article comment count is: 0

Kwibungenga wiga ni amananiza ku mwigeme

Haba mu miryango canke mu kibano, abigeme bibungenga biga bafatwa ugutandukanye. Hamwe bafatwa nk’abana bigenjeje nabi, ahandi bagaca bahatirwa kwubaka hataragera. Kenshi usanga n’abo bazibatwaza ataco babafasha. Ng’ibi ivyashikiye aba bigeme twaganiriye.

Jeanine* ni umwigeme wo ku mutumba Kagoma muri komine Vyanda, intara ya Bururi. Afise imyaka cumi n’indwi. Umwaka w’ishure waratanguye ntiyashoboye kuja kwishure kuko mu wuheze yatashe yibungenze. 

« Umwaka w’ishure uheze sinawumaze kuko igice ca gatatu sinakirangije. Nasanze mfise inda kandi uwayinteye yarayihakanye. »

Nk’uko uwo mukobwa abandanya avyigana, uwamutwaje iyo mbanyi ni uwusanzwe atwara ipikipiki muri ako karere. Kukaba nka ko, mu Kagoma ni ahantu hagoye kugenda kuko hari imisozi ihanamye kandi ishure yigako riri kure. 

« Uwo atwara ipikipiki yarakunda kuntora akantwara kw’ishure. Ariko uko imisi igenda atangura kwanka ko ndamuriha amahera ampaye umunyenga. »

Ivyakurikiye, uwo musore yahavuye amujama mu nzu iwe aca amusaba ngo baryamane. Umukobwa akagira ati : « Ku bwanje sinavyiyumvamwo, ariko kubera nabona ko namaze gufatwa kandi ntari butabaze nararetse arakora ivyo ashaka hanyuma ndataha. »

Inyuma y’amezi abiri ni ho yamenya ko yasamye. Muri ico gihe umwe yunguruza abantu kw’ipikipiki yari yimutse, umukobwa asigara yifumbereje atagira icemeza se w’umwana. 

Biri irya n’ino

Kwizera Primathe na we yatwaye inda atifuza akiri ku ntebe y’ishure. Agashinga intahe ati: « Nari ngeze mu mwaka ushira uwa nyuma  kw’ishure ryisumbuye ry’ i Matana. Ukuntu yayitwaye nanje sinabitahuye. »

Nk’uko uwo muyabaga w’imyaka cumi n’itandatu abimenyesha, ryari irya mbere asohokanye n’urunganwe rwiwe gutamba umuziki. Bariko bigina umusi baca indagano mu muhari wa “Scout”.

Akaja ku muriri ati: « Vyari ibirori bihimbaye kuko twari tumaze ukwezi tuvyitegurira. Hari umuhungu umwe twamenyanye muri izo ndagano. » 

Umusi wo kuryoherwa ugeze, ni uko Kwizera aba agiyeyo, ahurirayo na wa musore, baja mu vyo kwirekura, biza kurangira bararanye. « Uwo musi ntacabaye, ariko kubera kumwizera nahavuye menyera kuja kumuraba muhira iwabo. » Ba sokuru bati: « Akamenyero kica inkware », ni ko kurendegera basanga bagiye mu vyo kuryamana. Ivyahavuye bivamwo inda y’indaro.

Gusemagura ijuru

Nk’uko abo bigeme babivuga, ubuzima bwo gutwara inda bwababereye umutwaro . Jeanine avuga ko akimenyesha abavyeyi ko afise imbanyi inyishu yabaye : « Twara utamena ». Hakurikiye kumubaza uwayimuteye na we ababwira izina ry’umwe yunguruza abantu kw’ipikipiki yakunda kumutwara. « Baramurodeye hasi hejuru baramubura kuko yari yaromotse, hanyuma amakosa yose bayanyegekako. »

Kuva ico gihe yaciye aba nk’igicibwa gushika n’aho amara imyaka ibiri atavuye mu nzu. Ubu umwana akwije imyaka ibiri.

Primathe we yagize imana mbi aca abura umuvyeyi nyina wiwe acibungeze hama aza kwibaruka se ari mu nzira yo kurongora uwundi mugore. « Vyantwaye umwanya munini kugira niyakire kandi nakire ibiriko birambako. Navyaye ata n’umwe anyitayeho. Ni co gituma vyanse n’uko nsubira kw’ishure mu nyuma. »

Mbega ubwo abavyeyi barayaga n’abana babi ibijanye n’ubuzima ndorabitsina ? Bishitse ugasanga umwana yasamye imbanyi, uko biri kwose aguma ari uwawe. Igikwiye, naho bidahimbaye, ni ukumuba hafi. Mu nyuma arabandanya ishure, maze akayarangiza nk’abandi. Ico umuntu atokwirengagiza, ni uko hari abatwara izo mbanyi ku kutamenya. Kimwe mu bifasha kuzibira, ni ikiyago hagati y’umuvyeyi n’umwana. Ntihagire uwubifata nk’ibiterasoni, haba na mba. Tora uburyo mubiganiramwo.

* : Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion