“Birabujijwe kwiyerereza no gusegerereza mu gisagara ca Bujumbura co kimwe no mu ntara zo mu gihugu hagati. Abasanzwe babikora bahawe gushika kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza kugira babe bahevye iyo ngeso”, ubwo ni bwo butumwa bw’ukugabisha bwari bwatanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Egide nikiza amaze kuvyihweza, ati: “si uko vyogenda”.
Mu gitabo mpana vyaha, ingeso yo gusegerereza isanzwe ihanishwa umunyororo w’ikiringo kiri hagati y’iminsi 14 n’amezi abiri. Si ivyo gusa, uwagiriwe n’ico caha araheza akarihishwa n’ihadabu riri hagati y’ibihumbi bitanu n’ibihumbi cumi vy’amafranga y’amarundi.
Mwak’uyu, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ingingo yo gutuza abo basegerereza, igipolisi kiravyirukangamwo ariko birananirana! None n’ubu nyene, mw’itangazo ryasohowe kuwa 17 Ndamukiza n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Barandagiye Pasikari agira ati: “abatazoba basubiye iwabo kugeza kuwa 19 Ndamukiza 2018, no gufungwa bazofungwa.”
Aho ingorane ihagaze
Nduwayo Mariya amaze imyaka umunani ari umupfakazi. Aturuka muri komine Matongo y’intara ya Kayanza. Kuva umugabo wiwe yitavye Imana, ngo yashoboye kubaho we n’abana biwe batatu, batunzwe n’ivyo yirimira mu kiringo c’imyaka itatu gusa.
Ubona ko ukwihenda bibaho mu buzima, yahavuye agurisha itongo yari yasigiwe n’umugabo wa mbere, ku mabwire y’uwundi yari yamwinjiriye.
Aravyigana : «tumaze kurigurisha, yaciye anjana kuba kw’itongo ryiwe. Ariko aho nta mwanya nahamaze kuko amafaranga yapfuye guhera, aca aranyirukana.» Ntiyari kwitwara, ntibari babiranye biciye mu mategeko. Ni ko guca atangura ivyo gusegerereza, mu gisagara ca Bujumbura. Abana biwe, uno musi nta n’umwe ari mw’ishure. Bose bafasha nyina gusega.
Inyuma y’iyo ngingo y’ubushikiranganji, aribaza iyo agiye kuja. Agasaba ko Leta yobafasha ikabaha ivyo bakora. Nayo ahandi ho, ngo ntibazoteba kugaruka mw’ibarabara.
Ngo agasho rero?
Ndayihaya Rejisi, umusore w’imyaka 16 aturuka muri komine Buyengero y’intara ya Rumonge, amaze imyaka indwi ari mu vyo gusegerereza. Aracafise nyina na se, ariko akavuga ko atipfuza kubana na bo, kuko ngo ni bakene ruhebwa. Ati: «tuvukana turi abana icenda. N’itongo dawe asanzwe afise ni rito. Kugira aronke utwo agaburira abana, arinda kuja guca ingero, na mawe ni uko nyene. Uwogira ico amfashije yonyigisha imyuga, kumbure nogira ico nimariye.»
Kugeza kuwa gatanu igenekerezo rya 20 Ndamukiza, abana bashika 750 bari bamaze kwiyandikisha mu gihugu cose kugira basubizwe iwabo. Ivyo bishikirizwa na David Ninganza arongoye ishirahamwe ryitaho agateka k’abana SOJEPAE.
Ku bwiwe, ngo gusegerereza n’inkurikizi z’ubuzima bene kuza mu mabarabara baba babayemwo. Ngo biva ku nzara, ku mpfu z’abavyeyi, ukugurisha ibisigi, ugufyina, ubugaba, n’ibindi n’ibindi. Agahimiriza abasanzwe bitaho ivyerekeye agateka k’abana kuja hamwe kugira ico gikorwa kigende neza kandi kigire ico gishitseko.
Bitegekanijwe ko abana bose biyerereza boba basubijwe mu miryango gushika kw’igenekerezo rya 11 Rusama. Yamara iryo hangiro nkabona ko ari indoto, mu gihe ata kintu kizoba kigiye gusubirira ico bene gusegerereza barondera mw’ibarabara.
A relire : Gusubiza ba « mayibobo » mu miryango yabo : Inama yosumba ingimba