“Umukenyezi ni Mama, umutambukanyi, mushikanje, eka mbere ni n’urya mukobwa wa Murundi”. Ivyo bivugwa n’uyu mwanditsi yabonye isi yose iherutse guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi, aca abonerwaho guhayagiza ibitangaza yabonye ku bakenyezi batatu : umuvyeyi, umutambukanyi wiwe n’umwigeme yamurereye umwana. Yashimye gutaka ico gitangaza Rurema yitondeye.
Umukenyezi ni Mama. Yapfuye kwumva igicuro mu nda bukeye kabiri irekwe ngo ba ! Ng’uyo biranse ko afungura. Mugabo ntibimubuze gukwakwanya udukorwa. Yabona data akamumwenyurira ati : “Neganega mwana w’Abadahugumbwa mugabo utagabanije sindeka kukumwenyurira”. Aho hose iseseme ryaba riri ku mutima bikagora gutegera iyo akura intege zo gutigita no gutayayira uwo yagabiwe na Rugira.
Ehe noneho maze kabiri mu mbanyi ndavyibushe ndamuremereye. Nikubitira amagendera mu mbanyi ndamukubita imigere, akarengera umusonga akamwenyura. Ntiyakangwa kuvyirira umushike indimo akanzaganya kugira ngo abiwe baronke ikibatunga. Aho simvuze ko yakoroka kuvoma agataha atengatiye ivyo asoromye. Wamuraba imbanyi ari imvuka aduga amanuka ukibaza iyo izo nguvu ziva ugasigwa. Ibanga ry’umuvyeyi koko.
Bukeye kabiri igise kiramujwinga. Ububabare bw’akataraboneka buramutera aba aranshikanye. Umunihiro n’akanyamuneza uramushwara yisanga mu bavyeyi mbona izuba. Abahanza, Abanyakarama, Abajiji, Abagumira, Ababibe n’abandi babanyi basamiriza impundu bati: “Uburundi burungutse muri bene Kabuto ka Rucaba barungutse”.
Nararwara akaremba, ndamuraza ku majoro mugabo ntiyigeze adebukirwa. Naramugora ntashavure. Akanyihera ibere nkavotagira. Iyo ngaburo y’igitangaza ntazi ihinguriro ryayo yarangize ikibunduguru kugeza ncutse, mugabo ntiyacuka kunyitaho. Ico nemeza ni uko ari we muntu wa mbere atompemukira. Ni we ankunda kurusha bose gushika n’ubu.
Mva mu bwiza nja mu bundi
Ngize ngo ndunguruje nahawe umukenyezi, uwo namwise Nteturuye. Naramuturukiriye ndamubwira ijambo ridatumwa abana ndamubwira ikingenza ambwira ati: “Ego”. Uwo musi nabonye Bujumbura bwose umengo bupangiye jewe agatima karera. Tukivanye ngeze ku metero ijana mba namaze kumwandikira ko ndamukumbuye, nawe ati: “Erega umvugiye ibintu”. Yaranteye akanyamuneza buca kabiri ndamwereka umuryango bamuha ikaze bati komeze urukundo kaze murondo we.
Simbona uko nobivuga! Bwaca ndamwiyumvira, rikaka ndamukoma ishwashwa nisubizira, bukira ndamuzirikana nk’uwambereye umutambukanyi. Ntibitevye anjanye iwabo barandaba barihorera nkabona bamwenyura ata gahemo. Erega bari banshimye bati: “Uwo mugufi asumba barebare avugana umutima mu nda”. Na we ati: “Emwe! Umutima aranawugumije. Aho ubona ntanatimamukwa murundi wa mirundi ibiri”.
Bukeye kabiri isango riruta ayandi riragera turigemagema amashashi ava mu Badahugumbwa agana Abenerwamba. Ntitwarinze kwambamba baratugabiye iciza kiruta ibindi imiryango iranywana mba mbaye umukwe nawe aba umukazana. Bukeye ca cuzurerambo kidatera ubworo ubwicaro angira umugabo turaragana impundu kw’isi no mw’ijuru zirasamirana.
Ese amajambo ari hano! Imvyino, impundu, umunezero…! Aho hose wamengo ndi umwami. Ijoro rigabuye habiri tuba turatashe mu rwacu.
Mbega ijoro ryiza!
Ndibuka ko namubariye nti kaze mu rwawe na we amwenyurana akoba. Aho abandi badida akagere ngo ndarwinjiye sinzorusohoka, yinjiye yemye akeye, kanatsinda yari yizigiye uwo agize umugabo.
Mushaka mbandanye? Huhuhuwa! Oya ivyakwirikiye ni ibanga bakunzi. Ni ibanga rirangurwa n’abambaye impuzu zashonywe na Rugira. Aho ni hamwe uburebure n’igihagararo nyaco kigaragarira inarugo ati : “Uri umugabo atagabanije munega nta kineguro neganega ntiwanenguje ku kivi”. Kanatsinda yarabenze barebare arambeguka arakaramba. Yambariye ngo ndabasiga ndabasumba. Nti aho uri mu kuri ? Ati : “Ndakurahiye abakugaya imbaga ntibakurusha urabagaya intege urabasiga ukabasumba”. Ng’iryo ijambo ritera intege umugabo nca ndamuhezagira nti: “Uragahorana integerezwa ku gisabo n’ize ryo kumyira”.
Bwekeye kabiri ati: “Erega Kibamfu kibasha ikiramvu warateye uragema numva igikakaza ahari hano”. Dusanze yarasamye ata gusamara kubaye tugwana mu nda dutera iyindi ntambwe tuja imbere.
Bwakaye kabiri aba arashikanye ikibondo. Sindinze kuvuga ko yamaze amasaha 18 ku gise, umutima wanje uri mu mutwe. Imana yaratanze arashikana. Uwankundiye akangira seruko aba angize senaka (bimwe ab’ubu bita “umupapa”). Uwangize umukwe w’Abenerwamba, akangira umuvukanyi mu bo bonse rimwe, nanje nkamushikana mu Badahugumbwa ivyiza vyiyongera ku bindi. Gusa tugume twibuka ko ata zibana zidakomanya amahembe. Ikibi ni ukuyacumitana no kuyavunana. Mpore ubu ndiko ntaka ivyiza bisa. Uwo Nteturuye wanje yambereye umugisha, andutira vyose nka Rurema arandemarema.
N’umurezi aza asa n’abo ba mbere
Umwana avutse, ica mbere twiyumvira ni uwudufasha kumurera. Nyakugira Imana uwo tuzanye ntiyigeze yifata “nk’umuyaya”. Yakora ata miyayato. Umutima akunda uruhinja atateye igise, ata n’ico bapfana rurantangaza. Umwana yabisha akayamukura ata gushishwa. Yakura agafasha umumarayika murinzi kuraba ko umwana adatsitara!
Ubwo mwebwe nta gitangaza mubona mu mukenyezi none? Umukozi ahetse umwana ubona ko abishizeko umutima, akamuhendagiza, akitwararika ibikenewe vyose (iyo afise umutima utekanye). Ibaza namwe umuntu dusigira umwana ataramara n’amezi atanu akamwitaho, akarera agakuza! Aho hose kenshi ntituba tuzi n’iyo bazananye.
Hari na ba inarugo uja ubona ngo umwana aramugoye akamuha umukozi. Umwana w’abakobwa akabikorana umutima mwiza. Iyo afise urupfasoni hoho ubwitonzi umusangana uramuraba uti: “Hora uko”!
Ubu rero twumvikane! Ni nde yompinyuza ko umukenyezi atari igitangaza? Nayaze mawe nyanga umufasha n’umurezi w’umwana wanje. Aho nciye ku mayange ubundi hoho ibitabo umuntu yokwandika akuzuza abigerekeranya ataravuga ico gitangaza Imana yifashisha mu kurema umuntu.
Ikirundi kiteye igomwe 💪💪💖💖
Wubahwe