©Iwacu
article comment count is: 1

Ibohero rikuru rya Mpimba: uko ubuzima bw’abanyororo butunganije ku musi ku musi

Ibohero rya Mpimba, ni ibohero rikuru mu gihugu cacu, dusangamwo abapfungwa bava mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ivyo benshi batokwibaza, hariyo ubuzima nk’ubw’ahandi hose hari abidegemvya. Umwanditsi wa Yaga yegereye uwahora muri iryo bohero, maze aramwiganira uko bitunganijwe.

Ibikorwa bikurubikuru bikorwa n’umunyororo uwo ari we wese ku musi ku musi, nk’uko tubiyagurwa na Come Gahungu* aheruka kuva muri iryo bohero, ni ugutondera ivyo basanzwe bandikiwe gufungura ku musi. Ni ukuvuga amagarama amajana abiri na mirongo itanu y’ubufu batora isaha zine zo mu gitondo, hamwe n’amagarama nk’ayo nyene y’ibiharage batora hagati y’isaha umunani n’isaha icenda z’umuhingamo.

I ruhande y’ivyo bisangiwe n’abanyororo bose, hari ibindi bikorwa biri i ruhande bakora imbere, hagati n’inyuma y’ayo masaha yo gufungura. Hari abaja mu tugenegene utu na turiya, nko gukora umuziki, mu nkino zitandukanye, nk’amakarata, urubugu n’izindi. Hari n’ababa bariko baraba imboneshakure abandi na bo bikinonora imitsi, eka mbere hari n’ababa bari gusenga.

Bariga n’imyuga

Hari abandi bahitamwo kudatakaza akanya kabo, bakaja mu vyo kwungura ubumenyi bafise bigishanya hagati yabo. Nk’uko tubandanya tuvyiganirwa na Gahungu benshi bavayo bafise ubumenyi butari buke mu bijanye n’imyuga itandukanye. Muri iryo bohero, abanyororo barigishanya gukinjika, kubaza, gukoresha  imashini nyabwonko, gukora imishatsi n’iyindi myuga itari mike.

Mbere hari n’abatunzwe n’iyo myuga, nko kumwa abantu, kujisha ibikoresho baheza bakagurisha. Gahungu* yasohotse yigiyeyo umwuga wo gukora imishatsi, ubu akaba ari wo mwuga umutunze ukamutungira n’umuryango. 

Na ho biri uko…

Mu buzima bwo mw’ibohero rikuru rya Mpimba, hari n’ibitoroshe kubamwo nk’uko tuvyiganirwa n’abahaciye. Ubwinshi bw’abanyororo butuma imfungurwa kenshi ziba intica nt’ikize, kandi n’uburaro ntibubakwire bose.

Iyo ufunzwe udafise uburyo bw’amafaranga, birakugora kuronka aho ukika umusaya kuko uburaro bwiza burihwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu bivanye n’ubwiza bw’aho wifuza kuba. Abadafise ayo mafaranga kenshi barara hanze ku kibuga, mu mbeho. Abanyororo kandi ngo ntivyama biborohera kwivuza kuko abajejwe kubavura indani bataba bafise imiti ikwiye n’ibikoresho vyo kubakira.

Ariko muri rusangi, ubuzima bw’abanyororo ntibworoshe na gato. Mwomenya ko ibohero rya Mpimba, kugeza muri Ndamukiza uyu mwaka, ryarimwo abapfungwa bagera ku 4 075, mu gihe ryategerezwa kwakira abatarenga 800.                   

                                                      

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)