Mu gihe ibiciro vyo kwunguruza abantu bisanzwe bizwi ko kuva mu gisagara ca Bujumbura ahenshi mu ma zone acegereye ari amafaranga amajana atatu (300Frbu), ubu hariho abikika inyuma y’ugukena kw’amafaranga y’ingaru bakaduza ibiciro bidaciye mu mategeko. Iduzwa ry’ibiciro rero ritisunze […]
Ukwiyunguruza
Amahinduka mu kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura
Abiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bifashishije imiduga yunguruza abantu, nta n’umwe ayobewe ingorane zahora zibonekeza ku bituro vy’imiduga iva hagati mu gisagara iyo bugorovye. Ariko rero ubu haribonekeza amahinduka mu buryo abantu bahora burira muri iyo miduga. Caritas Ninziza aragaruka […]
Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura
Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa […]
Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.