Iyo hagize umwigeme yibarukiye iwabo mu muryango, kenshi barakunda kubona umenga ni ijuru ribakorokeyeko. Ni naco gituma hari abo bishikira bagaca bagerageza kuyikurayo, abandi bakabona ko kazoza kabo gafutanye. Naho biri uko, Alexine* si ko vyamugendeye. Yarahagorewe cane igihe yasama, mugabo ubu asabwa n’abamwimye.
“Naragomvye kwiyahura mugabo mbona ko noba nsize umwana ku ngoyi. Nabona ata na kimwe nsigaye mbereyeho kuri iyi si kuko nari nibarukiye mu bukene bwokora ikara bugata.” Ivyo bivugwa na Alexine, umwigeme w’imyaka 24 ava mu ntara ya Bururi.
Yasamye imbanyi ari mu mwaka w’icenda, ng’uwo acitse ak’amenyo mu kibano. Yaribaza uko azobikika akabibura, narirya yari yayitwajwe n’umunyeshure bigana mu mwaka w’icenda nyene. Umwana yaragiye aho aronda, arazingama, ishure aba arahagaritse kandi yari asanzwe aronka amanota meza. Akagira ati : “Kw’ishure naciye niyomora sinasubiyeyo. Muhira bararize barihanagura. Bavuga ko ndabakojeje isoni neretse akarorero kabi abandi bakobwa tuvukana, narirya ndi imfura.”
Nta mpundu…
Naho umuvyeyi yavyakiriye kuko ata kundi yari bugire, abandi baguma bamuryaniranira inzara. Ivyo ntivyanezereza uwo muvyeyi yaguma avuga ati: “Uwibarutse bamuvugiriza impundu, bakamukeza. Naho Alexine wanje yibarukiye iwabo, ntibari bakwiye kwakiriza umwana amarira.”
Yarakoze ibishoboka vyose ku buryo umwana wiwe atarya urubutiro. Yamaze imyaka ibiri areze umwana wiwe. Kubera ubukene no kubura uwo asigarana umwana, vyaragaragara ko atoshobora gusubira kw’ishure. Umuravye warabona ko akenye koko.
Kwivyukiranya
Kubera ko yari asanzwe abitora cane mw’ishure, Alexine yahavuye asubirayo ku rindi shure araheza uw’icenda. Mu nyuma hariho incuti yiwe yamuhaye indaro, ariga mw’ishure ry’ubuhinga i Bujumbura. Akihashika yari umwana amerewe nabi cane, mugabo bukebuke aramenyera, ararya araryama neza. Emwe, n’amazi y’i Bujumbura yaramufashe ahava asa n’irirenga.
Uwo yamuhaye indaro akama amubarira ngo yige n’inzigo nyinshi abitore ati: “Ayo wagowe yose nari ndayazi nkabura uko ngira. Ubu rero wigane inzigo nyishi ubitore cane. Waremeye uragorwa ntiwakuyemwo inda yari kuguhitana. Uzoronka ishimwe rihabwa abagumije ibanga ry’ubuvyeyi.”
Erega uko yabimubwiye ni ko vyagenze. Umukobwa utanka yize yita, maze aca aguma aba uwa mbere. Ubu yarahejeje arakora akazi keza. Aripangiye inzu mu gisagara ca Bujumbura aho yibanira n’umwana wiwe. Arasumira nyina kandi aramwambika neza, eka n’abo bavukana ntabibagira. Itongo ryo muhira ubu rimeze neza kubera yabahaye umukozi anabagurira ifumbire ihinguye (angeri).
Kira noneho ubu ari mu rukundo ari mu kwiyubakira urwiwe. Abahora bamutwenga bose baramutwengera baza kumusaba. Baribagira uruhuha yabayeko ngo yasamye “ibara ryaguye”.
Abameze nk’abo bokwikebuka, kuko umwana avukiye mu rwanko bimugendera ukundi. Naho Alexine yahatswe kwiyahura bikanka mu nyuma akiyakira, hari abandi bigenda nabi cane. Kwibungenga utavyipfuza si umuvumo, haba na mba. Iyo birinze bishika ni ukuvyakira, mugabo rero ico ntikibuza ko iyo miyabaga yoza iriyubara kuko birahungabanya cane, bigafutanya kazoza k’umuntu.
*: Izina ryahinduwe