse mu Burundi…
Ushitse mu Burundi, hari abaciye bawufata ukundi, bawugira imwe mu nzira zo kuronka uburyo bwo gukora urubanza. Ubiravye neza, ntaba ari n’urubanza, ni akanya ko kumuha utuganuke bamuteguriye.
Ikibabaje ca mbere, ni uko abimirije urwo rubanza bibashikira giturumbuka. Uwumwegereye aba abizi, akabwira abagenzi bakabihanahana batyo. Kutabikora bifatwa nk’ikosa. N’uwudafise amahera ategerezwa kuyimba iyo ari hose.
Nk’uko bivugwa na Jeanette *, akunda gutunganya iminza nk’izo ku bagenzi biwe, hari abigeme bamwebamwe basigaye bategura ubukwe ataco bafise, maze bagategura bene utwo tubanza bizigiye amaronko. Aho hatumirwamwo abigeme n’abapfasoni, maze bakaza bibangikanije bimwebimwe mu bikoresho umugeni akenera murugo.
Ntitukibagire umuco
Tuvyihweje neza, uko kuntu Abanyarwanda bakora urwo rubanza birafitaniye isano rinini cane n’ukuntu Abarundi b’aho hambere, iyo umwigeme agira aje mu Burundi babigenza. Umukobwa yagenda kwa inasenge canke kwa nyinabo akahamara imisi. Uno (inasenge canke nyinabo) yaramwigisha ibanga rijanye n’ibikorwa vyo mu rugo, uko azokwifata imbere ya inabukwe na sebukwe eka n’abo ahasanze. Si ivyo gusa. Yaranamutinyura ku bijanye n’ibanga ry’abubatse, uko azofata umucance wiwe. Izo nyigisho rero zose zatuma umwigeme, iyo agiye kwubaka, aba icitegererezo mu muryango agiyemwo.
Ariko, muri urwo rubanza bagira ubu, Abarundikazi bararya bagatamba, maze ugasanga na ryabanga ryo guhanura wa mugeni ryibagiwe. Kira noneho n’abo bapfasoni naho bogiriye inama uwo mugeni, barabitinya kubera haba harimwo abakobwa bato cane hataragera ko bumva ivy’ibanga ry’urugo. Ibi bikaba ari vyo vyari bikwiriye guhinyanyurwa, kugira amaronko ntasumbe umuco.
*: Yahinduwe izina
Nibaza ko abandika ngaha bobanza bakagira ubushakashatsi bukwiye(rechercher). Kuvuga ko Bridal shower yazananye mu rwanda. Ubu urandereye hagufi cane. Kiretse nuko Bridal Shower atari ikinyarwanda, gute uca uvuga ko vyamuka mu rwanda?😳😳😳😳 kiretse yuko nabo ubu basigaye babikora nkuko ngaha mu Burundi babikora kugira baronke amaronko, warukwiye gusubiramwo tes recherches ukareka bimwe abarundi benshi bakora vyo kwerekana ko ibibera mu Rwanda arivyo vyiza gusumba ibibera mu Burundi
Turabashimiye cane ukuntu mwitanga mukumenyekanisha umuco nakaranga kigihugu cacu.nkuko mwabivuze cobaye igikorwa cizaa mugihe vyokozwe mumuco mwiza.umwigeme agasigurirwa neza akamenya ubuzima bishasha agiye kubamwo.ariko ikibazo aho kiri naha.mugihe uwo mugenzo wokorwa neza umwigem bakamutinyura kubijanye n’amabanga yabubatse yagenda agsanga bimwe bamubwira umuhungu ntavyazi.ntiwumva ko biba bibay nabi.iciza nuko uwo mugenzo wokorwa kuri bose.hama abigeme bato nabo ntibaba bakwiye kuja murico gikorwa
» Bridal shower” ni umuco umenyerewe mu gihugu c’Urwanda. Ufise ikibanza kinini cane. Abakenyezi bashitse urugo kandi bamaze kumenya ibanga ry’urugo ico ari co barahurira hamwe,… »
Ibi bintu sivyo na gato. Uko bikorwa ino ni nako bikorwa mu Rwanda. Par contre aba congolais nibo babikora kugira baganire, bakebure umukobwa agiye mu rugo.