Mu Burundi, co kimwe no kw’isi yose, abantu baremera Imana. Ariko rero ukwemera kugenda kuratandukana ukwo abantu batandukanye. Hari bamwe rero bemera vy’indenzarugero maze ugasanga biranabagiriye n’ingaruka mbi nk’ukwo Prosper Niyonkuru abituyagira.
Amadini
Bibliya ntigiteye isoni kugendana
Ukwo imyaka ihera, nikwo abantu bahindura ivyiyumviro hamwe n’inyifato. No mu bijanye n’ukwemera Imana canke gusenga, barahinduka. Mu myaka iheze, kubona umuntu agendana Bibliya vyari mw’ibarabara imbonekarimwe. Ariko rero, ubu ico gitabo nti kigiteye isoni kugendana nk’ukwo Désiré Sezikeye abituyagira.
Abakozi b’Imana babera intambamyi abakundanye
Mu Burundi, kwubakana n’uwo mudasangiye idini birashoboka ariko hariho akagihaze. Rimwe na rimwe haribonekeza abakozi b’Imana babera intambamyi abakundanye bakababuza kwiyubakanira ngo n’uko badasangiye amadini maze bigatuma bamwe banafata ingingo zitabereye nk’uko Rivardo Niyonizigiye atuyagira ivy’uwahuye n’iyo ngorane.
Islamu : idini ryubakiye ku muvukano
Mu gihe hari abantu bihisha inyuma ya Islamu bagakora inabi maze bigacafuza uwo muryango, biribonekeza neza ko iryo dini ryubakiye ku muvukano n’urukundo. Aminadab Havyarimana araducira ku mayange bimwe mu veyerkana urwo rukundo n’umuvukano.
Amashengero menshi n’iterambere mu Burundi
Mu Burundi, abantu barenga mirongo icenda kw’ijana baremera Imana kandi bakayisenga nk’uko vy’ibonekeza ku minsi y’amasabamana. Ariko rero umuzo w’amashengero menshi hari benshi bawunegura kuko uhakwa kutorohereza iterambere ry’igihugu. Oscar Niyonkuru aratuyagira ukwo abona ibintu aho aherereye akagirako aterera n’ivyiyumviro […]
Mbega gusenga vyotubuza kuja kwa muganga?
Abantu benshi bararwara bagasinzikara, mbere no gupfa bagapfa bivuye ku nyifato bagize. Abatari bake barasinzikazwa n’indwara zari kuvurirwa kwa muganga kuko birukiye ba rumenyi. Ariko rero hari n’abandi bashikirwa n’izo ngorane bivuye k’uko bihutiye gushira ukwizera kwabo kwose mu masengesho […]
Ukwemera Imana n’ukugendera ubuntu mu Burundi
Uburundi n’igihugu kirimwo abantu bemera Imana kurugero runini. Haraheze amezi atari make bugiye mungorane za politike zanakweze indyane mu bantu. Ariko rero kubona hari ubugizi bwa nabi n’ayandi mabi mu gihugu, Aminadab Havyarimana aratangazwa n’uko amasengero nka yose usanga yuzuye […]
Amadini n’umugambi wo kurondoka ku rugero mu Burundi
Naho hariho umugambi wa Leta ujejwe guhimiriza abanyagihugu kurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro, Renovat Ndikumwenayo asanga vyibonekeza neza ko ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rikiri ikibazo gikomeye mu Burundi.
Mbega bazoguma bavuga canke bazonuma?
Haraheze iminsi Abepisikopi katolika b’Uburundi basohoye itangazo rihanura abakristu b’abanyepolitike ngo bareke gushigikira abadashaka ibiganiro kugirango umutekano ugaruke. Ariko rero Leta y’Uburundi ntivyakire neza bivanye n’uko yo ibona ko ayo matangazo agumura abenegihugu bari basanzwe bafatanye munda. Jean Désiré Nduwayo […]