article comment count is: 1

Gitega : umwigisha yateye inda umunyeshure wiwe, mu nyuma arondera kumwicisha umupanga

Hari umwigisha wo kw’ishure shingiro rimwe ryo mu ntara ya Gitega yagirizwa gutera imbanyi umunyeshure yigisha ; bimaze kumenyekana, uwo mwigisha aca ahitamwo kumwica amutemesheje umupanga. Ndayisenga Pascal aratwiganira ido n’ido ry’iyo nkuru.

Uwo mwigeme yitwa Yvette Nshimirimana. Aba ku mutumba Bihanga, ikomine n’intara ya Gitega. Ni umunyeshure yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure shingiro ryitiriwe ukuramiriza (Lycée de la perseverance mu gifaransa), ku mutumba Mweya.

Uno mwana yagiye guhura n’ingorane, yigishwa n’umurezi w’imico mibi, kuko yahavuye aja kurondera ubucuti burengeye ivyigwa k’uwo ajejwe guha ubumenyi.

Burya rero ba sokuru barayamaze ngo “nta wuharira n’uwumuhamba”, Yvette Nshimirimana ntiyahejeje ngo yikureko ico kirara c’umwigisha, maze gihemuka kimuteye inda, mu nyuma kirondera no kumugandagura mu ntumbero yo guhuvya amatohoza.

Yamara imisi y’igisuma ngo ntirenga mirongo ine

Nk’uko Yvette Nshimirimana avyigana, vyatanguriye mu bucuti busanzwe, birakura kugeza aho asanga yaryamanye na mwigisha wiwe.

Amaze kumenya ko yasamye, ngo nta kundi yari bugire, aca aja mu vyo gusaba uwo mwigisha ko yomufasha, bugingo ari we nyene kumutwaza iyo mbanyi. Yamara uno mwigisha yaramuhakaniye ati: “twara utamena, menya iyo utera ujana!” Uri umwigeme ati: “utamfashije, nanje nzoca ndabishikana mu buyobozi bw’ishure. Maze nawe uhombe nkanje.” Ukutumvikana kuba kuratanguye.

Hagat’aho, umwigeme yaragerageje kubinyegeza umuryango, ariko biba ivy’ubusa, kuko na none  »nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha. » Vyaruhiye kumenyekana, mbere ntivyanatevye. Umuryango umaze kubimenya, uca ubwira uwo mwana uti: “menya iyo uyijana, na kare ni wewe nyene uzi iyo wayikuye.” Baramwangaza. Umwana w’abakobwa ati: “uruzi ruranyuzuriyeko !” Ni ko kwigira inama yo kuja kurara k’uwo mwigisha, nyene kumutera iyo mbanyi. Kubw’iwe ngo ntivyari bikwiye ko aguma yangazwa n’umuryango kandi azi uwayimutwaje. Iryo joro, mwigisha yaraye mu ruhagara n’umurerwa akaba na nyina w’umwana wiwe. Bwakize guca, atangura kumuhendahenda ngo: “ngw’ino ndakujane muri komine Bukirasazi kugusabira indaro, kugira ngo induru zimere nkizigabanuka.” Aho hari ku mugoroba w’uwa gatandatu, italiki cumi za Ntwarante.

Ng’abo bikinze agahumbezi, bihereje ibarabara rica ku ruzi Ruvyironza. Uno mugabo yari afise umupanga mu minwe, ubona ko mu kirundi umugabo atagorobeza ataco yitwaje mu ntoke. Intambuko ku yindi, dogiri dogiri no ku Ruvyironza! Bamaze kuhashika, umugabo arahinduka, isura irahumana. Asimbira kuri wa mukobwa, amutemaguza wa mupanga yari afise. Umukobwa abura uko agira, akoma induru, yamara ntawe yayiha,  kuko hari mw’ijoro, nta n’abahita bari bakihari. Wa mwigisha ngo yumve umukobwa atakivuga, yibwira ati: “ubu kaciye, ingorane zirarangiye”, amuterera mu ruzi ngo aze atorwe n’abagazura, maze yisubirira inyuma ataco yinona. Yibaza ko yamwishe vyaheze. Ntiyamenya ko Imana yari yakinze. Uno mwigeme abura kwicwa n’inguma z’aho yatemagujwe umupanga, abura no gutwarwa n’uruzi, ahubwo rumusuka ku nkombe. Uko ni ko nyene guhura n’ivyago, umunyeshure Nshimirimana Yvette, abara iyo nkuru iyo umuntu amubajije ingene vyamugendeye.

Yvette Nhimirimana yahavuye atorwa n’abariko barahita, mu bucagucagu. Ubu akaba ariko avurirwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega. Igiporisi no mu ntwaro nabo bakamenyesha ko bariko bararondera uwo yagirizwa icaha kugira ngo ashengezwe imbere y’ubutungane. « Yamara uno yaciye atungwa n’ayo yameze, kuva aho yumviye ko umwigeme atasandavye », nk’uko bivugwa n’incuti n’abagenzi ba Yvette Nshimirimana.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Jewe kubwwnje uyo murezi agoba izo aragiye ameze nk’umwami Dawidi yasambanije mu ka Uliya amaze kumutera inda aca yica Uliya bimuzabira umuvumo ku Mana. Naronderwe ahanigwe ivyaha yakoze kandi asabe ikigongwe uyo mwigeme n’Imana ubundi ariko umuvumo nka Kahini naho yoja he azohunga ubutungane ariko ntazohunga Imana. Twikebuke abagabo nkabo babaye batanu mu gihugu twese twohona