Ahatari hake, abantu bo mu bwoko bw’Abatwa babayeho nabi, hamwe ugasanga ikibano kirabakengera, kikanabaturubika. Ivyo birasesereza ku mitima y’abana bavukira mu miryango ibayeho uko. Uno mwana Mukeshimana, wo ku mutumba Musumba muri komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi, aratwiganira ubuzima abayemwo.
Mfise imyaka 8, nkaba niga mu mwaka wa kabiri w’amashure matomato. Mvuka mu muryango w’ abana ndwi. Abavyeyi bose ni ba ntahonikora. No kugira baronke ico batugaburira, biragoye cane. Ikintu conyene kitubeshejeho ni uko mama abumba inkono, dutomboye bakamugurira, tukabona kurara dufunguye.
Sinoroherwa kuronka ibikoresho vy’ishure. Kubera mama atari bushobore kubumba iziduha ivyo dufungura n’amakaye yanje, nanje yanyigishije kubumba ; aho ni ho nkura amafaranga ngura agakaye canke agakaramu.
Umuruho udasanzwe
Mvuye kw’ishure, hari aho nsanga bataronse ico bateka muhira, ngaca nduga ku gasoko kuraba ko noronka uwo ntwaza ibintu, akangaburira. N’abo tuvukana, bose bategerezwa kwimenya nk’uko, ubwo ni bwo buzima tubayemwo.
Akazu tubayemwo kama kaduhenukiyeko. Gasakaje ivyatsi, iyo imvura iguye hoho, turafata imbwa amaboko. Nta n’ivyo dufise turyamako, twisasira ivyatsi vyo mw’ishamba, ivyo kwifuka vyo ntiwobitubaza, imbeho iratwica tukarwara kenshi, kubera ubwo buzima bubi tubayemwo.
Mpora nicara jenyene nkibaza igicumuro twacumuye ku Mana, nkakibura. Ndavye abandi bana atari abatwa, nkabona babayeho neza, baba mu nzu nziza zisakaje amabati, canke amategura ; bafise aho barima n’ivyo borora,… nkibaza nti none tweho kuki ?
Uguturubikwa n’abokuburaniye
Kuja kw’ishure ni ugutimba, kuko abanyeshure barantwenga, badutunga urutoke, ko twebwe abana b’abatwa twambara impuzu mbi. Ikibabaje ca gose, ni uko n’abigisha; ari bo bari bakwiye kutwubahiriza no kudutera intege, baja mu badutoteza ko ducafuye. Hari n’aho banatwirukana, tugataha imuhira. None nziza tuzikure hehe?
Bamwe bamwe baca bahitamwo guheba kwiga, kuko babuze agahuzu n’ibindi vya nkenerwa. Na jewe ndabona ko, n’aho noshika mu wa gatatu, uwa kane ntarota ndawuhonyozamwo ikirenge; kubera ako gahahazo batugirira. Iyo mba mfise ico nokora ngo bihere, nogikoze.
Ikibano naco kiti natanzwe!
Nakunze mbona iwacu ata matongo dufise nk’abandi, tudatunze inka canke ihene nk’abandi,… n’iyo uriko urarengana mu nzira, ubona abandi bahindukira bakakuraba nk’ico imbwa yahaze. Nkibaza nti « none abatwa twacumuye iki, kugira tugume muri buno buzima ?»
Mu kibano, abatwa bazwi nk’abasuma, ibicibwa,… Wa wundi ngo « iyigeze kure nta yitayinena », turabwa nabi koko. Ni vyo, muri twebwe hariho abiba, hari n’abamaze gupfa. Muti ubwo busuma bwoba butumwa n’iki ? Ubukene.
Mfise indoto
Ndanyotewe kubona nanje mfise iteka kw’ishure nk’abandi bana tunganya imyaka. Ndakeneye kubona mama yubashwe mu babanyi, abo tuvukana bakagira iteka ribabereye. Ndanyotewe kubona koko turi «Abarundi» nk’abandi.
Ico nsaba, ni uko Reta yotwereka vy’ukuri ko turi abana b’igihugu. Ikatugarukira mu kuturonderera amatongo turima nk’abandi, tukaronka uburaro bwiza, ariko igikuru, bakanatwigisha.
Ababanyi, abanyeshure n’abigisha baduturubika batwinuba, nabo bamenye ko atari twebwe twavyigize. Hamwe tworonka ikitwigisha kikanadufasha uko dukwiye kwiteza imbere nk’abandi, natwe twotera twoba nk’abandi.
Jewe navutse mu muryango turimwo turi abana batandatu. N’aho twari dufise urugo novuga ko rwari runini (n’ahandi mu mwonga), aho niga muri secondaire (mu myaka ya 1960) naridoga ko abavyeyi bantekereye amafaranga make nsubiye muri internat (kandi tutatanga minerval, kandi nari uwambere (w’imfura) kuja mu mashule yisumbuye).
Biragoye lero kumva ubuzima na kazoza k’umwana w’umurundi w’ubu « avuka mu muryango w’abana indwi » KANDI IWABO ATAN’AGAPANDE K’ITONGO BAFISE (KANDI NA LETA YIRIRWA ISEMERERA KO ABARUNDI BOVYARA ABO BOSHOBORA KURERA).
Jewe narabaye mu bihugu bitatu bitandukanye hanze y’uburundi: Ico nabonye n’uko MU BUZIMA HARIMWO UGUHIGANWA (competition), kandi ko umuntu atokwama arira ngo nd’umurushwa DONC JE SUIS VICTIME DE LA SOCIETE. JEWE NIYUMVIRA KO N’ABAVYEYI BABA BABIFISEMWO URUHARA (il faut reconnaitre qu’il y a des parents qui sont tout a fait irresponsables ET (MALHEUREUSEMENT?) CA DEVRA AVOIR DES REPERCUTIONS SUR LEUR PROGENITURE).
Meme si parfois l’on essayait de pratiquer le principe de solidarite sociale, LA SOCIETE N’AURA JAMAIS ASSEZ DE RESSOURCES POUR AIDER TOUT LE MONDE (QUI LE DESIRE).
Hari aboshobora kwiyumvira ngo jewe nta kigongwe ngira, mais ici j’essaie d’etre pragmatique et analyste: HARI INGENDO (NYINSHI?) Z’ABARUNDI ZITUMA/ZIZOTUMA IGIHUGU KIDATERA IMBERE.
No the big no mumenya Yuko hofatwa ingamba yo kugwisha abantu akazi no kukwikura ku ubuke ne ko vyofasha iterambele y’mijango mulilusange ,ni impuguro zo kubaha ubwenge….Nta bukene nu ubujiji!.