Ni kuwa 28 Mukakaro, abanyeshure barangije amashure yisumbuye baramutse bakora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu nyigisho za kaminuza. Ahenshi mu miryango ifise urwo rwaruka, kubera ukutamenya, canke ukwibaza ko ari urugamba rwega bene gukora ico kibazo gusa, […]
Inyigisho
Ni nde azobohora abayoboke ba Zebiya ?
Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ntwarante, abantu bababa 1 600 barashikirijwe ubutegetsi bw’Uburundi, bavanywe muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo. Ni abayoboke ba Zebiya Ngendakumana, umupfasoni yemeza ko abonekerwa.
#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano
Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.
Ikirundi mw’imenyeshamakuru : hariyo ba “Rwicakokize”
Uku kwezi twaraye turangije kwaranzwe no gusubira kuzirikana ku rurimi rw’Ikirundi. Twaraciye ku mayange ibirubangamiye, icokorwa kugira rutere imbere, n’abokora kugira ruhabwe ikibanza kirubereye. Ariko, ivyo vyose kugira bishoboke, hari igisata gikwiye kubigiramwo uruhara rudasanzwe : imenyeshamakuru. Uno musi, ico […]
#KwandikwaMuriKaminuza : umwaka ku wundi, ingorane ku yindi
Kwiyandikisha muri kaminuza ntivyamye bikorwa nk’uko tubibona uno musi. Uko imyaka yagiye iragenda, ico gikorwa cagiye kirahindagurika, na canecane ibisabwa ; ni vyo vyagiye birongerezwa, maze bituma ico gikorwa kiguma. Muti vyoba vyagenze gute kugira bigende biragorana ?
#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?
Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute […]
Amabanga y’abubatse: hari abagabo bakwiye kwigishwa uko bigenda
Imico n’imigenzo ifatiye kw’idini iri canke ririya, rimwe na rimwe iratuma haba ingo zubakwa, ariko zidafatiye ku rukundo. Ivyo bigatuma ivyiza uwubatse yokwitega mu rugo atabironkayo. Zayinabu* yaratwiganiye amagorwa aterwa n’uwo bubakanye, iyo hageze amabanga y’abubatse. Ng’iyi inzira y’umusaraba ariko […]
« Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu»
Umwaka ugiye kurangira. Benshi muri twebwe twawutanguranye imigambi myinshi. Bamwe vyagenze neza, abandi barananiwe. Igikunda gushika ni uko bene kunanirwa baca bihebura. Si uko vyategerezwa kugenda. Ng’uku uko twategerezwa kubona « uruhombo » mu vyo dukora.
Ikirundi si ururimi rukenye: habe na mba!
Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.