Abakenyezi barwaye indwara yo mu kigo, kenshi usanga bakumirwa mu kibano. Birashika bagatabwa n’abo bubakanye. Bagira amakuba menshi kubera kutamenya, nk’uko vyashitse Makurata akanarwara mu mutwe. Reka uwu mwanditsi abituyagire.
Makurata, ni umukenyezi w’imyaka 24, aturuka mu ntara ya Karusi, akaba yarwaye indwara yo mu kigo. Naho umengo ni ikintu gisanzwe ku bo bari kumwe, uyo mukenyezi abona ko ari intambwe idasanzwe. Erega yari amaze imyaka itanu arwaye. Akagari ati: « Ico gihe nakimaze nigirako umwanda muto kandi naranuka. Kandi iyo ndwara yatumye ndwara mu mutwe.»
Amakuba…
Mu mwaka w’2015, Makurata yagiye kwibaruka imfura. Yibarukiye kuri bitaro bimwegereye. Yibarutse bimugoye kandi ikibondo ciwe carahatswe kuhasiga ubuzima. Inyuma y’indwi zitatu, yaratashe i muhira.
Haheze amezi atatu, umunezero wo kubona ubura bwiwe ntiwabandanije. Yaciye atangura kwigirako umwanda muto. Makurata ati: «Narambaye ibara. Natanguye kwigirako umwanda mutoyi ndi mu rubanza. Databukwe na Data n’abandi bantu benshi bari bakinje.»
Umushingantahe wiwe atangura kumuryagumba. Avuga ngo yaborewe kandi azi ko ata nzoga anywa. Kuva uyo munsi, ntiyasubiye kuva mu nzu kuko yaguma yiyonona.
Kwahukanira mu nzu
Iyo ndwara ntayo yari azi. Yaguma yiyumvirako bizohera. Ariko ntacahindutse. Kuva uyo musi arwara, umugabo wiwe ntibasubiye gusangira uburiri. Eka mbere ngo vyahavuye bikomera, ati: «Vyarangora kuja kuvoma canke kuja kumesa kubera natinya ko abantu batwenga. Inzu nabamwo n’uruyoya mu mugongo yaranuka. »
Inabukwe babana na we yaguma amubwira ngo nareke kuja ahabona kubera yohava amwambika ibara. Mu majambo akarishe, ngo yamutuka ati: «Kuva aho nabereyeho sinari bwabone umugore afise umwana yigirako umwanda muto. Uri ikivume. Ntaco uzovamwo. »
Ayo makuba ntiyagarukiye aho. Inyuma y’amezi abiri umugabo ngo yaciye amuheba, aja gukora i Gitega. Eka mbere yaciye arongora uwundi mugore.
Iyo atahabona umugenzi yari kuba yarapfuye n’inzara. Avuga ko yaje kumutora ku mugoroba. Aja kurara iwe. Bukeye mu gatondo yamuzindukanye kwa muganga i Gitega. Kubera ko yagiye yarasinzikaye, yamazeyo umwaka wose. Umuganga yamuvuye yamubwiye ko iyo ndwara ifata abakenyezi bamara umwanya munini bariko baribaruka. Ikindi yamubwiye ngo ni uko atazosubira gusama imbanyi. Iyo nkuru ngo yaramuciye umutima.
“Amagorwa ntasiga ayandi”
Inyuma y’umwaka umwe, yaciye arwara mu mutwe. Acaja kuvurirwa i Bujumbura, ati: «Nameze imyaka itatu ndwaye. Ico gihe cose sinari kumwe n’umwana. Vyatuma ngumana intuntu n’akabonge.»
Umuganga yamuvuye ngo yamubwiye ko yarwajwe n’igikomere yagize kubera indwara yo mu kigo kuko abantu baciye bamuta agasigara wenyene. Kumenya ko atazosubira kwibaruka vyaje bisongera isibibe.
Mu mahirwe no mu marushwa
Makurata amenyeshako mu minsi iheze yasubiranye n’umugabo wiwe. Kandi yaramubabariye. Arahanura ababubakanye. Akagira ati: « Mwibuke ko mu vyo mwasezeranye harimwo ko no mumagorwa muzofatana munda, nimba umukenyezi wawe afashwe n’iyo ndwara, naho mutorangura amabanga y’abubatse, ni we afise wo kumushigikira no kumuremesha ndetse no kumufasha kwivuza. »
Commentaire *uwugwaye ubutinyanka yoca asubira iwabo abavyi bakamwivuriza kuko umugabo ntavyoyoshobora kk bigoy kumugaza