Uko ibihe biha ibindi, umugabo w’umurundi ngo agenda ahinduka mu nyifato yiwe mu rugo. Déo Ndayishimiye aratwiganira uko abibona mu kibano, agashimikira ku gishingantahe c’umusore Samweri Kajuru.
Inyigisho
Abakurambere ni “karahara mu ruganda ntibacura”
Iruhande y’ugukingira ibidukikije, ukugwiza umwimbu n’uguteza imbere igisata c’imibano, akaranga n’imico kama ni inkingi ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Kubwa Egide Nikiza, « ico gisata ntigishobora gutera imbere inararibonye zidahawe ikibanza kizikwiriye ». Arabisigura.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.
Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !
Ko abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu batigishwa ikirundi ngo n’uruhombo runini cane. Muganga Laurent Niyonkuru aheruka kwandika igitabu cofasha mw’ico gikorwa. Rivardo Niyonizigiye aratuyagira kuvyo yiganiwe n’uwo mwanditsi.
Irwirirana ry’amadini rishimikiye ku kwemera kw’Abarundi ?
Amashengero, mu Burundi, ni kimwe mu bintu bikora ku buzima bw’abantu mu buryo bwinshi. Hari abayajamwo kugira biyegereze Imana, n’abandi bayajanwamwo n’inyungu zitandukanye. Ni naho abantu benshi bahera bakibaza niba irwirirana ry’amadini ryoba vy’ukuri rishingiye ku kwemera. Ariko Thaddée Niyirora […]
Utuganuke ku banyeshure barushije abandi amanota?
Abanyeshure, muri rusangi, impembo yabo n’amanota, mu gihe bakoze neza mu mashure. Ariko rero, iruhande y’ayo manota, hariho utuganuke dutangwa mu gutera intege ababaye abambere mu guteza imbere umuco wo guhiganwa. Ubu rero hari amashure atagikurikiza uwo mugenzo maze ugasanga […]
Kazoza k’ikirundi mu gisagara ca Bujumbura
Ikirundi ni ururimi ruhuza Abarundi bose. Ariko, muri ino minsi, icibonekeza n’uko urwo rurimi ruriko ruragabanura akanovera na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bitaho indimi mvamakungu gusumba ururimi ruduhuza, mbere ivyo bigatera n’amakenga kuri kazoza karwo nk’ukwo Rivardo […]
Ubukene bw’abarimu mu mashure
Mu mashure atari make yo mu gihugu, haribonekeza ubukene bw’abarimu. Naho henshi binanirana ugasanga abana bariko bariga mu buryo budashimishije, hari ayandi mashure yiyungunganya maze agashobora gusukamwo mabisi ivyigwa bikabandanya neza. Akenshi rero, ivyo bikunda biturutse ku kwiyungunganya kw’abavyeyi n’abarimu […]
Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga
Aha mu Burundi, abantu batari bake biyumvira ko umwana avukanye ubumuga bwo kutavuga aba abaye igihombo ku muryango wiwe. Ivyo bavyibaza kuko, akenshi, mu gihugu hagati, bene abo bana bakurira muhira maze ntibashobore gushirwa mu mashure nk’abandi hanyuma ntihagire ico […]