Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira ibijanye n’abandi ba ntahonikora bahisemwo inzira yo kuza baraja gutoratora ivyobabeshaho mu bibanza bitabwamwo imicafu hirya no hino mu gisagara.
Uriko uratembera mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mu bibanza bitabwamwo imicafu, usanga abantu b’imice itandukanye bariko baratoratora utuntu twatawe kugirango baronke ico bofungura. Usanga bagizwe n’ingeri zitandukanye z’abantu: uri abagore, abagabo, abana, abatama hamwe n’abatamakazi. Usanga bariko baratoratora ibintu bisa n’ibigikomeye basanze muri iyo micafu. Ivyo navyo ni ivy’ubwoko bwose : uri ivyo bafungura canke ibikoresho bisanzwe nk’amasahani, ibikombe, ibirahuri, utubido, amakaye, n’ibindi vyinshi. Umuntu rero aribaza uko abo bantu babayeho hamwe na kazoza kabo bigasiga ubwenge.
Mu gihe ibiciro vy’ibidandazwa kw’isoko biduga ku munsi ku munsi, amahera y’agaciro nayo akaguma akena mu gihugu, ubuzima buguma buzimba na cane cane ku munyagihugu abayabaye maze bikunyurwa n’ubukene hamwe n’irwirirana ry’abantu bigatuma ukubura akazi biba ndanse mu gisagara ca Bujumbura.
Uko bamwe bamwe babayeho muri Bujumbura
Bamwe rero bati hakwicwa na kigoyi dupfuma tuja gutoratora mu myavu kugira turabe ko ataco twohakura coduhembura. Nakare ngo “Hagupfa wozanzama”! Umukenyezi umwe mubo twayaze ndamusanze aho basuka imicafu mu Ngagara yambwiye ati: « Isari igira inyice kuko n’umugabo wanje yaranyirukanye. Aho bwira ngeze ni ho ndara, singira ico mfungura, nta n’akazi ndiburonke ngo ndabe ko noronka utwo kwivuna inzara, naho noronka n’uwumpa iryo jana sindonka ico ndarigura kuko ibintu biguma bizimba buri munsi, ni na co gituma nahisemwo kuza ndayerera ndondera icompembura». Ndamubajije ko atabwoba afise ku magara yiwe kubera ivyo bintu afungura vyo mu micafu yavuze ko ari ugupfa yapfuye maze yongerako ko iyo n’iyo micafu ayironse Imana iba imufashije ngo na kare nta murundi yicwa n’umucafu.
Umuntu rero arashobora kwibaza uwo mwiheburo uri mu banyagihugu, na cane cane bato bato, ingene uzohera iyo basigaye bavuga ko umucafu utica ahubwo ukiza. Aho umuntu aca yiyumvira za ndwara ziva kw’isuku rike nka za Korera n’izindi.
Mbega hokorwa iki cofasha ?
Biribonekeza ko hari hakwiye kugira igikogwa mu maguru masha kuko igitigiri c’abanyagihugu baburaniwe ciyongera ku munsi ku munsi kandi ko Korera nayo irabarindiriye kubera iyo micafu bariko bararonderamwo urukiza ishobora kubabera inyanduruko y’urupfu.
Kuri abo baja muri ivyo bibanza bitabwamwo imicafu, birakwiye ko bikubita agashi bakarondera ayandi masumiro kuko amagara ari amazi aseseka ntibayore. Abagira neza nabo bafise agatima ko gufasha barabe na bo nyene ico bofasha bene izo mbabare kuko biboneka ko abo banyagihugu atacizere c’ubuzima bagifise.
Benewacu barundi, ico twomenya twese ni ukuraba neza umuntu yitonze ico vyoba vyaravuyeko kugirango ibintu bitebe bigera ngaho.
Mbega vyatanguye ryari?
Abo birigwa ngaho mu mayarara boba ari imvukira zo mugisagara?
Ubwo abo bantu ubaravye neza nta ncuti, nta miryango boba bafise aho bamuka?
Ivo bakuyemwo,amahera babigurisha yoba ari ayo kugura ibifugwa canke akoreshwa iki?
Gusegereza navyo, umengo umuntu atihenze vyoba bihanwa n’amategeko mu Burundi!
Icokorwa n’uko hoba icigwa gikomeye cokwerekana neza abari muri iyo nzira ingingo zigafatwa amazi atararenga inkombe.