article comment count is: 0

Inda z’indaro : intambamyi kw’iterambere ry’urwaruka rw’i Buganda

Inda z’indaro si agaseseshwarumuri mu rwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke. Ruravuga igituma haba iyo ngeso ituma haba n’abateshwa amashure kare. Bari kumwe n’abo mu ntwaro, baratubwira icokorwa kugira ngo ibintu bihinduke.

Komine Buganda ni imwe mu makomine atandatu agize intara ya Cibitoke. Ugereranije n’ayandi makomine, abantu baho bagwirirana ku murindi munini. Haba abantu barenga 123 000 bagabuye mu ngo 30. 036, kandi benshi muri bo ni urwaruka. 

Mu buto bwabo, barahanzwe cane n’ikibazo co gitwara inda z’indaro. Kikaba kiraje ishinga uburongozi bw’iyo komine.

Edmond Sibomana umuhanuzi mukuru ntayegayezwa muri komine ya Buganda arabishikiriza, akagira ati : « Ikibazo c’inda z’idaro carabaye ndase ngaha muri komine Buganda. Ibitigiri vy’abana b’abigeme baheba ishure kubera inda z’indaro ni vyinshi cane. Nta ndwi ihera tutakiriye amatati aturutse ku guharika, co kimwe n’abigeme bitwarira abazibatwaje bakabihakana.» 

Naho ata bitigiri bigaragara biva mu buyobozi bw’indero muri komine Buganda twaronse, baremeza ko abigeme baheba ishure kubera ugutwara inda zitipfujwe baguma biyongera. Aho rero, ngo n’abiga mu myaka ya gatandatu barimwo.

Abajejwe intwaro n’abo mu gisata c’indero, hamwe n’amashiramwe yitaho ineza y’urwaruka baragerageza gutanga inyigisho, ariko bikaba ivy’ubusa. 

Amaronko…

 Nk’uko urwaruka rubituyagira, ruremeza ko ubukene buri mu miryango ari bwo butuma izo nda z ‘indaro zirwirirana cane.  

 Iradukunda Kelsy wo ku mutumba wa Kaburantwa agira ati: «Ubukene ni bwo bubidutera. Muri nk’abana icumi biragora ko abavyeyi baronka ibabakwiye. Uripfuza agahuzu keza, utuvuta two kwisiga ukabura. Aha ni ho abasore badufatira. Nta kintu ciwe aguha kuri gusa, ugasanga muraryamanye. Burya inda zigwira muri ubwo buryo. »

Jean-Marie Iratwibutse wo ku mutumba wa Kansega wewe abona ko hari ingeso y’abagabo baharika igisibije muri iyo komine.

Abanegura cane ati:  « Urabona umugabo  agendana n’umwigeme agana n’abo yavyaye. Aho rero usanga yavuye mu yindi komine ataye umugore n’abana. Kubera uguhahamira amaronko bashiki bacu baja na rwo bakabatwaza inda bagaca babapangira. Inyuma y’imisi mike, na we nyene aba atawe. »

Abagirizwa iyo ngeso harimwo abadandaza, ba kimyozi hamwe n’abashoferi b’imiduga n’abagendesha amapikipiki. Harmwo n’abigisha bamwebamwe bata ibanga ryo kurera bakogoba izo baragiye.

 … batatu beza  

Inda z’indaro ziri mu bituma rero iterambere ry’umwigeme rihungabana. Abigeme rero barakwiye kwirinda guhahamira amaronko kuko ari kenshi rupfira. Uwitwa Pascasie Ndikumana asaba abigeme kugumya ibanga maze bakiga na bo kwihangira imirimo. Ivyo nta handi bobikura atari kuja mu mashirahamwe na canecane ay’abigeme yigisha ukwiyungunganya eka n’ivy’ubuzima bw’abigeme.

Umurongozi Edmond Sibomana wa na we arasaba urwaruka na canecane abigeme gusonera umuco wo kwubaha ababasumba.  Uwo mutegetsi asaba abavyeyi kuvyara abo bashoboye kurera bagakwirikiza umugambi wo gutandukanya imvyaro. Aho ngo ntibosiga inyuma « poritike  ya Reta ya: batatu beza. »

Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis  Prevention in Burundi  soutenu  par  IFA  & GFFO et exécuté par WAR CHILD  et  AJEBUDI-YAGA

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion