Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.
Igihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe igitabu mu Burundi, abari bashitse aho uwo musi wahimbarijwe bararonse akaryo ko gukurikirana ibiganiro vyatunganijwe, na canecane icari gihariwe amayagwa yanditswe mu Kirundi kuva Abarundi bamenye kwandika.
Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Dr Denis Bukuru, umwe mu batumire muri ivyo birori, akaba ari nawe yaremesheje ico kiganiro, yarajijuye abari bahari ko ikirundi atari ururimi rukene, nk’uko benshi babivuga canke bavyibaza.
Ikirundi n’Ubumenyi
Uwo muhinga yemeza ko ururimi rw’Ikirundi rushobora gukoreshwa mu kwigisha ivyigwa vy’ubumenyi abandi bakoresha mu ndimi zabo. Ashize amanga, yemeza ati:
“Erega hari n’amajambo amwe muri ayo y’ubumenyi n’ubuhinga Abarundi bakoresha batabizi. Akarorero ni nko mu vyigwa vy’ibiharuro, aho biga umuzingi (cercle mu rurimi rw’igifaransa). Ijambo ry’ikirundi risubirira ijambo “rayon” ni “inda”; irisubirira “Diametre” naryo ni “Indesho”. »
Uwo muhinga avuga ko aho ari ho hava ijambo rikunda gukoreshwa mu Kirundi ngo “n’inda n’indesho”; bisigura mu rurimi rw’igifaransa “considérant le rayon du cercle et son diamètre”.
Irindi ryatangaje abari bahari ni ijambo amagenge. Bose bari bazi izina Ndikumagenge ariko ntibari bazi insiguro yaryo. Kubwa Bukuru, ijambo amagenge risigura “tangente” mu gifaransa. Iryo zina rero Ndikumagenge risigura mu gifaransa « je suis à la tangente ».
Ikirundi n’Ubuhinga
No mu vyigwa vy’ubuhinga, ikirundi kirafise amajambo akwiye. Akarorero ni ijambo Ikigendajuru. Uwo muhinga atangazwa n’ukuntu mu Burundi, ata hinguriro ry’ibigendajuru riharangwa, ntihabe hari n’ikigendajuru kiharangwa, ariko iryo jambo rikaba rikoreshwa mu Kirundi. Vy’ukuri ivyo birerekana ko ururimi rw’Ikirundi rufise amajambo y’ubuhinga butari hose mu Burundi.
Tugiye no mu vy’ibirere, isabagi ni ijambo Abarundi batoye kugira bavuge umugwi w’inyenyeri zikoraniye mu kirere mu gifaransa bita « galaxie ».
Ikibabaje…
Mu misi ya none, abantu basa n’abacitse abanebwe, kuko ntibacoroherwa no gutora amajambo y’ibintu bishasha bigezweho, bigatuma ururimi rutera rukena kubera Abarundi bakenye ubwira bwo kuruvomerera. Abo ni bo bagaruka kuvuga ko ururimi rwacu rukenye.
Bitayeko, Ikirundi kirakora mu buzima bw’igihugu muri rusangi, mu masengero, mu binyamakuru no mu maradiyo. Ariko mu nyigisho ruracafise ikibanza gito cane; iyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma.
Ndabakengurukiy cane ariko nobasaba ko abahinga nkamwe mwoja hamwe mukaturyohorera ururimi rwacu maz rugakoreshwa muvyirwa vyubuhinga bitandukanye.ndemezako hari abana Benshi bayoberwa mu mashure biturutse kukudatahura Indimi zohanze zikorehwa.
Merci vraiment à Alain de nous faire un tel article et je viens de voir qu’on a beaucoup négligé notre langue et il est temps de la promouvoir, c’est notre intérêt en tant que Burundais. Mais une question il y a moyen de trouver ce livre qui relate les détails des mots Kirundi pour le consulter.
vyarikuba vyiza ivyo wanditse ubishiz mukirundi.
warikuba werekanye nawe ko wifatanije,munvugo nomungiro,umugambi wiza ufiswe woguteza imbere ikirundi
kudebagura na debagouler meme signification
Iciyumviro canje nuko ikirundi cohabwa ikibanza kinini mu nyigisho kuko ingeso n’ingendo yo gukora ubushakashatsi kuri urwo rurimi, biterwa na kamenyere hamwe n’urukundo ubifitiye. Ivyo navyo ntivyizana kuko ntawukunda ico atumvise canke atarabona.
Jewe ndanezerwa n’ukubona ikinyamakuru canke icapa canditswe mu rurimi rw’ikirundi ariko nkababazwa n’uko benshi muri abo banditsi batitwararika amategeko y’inyandiko yaco kandi ijwi ryabo rishika kure cane.