Inyuma y’umwigeme aheruka kwica uwo yari ahejeje kwibaruka, bikamuviramwo umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, vyanteye kwibaza muri rusangi icotuma umwigeme yiyumvira gufata ingingo igumye nk’iyo. Nasanze hari imigwi itatu y’abantu bashobora kubigiramwo uruhara. Umwihwezo.
Ku wumaze guhonja ku gise c’imbanyi, gufata ingingo yo kwikora mu nda si ikintu coroshe. Ngo « inda woyibwigwa n’uwayirayeko ».
Urya mwigeme, benshi baramuciriye urubanza, n’intahe iramwokera. Ariko, ni bake bibutse kwibaza icoba carabimuteye. Kuko kugira ivyo bimushikire, n’icabiteye, gitegerezwa kuba ari ikidasanzwe. Sokuru ati : « Nta kabura imvo ».
Umuhungu yayimuteye
Hari abahungu bakorana imibonano mpuzabitsina n’abo bita ko bakundanye, bishakira akaryoheramubiri gusa. Iyo hatabayemwo ukwikingira, imbanyi itipfujwe ntiteba kwitamwo. Aho rero niho abahungu bakunda kugokera. Umwigeme akira kubabwira ko yibungenze, bagatangura kwihakana imbanyi, bamwe bagahunga batinya gushengezwa iyo umwigeme akiri umuyabaga, abandi bakiyumvira uko boja inama iyo mbanyi igakororwa.
Ubwo none, iyo nyifato ya mwe n’abo bahungu ntiri mu bikomeretsa imitima myinshi y’abigeme, bigatuma bumva biyanse, ibibazo vy’ukuntu batereranywe uko bazorera uyo mwana bikabarenga, gutyo ugasanga barakoze n’ivyo batokora ?
Abavyeyi b’umukobwa
Mu miryango yacu, umwigeme bishitse agatwara imbanyi atipfuza, ntiyoroherwa. Iyo atangajwe canke ngo aturubikwe, mu muryango ntaba agifatwa nk’umwana wo mu nzu. Kukaba nkakwo, amajambo akunze gukoreshwa muri ico gihe ni «inda z’indaro », « ishushu », « ibitwarire »,… Ayo yose akaba asubiza hasi uwo mwigeme vyashikiye. Ivyo navyo biri mu bibakomeretsa.
Guturubika uwo vyashikiye, haba mu mvugo, mu bikorwa canke ico cose comubabariza umutima canke umubiri, ntaho bitandukaniye na wa mugenzo wa kera wo kubata mu gisumanyenzi. Aho niho kenshi usanga umwigeme yihebuye, akaburanirwa, akabura uwo atura uwo mubabaro n’ibirake, maze bikaza kurangira yumva yanse ikimurimwo ; iyo nda mu nda yiwe.
Ikibano
N’aho gushikirwa n’imbanyi itipfujwe atawe binezera, inyifato yacu nk’ikibano irasonga cane abo vyashikiye. Baba bakomeretse bihagije, ariko ugasanga turiko twagura igikomere baba bafise. Naho benshi mu kibano babikora bibaza ko bariko batuma abandi bitarashikira batinya, biribonekeza ko atari vyo.
Mu kiganiro ku mboneshakure y’Abafaransa France 24, Pamella Mubeza arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bibarukiye iwabo avuga ati : « Abo bakenyezi basa n’abishwe mu kibano. Baritwa abamaraya, ikibano kikabaremera, bagacirwa umukenke, ku buryo batakaza icizere ku buzima bwabo ».
Ukwiyumvira ubwo buzima bagiye kubamwo mu kibano, navyo nyene biri mu bituma abo bigeme biyumvira ivyiyumviro vyinshi bibi.
Sokuru ati : « Aho utateye isuka ntukahatere intemere » ; ubwo benshi muri bashiki bacu ntibabirwamwo kubw’ukutamenya ? Ko nziga ukuvuga ku buzima ndorabitsina bifatwa nk’uguta ibanga mu mico ndundi ; tube turaretse abotegerejwe kuvyigisha urwaruka ; abavyeyi canke Reta muri rusangi.
Urakoze cane kuri iyo analyse. Kandi ni vyiza ko imbere yoguhana umukobwa yakoze ivyo hoba des enquêtes kugira bamenye ico vyavuyeko. Birashobora gushika ugasanga uwayimuteye yavyihakanye bigatuma umwigeme ata umutwe. Mugabo twibuke ko hari ikizira. Kwica kirazira ni icaha kandi gihanywa n’amategeko. Rero ivyo vyoha icigwa abakobwa imbere yuko bemera gukora imibonano, bakiyumvira bâti mbega ni natwara inda uyu muntu azobandanya anyemera canke bakikingira. Ikindi naco nuko naho utofatwa hariho ingaruka mbi zo gukorora inda. Ibi vyose babifatairako. Umwigeme akamenya ko iyo izongorane zishitse niwe kenshi ingaruka zijako uwayimuteye yibereye aho..naho rero afata ingingo bokorera cane kugira agateka ka bigeme ntikagume gahohotegwa. Kuko ivyo biranabasubiza inyuma mwiterambere. C’est mon point de vue. Et c’est discutable
Vyukuri kwica n’icaha. Uyo mwigeme nahanwe. Abazubwenge bapfuma baryamika urwo ruyoya ahantu Hama ntihabura uwumurera. Harakwiye kandi guhanwa n’uyo muhungu yayimuteye. Abanyeshure batwazanije inda kuri paramédical i Bururi babirukanye boose kandi vyahaye indero abandi.
Vyukuri kwica n’icaha. Uyo mwigeme nahanwe. Abazubwenge bapfuma baryamika urwo ruyoya ahantu Hama ntihabura uwumurera. Harakwiye kandi guhanwa n’uyo muhungu yayimuteye. Abanyeshure batwazanije inda kuri paramédical i Bururi babirukanye boose kandi vyahaye indero abandi.
Kwica uwo wibaruts nicaha kinini knd gihanwa.ntakund nakore umunyororo kk »igikoba cikwegera amakara »ahubw ubutungan bikore nuw nyene kuyimutera nawe ahanwe
Nta kuvuga ngo umuhungu n’ahanwe kuko har’aho umukobwa usanga yafashe iyo ngingo n’umuhungu ubw’iwe atavyo azi,cank ugasanga yaca na henshi bikamugora kumenya neza uwoba yarayimuteye, mbere biranashika akaba yari yayitewe n’umuntu atazi babonanye ukwo,tutibagiye ko ashobora kuba yayitewe n’umuhungu abona ko atokwemanga.
Ntamvo n’imwe yotuma umukobwa akorora inda Kuko iyo yiyumviriye gusambana ategerezwa kwishiramwo kwashobora gusama Canke ntasame .
Nagomba ndababwire yuko boza barareka gushavuza Imana 2 gusambana hamwe no kwica inzirakarengane