article comment count is: 2

Ni kuki tubwirizwa gusengera indongozi z’igihugu ?

Abantu bakunda gusenga, eka mbere n’abasenga gake, barazi neza ku mu biringo vy’amasabamana harimwo igice cahariwe gusengera imirwi mikuru mikuru y’abana b’Imana. Muri iyo, havuye umurwi w’abarongoye ishengero, haza abarongoye intara n’ibihugu. Ivyo bikatwereka ko tubwirizwa na ntaryo gusengera indongozi z’igihugu kugira Imana ibandanye kubaronsa ubwira n’ingoga zo kuyobora abo bajewe nk’ukwo Egide Nikiza abituyagira.

Ndamaze imyaka itari mike ndi umukristu. Naho bishika rimwe na rimwe nkasiba kwumva misa, ndemera cane ivyo Ekleziya itwigisha. Iratwigisha ibitari bike ariko kandi iranaduhimiriza gusabira abaturongoye. Akatari gake, nari maze kwibaza igituma ata misa yijana hatavuzwe igisabisho cerekeye indongozi z’igihugu. Ku vy’ukuri, vyahora bingora gutahura akamaro ko kwereka Imana indongozi z’igihugu na cane cane ko, mu bihe vya none, ivyerekeye intwaro n’ugusenga vyatandukanijwe cane.

Ico natahuye

Inyuma yo kugendana ico kibazo umwanya utari muto, nahavuye nsaba umubonano umupatiri wo kw’iparuwasi imwe iri mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yuko yomfasha kubitahura. Uno yaranyakiriye hama arananganirira. Insiguro yiwe ku kibazo canje yahagaze ku ciyumviro c’ukwo umuntu wese ari umunyantegenke. Ngo n’abaturongoye birashobora gushika ko boshwa na shetani nk’ukwo bishikira abantu bose. Ngo ikindi naco ngo n’ugutahura ko abakuru baguma ari abana b’abantu. Ngo bivuye ku kuntu amaso yabo atabona hose, ngo barashobora no kwihenda canke bakabeshwa n’ababegereye. Ngo rero n’ukuza turabereka Imana igihe cose dufata umwanya wo kuyaga nayo. Ngo ivyo ni ngombwa kuko iyo bishitse bakihenda mu ngingo bafata, bigira ingaruka mbi ku gihugu cose.

Ariko ansigurira yaguma ansubiriramwo iri ryungane : « Nivyo twese turahura n’ibitugerageza ariko abatwara nabo bahura na vyinshi! N’ugukovya tukabasengera ubudasiba ku neza yacu !». Ngize ngo ndamusabe insiguro kuri ivyo vyoba bigerageza abaturongoye, yaciye ambwira ko icubahiro n’ubutunzi vyinshi birashobora gutuma umuntu yibagira ko akiri ikiremwa. Kandi ngo ivyo bishikira uyu nk’ukwo bishobora gushikira n’uwundi.  Ng’ubutegetsi buraruhisha cane eka mbere bukanaborera cane hamwe bushobora gutuma n’umuntu akora ibitandukanye n’ukwemera kwiwe.

Ngize ndamubaza nimba vyoshoboka ko abaturongoye badutwara ata cubahiro gikwiye tubaha, yanyishuye ati : « Baragikwiye banyakugira Imana. N’ijambo ry’Imana rirabishingira intahe gose !». Ngo ukububaha bisigura ukwubaha igihugu barongoye. Ngo n’ukubasabira kugira ngo Imana ibahe ubwitonzi nk’ubwo yahaye umwami Salomon, maze baheze batware atawe barenganya. Ngo tubwirizwa kubikora kubera ko ari indongozi z’igihugu cacu. Ngo kandi ugusabira abaturongoye ntaho bihuriye n’ukwo umuntu aba yarabatoye canke atabatoye. Ngo n’ugutahura ko haburana babiri hagatsinda umwe  maze uwutsinze nawe agaheza akayobokwa n’igihugu cose.

Kuri ico ciyumviro, yaciye yongerako iki gikurikira : « Ariko unyumve neza, simvuze ko dukwiye kubasabira ngo Imana ibahe kwama ari ba bandi nyene ibihe bidashira. Mwebwe mukiri bato mukwiye gutahura ko intwaro igira ico ishitseko mu gihe abatwara bagiye barabisikanya. N’ukutubabarira twebwe bakuru banyu kuko vyaratugoye gutahura !».

Akamo notera abo dusangiye igihugu

Ibihugu vyose vyitunganije birafise ababirongoye. No mu gihugu cacu nikwo kw’ukwo. Abo baturongoye nabo kubera ko ingingo bafata zitaberekeye ubwabo bonyene ariko zerekeye igihugu cose n’abakibayemwo bose, ni vyiza ko twohora tuza turabasengera kugira badutware neza bongere bafate ingingo zifasha igihugu kuguma gitera imbere. N’ukubasabira kugira ngo batware baharanira kuba abacamanza beza. Ukutabasengera bivuye ku mvo izarizo zose zishoboka n’ukwihenda kuko iyo bishitse bakaja mu ntege nke, ni twebwe abatwarwa duheza tugacumukura…!

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Ndashimyecane iyi nyandiko. Bibliya irabivuga nayo ngo : » Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana, kandi na cane cane, abami n’abashizwe hejuru bose,kugirango twame mu mahoro dutekereje, twubah’Imana… (1Timote 2: 1).