article comment count is: 21

“Gukorera Zabera”: iyo vyaturutse

Ni benshi mu Barundi bakoresha imvugo ngo “kanaka yakoreye zabera”, canke mu kuramukanya ukumva bagira bati: “ndabutakamvye nyakubahwa”. Ariko si bose bazi iyo vyazananye. Ndereyimana Félix arabituyagira.

Ni ku gacimbiri Gisabazuba, umutumba Remera, zone ya Nyabitanga muri komine ya Gishubi y’intara ya Gitega. Ni ahahoze hari ikirimba c’umuganwa yitwa Nzirarusha, maze uno akagira umuganwakazi wiwe yitwa Zabera.

Inkuru y’uwo muryango rero irazwi cane muri ako karere nsanzwe nturukamwo, ariko nagiye gutangazwa n’ugusanga Abarundi batari bake batazi aho iyo mvugo yo “gukorera Zabera” yazananye. Ariko nka bose barayikoresha. Kandi barazi ko bisigura “gukorera ubusa”.

Aho hambere hahise

Umuganwakazi Zabera yabayeho ku ntwaro ya cami, ariko yararamvye cane, kuko jewe ubwanje naramwiboneye, mu myaka y’1980 ishira iy’1990. Wa mugani ngo “inkuru y’inkuba woyibarirwa n’uwo yahushije”, ukeneye kumenya neza amakuru y’uwo Zabera, wokwegera abantu bakomoka mw’iyo ntara, ariko bafise kuva ku myaka mirongo itanu.

Nk’uko vyahoze kuri cami, Abarundi barakuranwa kuja gukorera umuganwa canke umwami. Ni ko vyagenda rero no kwa Zabera, abanyagishubi baraja kumukorera. Abagore n’abakobwa bakaja gukubura, guteka n’ukuzimana umuganwakazi, nayo abagabo n’abahungu bagaca ibiti canke bagasobanya urugo n’ibindi.

Uwugiye gukora kwa Zabera wese rero, vyari bizwi ko aramutse agenda atitekereye impamba, yirirwana ikigoyi. Uyo muganwakazi yari yaragize umuziro icitwa guhemba canke gushimira abakozi biwe. Ndetse n’amavoka akorotse ku biti vya Zabera, cari ikizira ko umukozi yoyatora ngo ayihembuze. Uwabirengako yarakubitwa akagoka. Noneho uwuvuye gukora iwe wese, agataha yikoreye amaboko, ataco atahanye. Ni aho rero ahavuye iyo mvugo ngo “gukorera Zabera”.

Erega n’ukumuramutsa ntivyari bisanzwe

Igihe uwo muganwakazi yari akiriho, abavyeyi bose barigisha abana babo ukugene bari buramutse uwo mwubahwa, igihe cose bohurirana. Bagira bati: “ukabona uhuye na Zabera, uzoce upfukama, uhungabanye ikiganza uti: ndabutakamvye nyakubahwa”, hanyuma ubandanye. No ngaho nyene, yarashobora kukwishura canke akareka. Iyo ugize Imana akakwishura, yaraguha ukuboko, ariko nawe waba uzi k’utegerezwa guca uhambira impuzu ku kiganza cawe, ukamuramutsa. Carazira k’umubiri w’umunyagihugu ukora ku mubiri wa Zabera. Ni no ngaho nyene havuye indamutso ya “ndabutakamvye nyakubahwa”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (21)

    1. Je nibaza nimba ritari itegeko kuja gukorera uwo muganwakazi ntamuntu yobona akorera ubusa ngo asubireyo! Gusa murakoze cane nahora numva iyo mvugo isigura kugorera ubusa ntazi iyo yavuye

  1. iyo nkuru ndayizi mu mugamba ku banyagihugu bakora mw’ibarabara hama hafi yabo hari umunyokuru yitwa zabera akabakopera inzoga y’amahonda. Hageze umwisho umugapita yabanza gukuramwo aya zabera. Uwusanze hasigaye dukeya canke intica ntikize agaca avuga ati : « Nakoreye Zabera basha »

    1. Ukuri n’ukwo kujanye n’uguhembwa Aho Mumugamba,ninayo mvugo y’ubu.

      Ubundi ntabobandanya bakorera uwo muganwa ataco yikura kandi i Buganwa abahari bararya bakanagabana. Iyo nkuru y’i Gishubi nugusubiramwo kuyitohoza .

  2. Murakoz can kuduh inkur yuw muganwakaz ikib ciw camuviriyemw gucibwak umugan kuk naj uw mugan narinfawuz mug sinameny k aruwababayeh Yaga ndabasavy muzontohoreze ahavuye ijambo ngo<> mbe Mba nind? Canke Samandari Wamandaranga ne numugore yitwa Inarunyonga benumugungu wiwe Runyonga muzoduhe inkuru yimvaho yabo bantu batatu. Mbe Bagaga yarabayeho? Canke Bamire? Utwo dukuru twose tudutera kudidanigwa muzotuturonderere Mbaye ndabashimira kukigoro muzogira mukumpa inyishu nziza mwaatohoje neza

  3. Ico twongerako ni uko uwo Zabera yarangije ubuzima nabi kuko yapfuye atacishoboye, atawumurengukako mbere n’imvunja zaramuriye; ibirenge vyiwe biteye agahinda

  4. None ga yemwe icotuma barinda gusubira gutohoza iyi nkuru ni ikihe?
    Ko kwa Zabera ukozeyo wataha uko wagiye!!!
    N’uno musi abakuru Bose ntibafata kumwe abakozi.
    Ico nshimye n’uko nahora nokoresha ayo majambo ntazi inkomoko yayo..