article comment count is: 3

« Gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri » : koko vyotuma umwigeme asama imbanyi ?

Ingingo ibuza abigeme gutembera inyuma y’isaha cumi na zibiri igiye gushirwa mu ngiro ku rugero rw’amakomine amwe amwe. Ariko rero, hari ababona ko iyo ngingo ataco ije kumara, ngo « ahubwo ije kubandanya gukumira  umwigeme».

« Kirazira ko umwana w’umwigeme ayererana n’umuhungu, yaba uwiga canke uwutiga, guhera isaha cumi na zibiri z’umugoroba ». Ivyo tubisoma mw’itangazo ryasohowe na Ferdinand Simbananiye, musitanteri wa komine Nyabiraba y’intara ya Bujumbura, kuwa 25 Ntwarante 2019, inyuma yifatwa ry’ingingo nkiyo na musitanteri wa komine Muyinga kuwa 7 Ruhuhuma uyu mwaka.

Nk’uko tubandanya tubisoma muri ayo matangazo yose, iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugarukira indero y’urwaruka muri rusangi, na canecane abanyeshure. Bene kuyifata bati : « Vyaragaragaye ko abanyeshure basigaye baheba amashure ari benshi ; abenshi bakaba baheba kubera inda z’indaro. Kandi, hari n’izindi nyifato zitabereye zisigaye ziranga urwaruka. Izo ngorane rero, akaba ari zo iyo ngingo igamije gutorera umuti. »

Agahaze

Alice Kankindi ari mw’ishirahamwe ryishinze guteza imbere umwigeme w‘umurundikazi (APFB) ntashima iyo ngingo.  Avuga ati: «Uvyihweje neza, ingingo ziri muri ayo matangazo ziratandukanye n’icatumye zifatwa.  Ugitangura gusoma ivyo vyandiko, womenga n’ibije guteza imbere umwigeme w’umurundikazi, ariko wihweje neza, si vyo na mba !».

Ku bwiwe, kuvuga ngo abigeme babe batashe imbere y’ayo masaha, ni ukubahohotera. Ati : « Ntaho bitandukaniye no kubakumira, bitwa ngo bariko barabakingira ».

Ku kijanye n’uko bisanzwe bizwi ko mu ndero y’ikirundi, ko « ata mukobwa ataha ijoro » ; iyo mboneza mu bakenyezi agira ati : « Aho hari kera, ubu ibintu vyarahindutse. »  Ari na ko kwibaza ati : « Mbe nko mu mashure y’indaro usanga higamwo n’abiga bataha, ko ivyigwa vyo kwisubirishamwo (études) biba gushika nk’isaha zibiri z’ijoro canke zirenga, umukobwa ntazosubira kwiga ? »

Alice Kankindi, icegera c’uwuserukira urunani rw’amashirahamwe aharanira ukwiga kw’umwigeme mu Burundi (Educate Her Burundi), nawe ati : « Kira noneho gutaha ijoro si vyo bitera gutwara inda z’indaro. Hari vyinshi, bikuru bikuru bikaba ari ubukene no kutamenya. »

Umuti urama

Iyo mboneza mu bakenyezi baharanira agateka k’umwigeme ati : « Kugira  iyo ngorane iranduranwe n’imizi, hakenewe ukunagurwa indero ya ha ziko. »  

Ngo kanatsinda, igitera ukutamenya, ni uko mu miryango myinshi mu Burundi, ivyerekeye ibanga ry’abubatse ari akatavugwa. Ngo none harakenewe cane ukuganira hagati y’abavyeyi n’abana ku vyerekeye ubuzima bw’irondoka rijanye n’amagara meza, ibiganiro bikaba mu majambo yumvikana kandi atomoye; gutyo umwana agakura azi kwiyubara.

Ku cerekeye ubukene naco, ngo hakenewe imigambi yo guteza imbere umukobwa w’umurundikazi, n’umukenyezi muri rusangi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Aho Barihenze Cane,Umukobwa Yaramutse Atwara inda Ntibiraba Ngo Ninyuma Ya 18h,Ahubwo ni Bagwize Inyigisho Ndetse N’amashirahamwe Y’ugwaruka Hama Babigishe Uko Bakwiye Kwitwara.

    1. Nibabareke kubafatira ingingo bita zagahotoro….haziga uwushaka,Ubu abize bariho! ikindi uwuzokwangatwa kubuzima bwiwe ivyo biramuraba! je simbona impari aho zova!

  2. ahaaa!aho barihenze!ukagirango abatwara inda zindaro ngo bose bataha ijoro ?ahi bambewe!ahubwo nindero nke murwaruka naburya umugezo wakera woguteramira hamwe kuziko abavyeyi bagacira imigani abana babo nibitito nibisokozo maze bakabisigura gutyo umwana agakura yiyubara bivanye nabimwe bamubarira,ubu biracahari?nivyaba bihari mwibanza kwarimiryango ingahe icitaho indero yabana?niho ningeso mbi zibandanya zigwira murwaruka!ubu urwaruka ruregwa na firime télévision ngohama gwibintu vyayangaye gute!?