Haba mu bihe vy’amahoro canke mu makuba, uruhara rw’uruwaruka ntirusanzwe. Mu kwubaka canke gusambura, urwaruka ni rwo rukoreshwa. Ni co gituma abo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke, bemeza ko bishakira iterambere, mugabo ubukene ngo ni bwo bubahungabanya.
Komine ya Buganda ihana urubibe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Ico gihugu carabaye ikirimbiro ry’imigwi irwana, binashika igahungabanya n’Uburundi. Aho rero abakoreshwa ngo ni urwaruka.
Bimwe mu bituma rujuragirika rukanahemuka, harimwo ubushomeri bwigaragaza muri iyo komine.
Didace Niyongabo wo ku mutumba wa Murambi agira ati : «Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo. Agashomeri ni ko gatuma dukora ivyo tutokoze. Sinobona uwumpaye agahera maze kabiri ndara ubusa ngo ndeke kuja kurondera umuzigo muri kongo. Ico gihe ntaba ari jewe aba ari inzara ibintuma. »
Grâce Irampojeje wo ku mutumba wa Ndava, na we nyene yemeza ko kubumbatira amahoro biciye ku rwaruka rutagira ico ruhereza amaboko bigoye. Ku bwiwe, abahungu bobo ngo bararonka n’iyo baja kwisumamwo.
Abakobwa ngo baca baja mu bindi, ati : « Ubukene buteye tuja kuyahiga mu nzira zitari nziza. Ubusambanyi, uguharika n’ibindi na vyo bikaba biri mu bihungabanya umutekano.»
Naho biri uko rero, bivanye n’ibihe Uburundi bwagiye buracamwo, urwo rwaruka ngo ruratahura ko kubumbatira amahoro n’umutekano ari vyo bikuru, maze rukabishira imbere.
Urwaruka imbere ya bose
Epitace Ndayizeye, umwe mu rwaruka rwo ku mutumba wa Kansega avuga ati: “Twebwe turabumbatira amahoro biciye mu nkino ziduhuza, ikindi kidufasha ni amashirahamwe aduhuza akagenda araduha inyigisho zo kwiteza imbere.”
Ivyo biremezwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine. Edmond Sibomana, umuhanuzi mukuru ntayegayezwa wa komine Buganda agira ati : « Mu gukomeza amahoro n’umutekano urwaruka ni rwo rufata iya mbere. Ni co gituma aha muri komine yacu, urwaruka ruri mu nzego z’uguhagararira amahoro n’umutekano. Biraba abari mu migambwe itandukanye, canke amadini yose, eka n’ubwoko bwose. »
Ariko naho bimeze uko, ngo haracariho agahaze kuko hariho « abikumira bataratahura ko amahoro ari inzira ishikana kw’iterambere rirarama na canecane rwaruka. »
Ntimuteme ishami mwicayeko
Umutekano ni uruha ra rwa bose, abato n’abakuze. Gushika kw’iterambere ni urugamba rukomeye cane kandi bisaba uguhozako. Ivyo ntibishora gukunda ata mahoro n’umutekano birangwa mu kibano. Mu gihe rero urwaruka rwobona ko amahoro n’umutekano ari isoko ry’iterambere,rworeka gusamara rukayavyaza umusaruro.
Urwaruka rero rukwiye kuja hamwe mu butandukane bwarwo, rukaja inama n’ingingo. Ivyo rwobikora mu kwirinda inyigisho mbi zirucanishamwo, rugasangira nk’urusanganywe maze rukabona ko ubutandukane bwarwo ari wo mutahe worushikana kw’iterambere ry’ukuri.
Bareke gupfa imigambwe batari bube na ba nyumbakumi, eka no mu madini ntibazoca baba barongozi bayo ngo ni uko bagiye imbere mu kuryana.
Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis Prevention in Burundi soutenu par IFA & GFFO et exécuté par WAR CHILD et AJEBUDI-YAGA