article comment count is: 1

Uburyo bukinga gusama imbanyi: kuki budakinga 100%?

Hari inzira zibiri zo kubona ukuntu uburyo bukinga gusama imbanyi bukora: ushobora gukurikirana ingene bwari busanzwe bwokoze iyo bukoreshejwe neza, canke kuraba  ibigenda birashika mu buzima bw’uwuri kuri ubwo buryo; kuko abantu dukozwe ugutandukanye. Ariko, ikibazo kigumaho : kubera iki ubwo buryo budakora neza ijana kw’ijana ?

Kugira ngo umuntu yame yibuka buri musi gufata ibinini canke kwitenga aho ababara, biragoye cane. Ntivyoroshe ko usanga vyakozwe imisi yose, nk’uko bitegerezwa. Mu buzima, ni ibisanzwe cane ko bishika umuntu akibagira.

Ku vyerekeye ubukingirizo n’utugegene, usanga abantu babikoresheje ukutari kwo, bikabaviramwo kunanirwa.

Urugero rw’abananirwa

Nimba ku bagore 100 bakoresha uburyo bwo gukinga gusama imbanyi ku mwaka, hari abasama n’aho baba bari kuri ubwo buryo. Ico bacita urugero rw’abananirwa. Nk’akarorero, nimba abagore 100 bakoresha udukingirizo mu gihe cose bariko bararangura amabanga y’abubatse, muri rusangi, 14 muri bo bazosama. 

Ivyo bice rero ni vyo twita ko ari urugero rw’abananiwe, kuko bataba bashoboye kwikingira neza. Ruca ruba urwa 14%. (Abari muri urwo rugero usanga harimwo n’abagakoresheje nabi. Iyo abantu baba bakoresha neza cane agakingirizo, abantu 3% ni bo bonyene bosamye).

Mu gihe udashaka gusama (udashaka umwana), uraheza ukaraba mu buryo butandukanye ubwo wewe wohitamwo, kuko ni bwinshi. Uko rero busanzwe bungana, toramwo bumwe bugushobokera kandi bukagwa neza uwo mwubakanye.

Ariko rero, ntihagire uwuzoguhenda ngo ubwo buryo bwama bukinga ibihe vyose. Ku bijanye n’ugukinga imbanyi, ushaka kumenya ko wikingiye imbanyi ku rugero rungana ijana kw’ijana, kandi ukijajara kuko uzi neza ko ataho yoca, igikwiye ni ukwihangana. Kwirinda kurangura amabanga mpuzabitsina.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)