Nk’uko tubibonera ku mafoto, kera abigeme baguma bigira mu bikorwa vya misi yose ata kintu na kimwe gipfutse amabere yabo. Bagaca imbere y’abavyeyi, ababanyi, incuti n’abagenzi ataco binona. Ivyo abigeme ba kino gihe batokwubahuka. Umuntu yoshoka yibaza ko kwari ukubura ivyambarwa vyo kuyapfuka, mugabo hari izindi mvo zabituma.
Kwambara akikwiza biri mu bintu biranga Umurundikazi w’indero n’akaranga. Turamaze kwumva canke kubona abashavuye babonye umwigeme yambaye impuzu ngufi, bakanamukarira cane bamubwira ngo “nta soni agira”. Kubura isoni na vyo kikaba ari igicumuro kidasanzwe mu migenzo y’Abarundi. Ariko rero, amafoto atari make yafashwe abazungu bagishika mu gihugu ca Mwezi aragaragaza abana b’abigeme baboneka igikiriza kitambaye n’ikintu na kimwe.
Biratangaje rero kwumva ukuntu mu migenzo y’Abarundi bashira imbere kwambara bikwiza, ariko abandi bagenda bambaye impuzu imwe gusa, amabere ari uko yaremwe. Ababizi bati : “hari icabituma.”
Vyagira imyaka n’ibihe
Nta n’umwe bitotera amakenga. N’aho n’abandi banyafirika bari babayeho bambara ibisanzwe cane kandi batatinya kugenda bambaye impuzu zitabapfuka umubiri wose, Abarundikazi batari bake bobo barikwiza. Ivyo turabibonera ku mafoto y’abana b’abami, abaganwa n’abatware, baba bambaye neza cane batwikiriye umubiri wose kandi baberewe. Mu mvugo y’ikirundi igikoreshwa hamwehamwe, bavyita “kwambara nk’ikigori”.
Abo bari ab’i bwami. Mu banyagihugu basanzwe hoho vyari ibindi. Umwigeme yapfa kugera mu buyabaga, amaso y’umuryango agaca amuhurirako, baguma baraba uko yigenza, uko abandanya abana n’abandi mu kibano. Ageze muri iyo myaka, umwigeme yarambara akabindo mu kurindira ko bamuha umukenyero, agakenyera, maze agacika umukenyezi. Vyumvikana ko zari intambwe zitegerezwa gukurikizwa, kandi umwigeme ntiyashobora kwiyadukiza hataragera.
Imvo nyamukuru
Nk’uko Ndayisenga Pascal arongoye ikigo c’iratiro ndangakaranga k’Uburundi c’i Gitega abivuga, ahanini icatuma abigeme batemererwa gupfuka amabere bataraja mu Burundi, ni uko cari ikintu gikomeye cane cafasha abavyeyi n’ababanyi kumenya ko umwigeme yasamye imbanyi, mu gihe vyoshika agasiriha n’urunganwe. Bari bafise ukuntu bihweza imoko y’ibere, bakabona ko uwo mwigeme yasamye imbanyi.
Ni ho rero batashima ko umwigeme akiri umuyabaga apfuka amabere kuko vyaca bimworohera ko anyegeza ko yasamye. Bavyita “gutwara ishushu” canke “inda y’igitwarire” bikaba vyafatwa nk’umuvumo ku muryango, ari na ho uwo vyashikira bamuhana bimwe bikomeye mu kumuta mu “gisumanyenzi.” Ibi bigasigura ko umuryango ufise umwana w’umwigeme yategerezwa kumugumizako ijisho cane.
Intambo zo gukwega abahungu
Umuhumure Nzikoruriho Donasiyano wo muri komine Rusaka na we avuga ko ikindi catuma abigeme batarubaka badapfuka amabere. Ku bwiwe, kwari ukugira igihe bariko baratamba, abantu babashime, ari nk’uwufise umusore ace anyaragasa kumusabira umwigeme yagomwe.
Mu ntambo z’ikirundi nk’umutsibo, umusambi n’izindi zose batambisha igikiriza, abigeme barazitamba abantu bakoranye. Muri abo baje kurorera, hashobora kubamwo uw’umusore wiwe yakuze asigaye amuraza ku rya musonga. Yaca ahitamwo kumusabira uwo yagomwe. Mu vyo yagomwa rero harimwo itunga ry’iyo avuye, umuryango akomokamwo n’uko asa. Amabere na yo yari mu vyo bagomwa.
Igihe kigeze, umwigeme yarambara. Aho na ho canecane caba ari igihe yabaye umukenyezi. Mu ntara zimwezimwe hari abatayapfuka naho baba baragiye kwubaka. Ariko gukobwa vyasa nko kuronka uruhusha rwo kwambara bakikwiza.
Umukurambere Nikobamye Daniel wo muri Komine ya Gisozi mu ntara ya Mwaro, avuga ati : “Umwigeme akowe, yaba aronse uburenganzira bwo gupfuka amabere. Yaba yimirije kuja gushinga urwiwe. Vyongeye, ntiyaba agikeneye gukwega abahungu kuko yaba yaramaze gushimwa.”
Umwigeme yasubiye iwabo canke uwugeze mu gihe co guca imvyaro atararonka umugabo yari arekuriwe gupfuka amabere na we nyene.
Umwigeme kwipangira inzu naho hariho ababigira kugira bakore ubuhumbu biboroheye nibazako atari bose baba bafise iyo ntumbero.Ku mbwanje gufatira mu kivunga si vyiza kuko nk’akarorero nk’umwana w’umukobwa avuye ruguru aje mu gisagara kwiga mu gihe ata famille ahafise ategerezwa kwipangira intumbero yiwe ntabwo kubarukuja mu buhumbu kubarukugira ashobore kwiga.Ndashima inkuru zanyu nk’uwize ivy’inyifato kandi ndabonako mukora ubushakashatsi buhagije.Muzodutohoreze kuco bita »syndrome de Ngagara » na M23(Mouvement des Jeunes filles de moins de 23ans), ni phénomène abantu benshi batazi ariko zibaho.