article comment count is: 1

Ikoraniro ry’umugambwe CNL ryahagaritswe, koko ni ukwihenda mu nyandiko gusa?

Ikoraniro ry’umugambwe CNL ryari ritegekanijwe ku wa 14 ndamukiza ryarahagaritswe, imvo yashikirijwe ikaba ari «ukwihenda mu rwandiko rumenyesha iryo huriro ». Umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe akamenyesha ko hibagiwe itariki iryo koraniro ryari kubera ko. Yamara uno mwanditsi abona ko harimwo izindi mvo.

Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL asigura ati : «Twarandikiye ikete umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu tumumenyesha ko dutegekanya kugira ikoraniro ry’umugambwe wacu. Umuyobozi mukuru wiwe yahavuye aduterefona atumenyesha ko ikoraniro ritakibaye kuko harimwo ikosa mw’ikete twanditse».

Mu mugambwe CNL, ngo igihe bamenyeshwa icatumye bankirwa gutunganya ihuririro ryabo, barasavye ko ako gahaze mu rwandiko kokosorwa hanyuma rugashikirizwa umushikiranganji, ariko birabura burundu. Agathon Rwasa akabona ko iyo  itari kuba imvo  yo guhagarika iryo huriro. 

Ivyo biri uko mu gihe mu rwandiko yashize ahabona mu kwezi kwa Ruhuhuma 2023 inyuma y’ingendo yagize hagati mu gihugu, umushikiranganji w’intwaro yo hagati yibukije abajejwe intwaro ko, mu gihe imigambwe ifise ibikorwa, isabwa kubimenyesha gusa, itarinda gusaba uruhusha. Ivyo bikaba vyari vyakiriwe neza n’abanyamigambwe batandukanye, naho hari bamwe bagira bati «tubiteze amaso». 

Ntakabura imvo

Ko muri poritike ibintu bigira imvo n’imvano, ntawomenya vyose. Kumbure hari ivyinyegeje inyuma, narirya haciye igihe mu mugambwe CNL hari urunturuntu. Mbere bamwe mu banywanyi bawo bakidogera ubutegetsi ko bwisuka muri ivyo bibazo, mu ntumbero yo gufasha mw’isambuka ryawo. Bigatuma rero  haba ukwibaza ko atoba ari umukenyuro wa poritike uriko urakinwa. Uko biri kwose, ugukenyurana kw’imigambwe  CNDD-FDD na CNL, yose ikomoka ku mirwi yahoze igwana ikaba ari nayo uyu musi igize Reta, biratera amakenga Aburundi bamwe bamwe. 

Mu vyo Rwasa yashikirije inyuma y’uko ikoraniro ry’umugambwe wiwe rihagaritswe, habonekamwo ishusho y’indyane za poritike zidahera. Aragaruka na cane cane ku banywanyi biwe avuga ko bapfungiwe ubusa, abakubitwa, inyubako z’umugambwe zisamburwa n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, n’ibindi. 

Barayamaze ngo «ururimi rw’umwe rukamwa imfyufyu». Kumbure ntawogirako yemera vyose uko vyavuzwe na Rwasa, narirya poritike imeze nk’ishamba ry’inzitane. Ariko, uko biri kwose, kuryanisha Abarundi niko kubahemukira. 

Muri ibi bihe vy’ubukene, ubwo abanyeporitike ntibotegura amatora ya 2025 badategana imyereka bakarinda akabi n’akabibi Uburundi bwunomusi n’ubwa kazoza, gutyo tugahangana n’ubukene atabindi biduhanze?

Wa muririmvyi ati «Vugana, ikiyago ni ikindi ». Ubwo none ha kuguma mu ndyane za politike zimaze guhekura Abarundi batari bake, zateye amarira mu gihugu, abanyeporitike ntibokwiga kuvugana no gutorera inyishu z’ibibazo mu mahoro?

Hasigaye imyaka 5 imbere y’amahiganwa yo kuharanira ubutegetsi atangura. Biribonekeza ko ibintu bimwe bimwe bikwiye gukosorwa.  

               

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Maintenant vous êtes bel et bien au service de la nation parce que vous dites tous les domaines sans côté penchée! Que les mains de Dieu garde le journal Yaga afin de nous donner tous les informations politiques de notre pays, Burundi.