Ibohero rya Mpimba, ni ibohero rikuru mu gihugu cacu, dusangamwo abapfungwa bava mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ivyo benshi batokwibaza, hariyo ubuzima nk’ubw’ahandi hose hari abidegemvya. Umwanditsi wa Yaga yegereye uwahora muri iryo bohero, maze aramwiganira uko bitunganijwe.
Ubutungane
«Umukoresha yamfashe ku nguvu, gutyo ntakaza ubusugi»: intahe
Mu buzi butandukanye hano mu gihugu cacu, hari abakenyezi bafatwa ku nguvu n’abakoresha babo, maze bakabigira ibanga. Joy* vyaramushikiye, none aricuza kubona atashengeje uwabimukoreye. Intahe yiwe hano.
Burundi: hari inyifato zikwiye guhinduka ku bajejwe umutekano
Muri ino misi, ingeso ishusha n’ugusegerereza iribonekeza cane mu bapolisi bamwe bamwe baraba uruja n’uruza mu mabarabara. Ni ingendo iteza urubwa urwego rw’inyamiramabi, igasasagaza umuco wo kurya ibiturire. Noba ndabibona uko jenyene?
Igiturire mu mabarabara: n’ingenzi zibifisemwo uruhara
Iyo havuzwe ivyo gutanga no kwakira igiturire mu mabarabara, hatungwa cane urutoke abapolisi bakirya hamwe n’abunguruza abantu, ari bo bene kugitanga.Womengo ingenzi zirera. Nasanze atari ko bimeze.
No ku mpimba igiturire kiribwa ukuri kwamye !
Kw’ibohero rikuru ryitwa Mpimba, riri mu gisagara ca Bujumbura, kugira ngo ubone umupfungwa si ikintu coroshe. Ariko kandi si ivyo gusa. Hari n’igihe uhinjira amahoro uja kuramukanya, ariko ntuhasohoke ayandi. Banzuba araducira ku mayange ayo yahaboneye.
Burundi : agateka k’abana bapfunganywe n’abavyeyi ntikitaweho
Abana bavukira canke bagakurira mu mabohero barababara cane. Uretse ko bazira ivyaha batakoze, nta n’uwubitaho. Mu minsi iheze twarumvise ibijanye n’ubuzima bwa Mugisha ariko rero hariho n’abandi nk’ukwo Landry B. Mugisha abituyagira.
Burundi: nankana ugusegerereza vyohezwa n’agasho ?
“Birabujijwe kwiyerereza no gusegerereza mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no mu ntara zo mu gihugu hagati. Abasanzwe babikora bahawe gushika kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza kugira babe bahevye iyo ngeso”, ubwo ni bwo butumwa bw’ukugabisha bwari bwatanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo […]
Gitega : umwigisha yateye inda umunyeshure wiwe, mu nyuma arondera kumwicisha umupanga
Hari umwigisha wo kw’ishure shingiro rimwe ryo mu ntara ya Gitega yagirizwa gutera imbanyi umunyeshure yigisha ; bimaze kumenyekana, uwo mwigisha aca ahitamwo kumwica amutemesheje umupanga. Ndayisenga Pascal aratwiganira ido n’ido ry’iyo nkuru.
Afise imyaka itandatu gusa, ariko ine ayimaze apfunzwe
Mugisha (yahinduwe izina) ni umwe mu bana benshi bavundiye mu mabohero atandukanye, azira ibihano vyahawe abavyeyi biwe. Niyonkuru Prosper aratwiganira amakuba y’ico kibondo.