Mu mashure ya Kaminuza, turakunze kubona, mu gihe umwigisha kanaka ari mw’ishure ariko aratanga ubumenyi, abanyeshure bari imbere yiwe ata n’igice c’ikirasi buzuza. Muti none ukwo gusiba icigwa kimwe, ikindi kikitabwa biva kuki ? Umuti wo woba uwuhe ?
Indero
Kurihira amashure umukunzi : ikosa umuntu atokora ?
Bamwe ngo : « Iryo ni ikosha ata musore yari akwiye gukora » ; abandi bati : « Utabimukoreye ubishoboye, ntiwoba umukunda. » None, ukuri ni ukuhe ? Hari inzira zibiri zishoboka.
Uno mwana w’umutwa ati: « Ndafise indoto »
Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.
«Imbanyi» canke «inda» : ng’iyi imvugo ibereye uwibungenze
Ejo bundi haribonekeje ukutumvikana kw’ikoreshwa ry’ijambo “imbanyi” ku mwigeme yibugenze atarubaka. Bamwe bakabona ko iryo jambo ryisoneye, rikwiye gukoreshwa ku mukenyezi yubatse gusa. Nayo ku mwigeme, hagakoreshwa ayandi, rimwe na rimwe atamuhesha agaciro. None ivyo biva kuki ? Vyoba bikwiye kuguma […]
Kaminuza : gutwara 1000 umunyeshure, ni nko gutwara umuliyoni umugwizatunga
Mu mwaka w’2017, twarababwiye ubuzima umunyeshure abayemwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, ku gafashanyo k’9000 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Ku wuba atararonka uburaro muri ivyo bigo, aronswa agafashanyo k’30 000. Ubu rero ayo mahera yagabanutse. Inkurikizi.
Burundi : ng’iki icatituye ikiyago mu muryango
N’aho zidufasha kuronka amatangazo y’ubuzi, kuganira n’incuti n’abagenzi, gukorana urudandazwa n’abari kure yacu, kumenya amakuru, n’ibindi, izo terefone dutunze hari ikibi zatuzaniye…
“Ndahakanye ko mama yakwa ijambo kubera imico”
Mu Burundi, iyo serugo yitavye Imana, umupfasoni asize ntaba afise uruhusha rwo guhaguruka ngo avuge ijambo kw’izina ry’umurango. Ategerezwa kurondera umuntu w’umugabo mu muryango, akaba ari we avugira urugo. Akarenganyo gasasiwe indava kugeza iyo; intahe ya Annick Ndihokubwayo* irabigaragaza.
Uburuhuko: abarezi batameze magabo, icaterera gishobora kuvoma
Ibihe vy’uburuhuko bw’ici ni ibihe bigoye cane ku rwaruka ruri mu mashure, yaba matomato, canke ayisumbuye. Uburuhuko bwaraye butanguye. Hamwe abavyeyi n’ababijejwe batomera magabo, urwaruka rumwe rumwe rushobora kuhazimirira. Muti gute?
« Gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri » : koko vyotuma umwigeme asama imbanyi ?
Ingingo ibuza abigeme gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri igiye gushirwa mu ngiro ku rugero rw’amakomine amwe amwe. Ariko rero, hari ababona ko iyo ngingo ataco ije kumara, ngo « ahubwo ije kubandanya gukumira umwigeme».