Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.
Inyigisho
Ingene ihiganwa ry’ukwandika Rumuri riteza imbere abaryitabira
Haraheze imyaka ishika kuri ine ihiganwa ry’ukwandika ryitiriwe Rumuri rivutse. Iryo higanwa ryugururiwe abanyeshure bose bo muri za kaminuza aha mu Burundi ngo riratera iteka abaryitabira bose nk’uko tubiyagirwa na Aminadab Havyarimana inyuma y’ikiganiro yagiranye na bamwe mu bagiye bararonka […]
Burundi: ng’uku uko umugabo w’ubu akwiye kumera mu rugo
Uko ibihe biha ibindi, umugabo w’umurundi ngo agenda ahinduka mu nyifato yiwe mu rugo. Déo Ndayishimiye aratwiganira uko abibona mu kibano, agashimikira ku gishingantahe c’umusore Samweri Kajuru.
Abakurambere ni “karahara mu ruganda ntibacura”
Iruhande y’ugukingira ibidukikije, ukugwiza umwimbu n’uguteza imbere igisata c’imibano, akaranga n’imico kama ni inkingi ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Kubwa Egide Nikiza, « ico gisata ntigishobora gutera imbere inararibonye zidahawe ikibanza kizikwiriye ». Arabisigura.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.
Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !
Ko abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu batigishwa ikirundi ngo n’uruhombo runini cane. Muganga Laurent Niyonkuru aheruka kwandika igitabu cofasha mw’ico gikorwa. Rivardo Niyonizigiye aratuyagira kuvyo yiganiwe n’uwo mwanditsi.
Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?
Amashengero, mu Burundi, ni kimwe mu bintu bikora ku buzima bw’abantu mu buryo bwinshi. Hari abayajamwo kugira biyegereze Imana, n’abandi bayajanwamwo n’inyungu zitandukanye. Ni naho abantu benshi bahera bakibaza niba irwirirana ry’amadini ryoba vy’ukuri rishingiye ku kwemera. Ariko Thaddée Niyirora […]
Utuganuke ku banyeshure barushije abandi amanota?
Abanyeshure, muri rusangi, impembo yabo n’amanota, mu gihe bakoze neza mu mashure. Ariko rero, iruhande y’ayo manota, hariho utuganuke dutangwa mu gutera intege ababaye abambere mu guteza imbere umuco wo guhiganwa. Ubu rero hari amashure atagikurikiza uwo mugenzo maze ugasanga […]
Kazoza k’ikirundi mu gisagara ca Bujumbura
Ikirundi ni ururimi ruhuza Abarundi bose. Ariko, muri ino minsi, icibonekeza n’uko urwo rurimi ruriko ruragabanura akanovera na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bitaho indimi mvamakungu gusumba ururimi ruduhuza, mbere ivyo bigatera n’amakenga kuri kazoza karwo nk’ukwo Rivardo […]