Kw’ibohero rikuru ryitwa Mpimba, riri mu gisagara ca Bujumbura, kugira ngo ubone umupfungwa si ikintu coroshe. Ariko kandi si ivyo gusa. Hari n’igihe uhinjira amahoro uja kuramukanya, ariko ntuhasohoke ayandi. Banzuba araducira ku mayange ayo yahaboneye.
Mu minsi iheze, naripfuje kuja kuraba umubanyi wanje apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bujumbura, rizwi kw’izina rya ‘’Mpimba’’. Hari haciye amezi agera kuri ane ntajayo, ntamenya n’agakuru kiwe, bivanye n’akazi kenshi nari mfise. Bugingo nshitse kw’iryo bohero, ndikumwe na bagenzanje bandi tuzananye kuraba abacu, twahasanze abandi batari bake barindiriye kwinjira kuraba ababo. Kugira winjire ushike mw’ibohero urengana imiryango itatu iriko ibirindiro vy’abapolisi. Abo bose bafise ivyo bajejwe.
Ku muryango wa mbere bagutegeka kuhasiga ivyo bintu vyose witwaje ariko utagemuriye uwo uje kuramutsa, umuryango wa kabiri bakagusaba gusuka hasi ingemu zose uzanye, ku wa gatatu bakagusaka wewe nyene kugira barabe ko ata kintu witwaje giteye amakenga. Bagaca bakurindira ugarutse rero.
Ngo “impene irisha aho iziritse”!
Ncinjira, nasize ku muryango wa mbere isakoshi yanje yarimwo inyabwonko y’akazi n’iterefone ngendanwa zanje zose. Abo bapolisi bacungera uwo muryango, mu kubinyaka barantwengera, nkagira ngo biza kuguma gutyo. Ngarurste hahandi nasiga utwanje, ngo ngire ntya, mbona ba bapolisi batunsigaranira baratse ngo: “Wa musumyi w’urusaku! Warenze amategeko, ukwiye gupfungwa, wakoze ibidakorwa!’’. Batangura kunyagiriza. Ya sakoshi yanje irimwo inyabwonko n’amaterefone baba barayifashe uko. Nanje aho ndi nti ziranyazwe! Nikubita hirya gato, mba ndicara hasi kw’ibuye, ngo ndindire baheze gutunganiriza abandi, hama negere mbaze neza na neza ikosha nakoze iryo ari ryo mu vy’ukuri.
Haciye hafi iminota nka mirongo itatu, niho babiri muri ba bapolisi banyikebukanya inyuma y’igiti, barambwira bati: “Ukeneye ko binyaruka, ntibishike hejuru, raba uko ubigira kuko wamenje ’’. Sinigeze menyeshwa icaha nakoze ico ari co, ariko iryo jambo ryo naciye ndaritahura. Menya ko bansavye kwigomboza amafaranga arico giturire.
Hakwiye indero mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu
Nkubitije akajisho hirya gato, mbona umwe mu bakobwa twari twagendanye nawe ari mu mitongano n’abapolisi bamusatse. Maze kumubaza, nsanga nawe bari bamutwaye imigufu y’inzahabu yari yambaye, hama bamwzgiriza icaha co “kuzana ibintu vy’agaciro kw’ibohero”! Burya yahavuye yigomboje inoti y’ibihumbi cumi, na jewe nyene vyagenze uko.
Ni vyo, kumbure si bose bameze uko. Ariko, nihweje ivyo maze kubona mw’ibarabara canke mu mirimo itandukanye irya n’ino, biboneka ko ingendo yo kurya ibiturire yabaye ndanse koko. Ivyo rero bikumonogoza no mu bapolisi ari bo bategerezwa gufata iya mbere mu kukigwanya!
Uwahoze ari Umukuru w’igihugu, umuhisi Cipiriyano Ntaryamira, ni we yavuga ko igihugu gikwiye kujamwo “indero mu mpande zose”. Koko, Hari hakwiriye gukoreshwa uburyo bwose bushoboka ngo igiturire kirandurwe mu mirimo ya Leta, maze igipolisi kigafata iya mbere. Bitagenze uko, ntawokwizera iterambere muri kino gihugu.
Soma kandi : « Igipolisi kizira igiturire » : umugambi wahereye mu civugo gusa ?
Commentaire * ariko sinumva icagutangaje! igiturire cogwanywa n’umupolisi mutoyi n’abamutwara bakirya izuba riva? Burya muri abo batware harimwo uwogwa igiturire? Ko wagize Imana bakabigusubiza ntibarabe icaha bakuremeka kugira babigutware, uriha pole!
icuvuze n’ukuri umwera uhera ibukuru ugakwira impande zose..Indongozi zari zikwiye kugira ico zikoze..amajambo yabo akaba ibikorwa
Niko bimeze nyene ivyubu
Ariko sinibaza kwariko vyari bikwiye kumera kuko vyarenze ihaniro..
Sh inxego xa resta Nico Ubu xixa ubwambere aho ku kirwany umupolisi wo mwibarabara utwara bitanu hejuru bari bakwiy kwikosora cnk ababijejwe bagafata ingingo
Erga na Banzuba yagitanze yahay impigi abo bapolice zokubandanya baka igiturire abandi
N’uwagitanze yahay impigi abapolice kubandanya baka igiturire n’abandi
jew kweli ibintu vyigiturire bingenze ahantu kabisaa, kandi badahindutse burya Imana Iratubona nti yanumye ahubwo yaduhaye akanya ko kwisubirako …. bagenzi gerageza kuza twigenga ubuntu muri vyose nukuri