article comment count is: 4

Uburiro bwa kaminuza: icaterera kiravoma

Inyuma yo guhagarika kugaburira abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi, hari amazu y’uburiro yahavuye atunganirizwamwo ibindi bikorwa. Iya mbere kandi yari izwi cane ni iyo ku Mutanga ubu yakoreshejwe ibindi, ivyababaje uyu mwanditsi bikanka ko yihangana. 

Irahinda igahinyuza, ubwarya umwe bukarya batanu, iceterera kikavoma, agasongoye kagafyita, uwasomera akurumanga, uwahora arya umusoso akipfuza umusoma, uwahorana ibihinda agahindana…”

Erega mugani w’abari aho ubu ho si ivya wa mugani. Ushitse mu ngoro y’uburiro yahoze yubashwe yo ku Mutanga, warahaciye ucika umugongo. Ata gushikuza, uko niko niyumvise ndahinjiye ejo bundi. Nari niteze kubona ya mameza harimwo n’iyiri hano yitiriwe inomero 12 (ibanga rihishurirwa abayizi ), nsanga nyabuna hibereyeyo intebe zo mw’isomero. Ncibaza ko hazohora habera amanama, uwo twari kumwe ambwira yiruhutsa ati: “Erega ni isomero”! Ngwa mu gahundwe. Nca numva kuri ya mvugo natangura ndabasabikaniriza aho hejuru nokwongerako, ko “ihinda igahinyuza icari icuma kigacumukura”. 

Ikiroroge c’ibihe vyiza

Ibibazo bimbana vyinshi. Mbega ya sahani y’ivyumba bine ijako imiryango ine y’ibifungurwa yagiye hehe? Ndacazirikana za firiti, ibiharage, umuceri, “isosi” irwiriyemwo ibitunguru canke amashu, vyabura gose bagapfuma batanga “imiceri ibiri”. Ese akayi kari hano n’umukate twazindukirako dusangira muri iyo ngoro. Warasomera ugatura umube, wasoserwa ukiyongera, wagira ipfa rinini ukavoma icayi wisubiriza. Icizere benshi bari bafise ko ubwo buzima “umupoil” azosubira kububona kigiye uko nyene ?  

Nkibona ico kibanza, naciye nibuka agahisha karengera umutima ugatekana, abakozi bacanacanako, ka kamo k’amasahani, n’ibindi. Nibutse ukuntu bwenzura umwana w’ubwira yamaze kuhashika kugira ntihagire uwumutanga “isugi” (ibifungurwa vyaruwe ubwa mbere). Igihe cose ndahagiye, natera itama icayi, canshika mw’ibondo nk’umva ingoga n’ubwira bwo kuja kwiga ntigonye, ntagoyagoya. 

Na ya “chaîne” pi !

Uwo mwanya numvise binaniye kwakira. Wa murongo muremure utonzweko n’abafashe inzira igana mu rugorwe twita “icuma” singisubira kuwubona? Rwa rupfasoni rwaharangwa, inyifato idasanzwe kugeza no ku nyambaro yaranga abahinjiye, bisigaye muri harabaye? Ese ukwihangana twahigira, tutibagiye gusoneranira. Uwo mwanya nibutse akamaro k’ugutonda urya murongo. Wa mugani ngo: “Umupoil n’i-“chaîne” baragendana” ; baragendana kandi gutonda uwo murongo vyaramwigisha kwigumya mu bimugoye. 

Naho vyashika ukabishikira utevye, nta rungu wagira kubera ibiyago vyabera kw’“i-chaine” naho yaba “yahûmye”. Erega hari ico tutokwiyobagiza. Mwari muzi ko hari n’imisore n’inkumi yashimaniye kw’i-“chaîne” bavyaye bakavyirura ndetse bagasohora n’ababo abandi bubatse zigumye nk’iziri ku rutare? 

Nibutse ivyo nkabona ya nzu uko isigaye imeze, numvise amosozi antanze hasi, mbona ibihe vyarahaye ibindi koko. 

Na twa twigoro ?

Aho mwumva umubabaro ntuvyura kamwe, muri uwo mwanya muto nahamaze, nibutse ko kubera iyo nzu, n’aboro twabafasha. Abanyeshure bo mu migwi itandukanye, yaba imihari canke amashirahamwe, eka ndetse ikintu cose kibahuza, baraheba gufungura bakabishira aboro. Hagize ahashika ivyago bikomeye, abaserukira abandi mw’ishirahamwe ryabo, baratunganya igikorwa co kwegeranya ibifungurwa bibisi bakabishira abahanzwe. Ndibuka ko vyashitse bakajana ibifungurwa vyinshi mu Kirundo hari hateye inzara. Hari n’ aho babishira abari mu bitaro bitandukanye n’ahandi. Abaheba gufungura barabimenyesha, ivyabo bakabikura ku vyo bateka. Utwo twigoro two gufasha abatishoboye twose, aho watubonye.

Ata gucisha iruhande, naho no kwiga ari vyiza kandi ari co cabazanye, ico kibanza cari kiberewe n’abana b’Uburundi bariko barafungura. Ku bwanje, kuhagira isomero ni ukubura uko umuntu agira nyene ntivyampimbaye. Kira noneho, uravye ingene ari hanini kandi hashashe, kuhigishiriza ntibiryoshe namba ; kuhigira kwo ni nk’urusyo. 

Muhava mumbaza muti none hoja iki? Nanje iyo nyishu ntayo mbona atari uko nguma mvuga ko hari habereye gusangirirwa n’abasanganywe nk’uko vyahoze.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. J’ai été touché par cet article combien bénéfique et louable pour la famille des poilissimes.

    En kirundi,on dit: <>. Le lieu sacré ( Icuma) était un endroit vital,on y trouvait des tables sur lesquelles étaient placées de la nourriture à midi et pendant la soirée,pendant la matinée ,il y avait du thé et du pain morcelé avec des gobelets.C’était vraiment agréable.Ce qui semble étonnant c’est de voir cedit lieu transformé en une salle de classe alors qu’il y a bcp de terrains vaste sur lesquels on pourrait bâtir des amphithéâtres.
    Est – ce que le restaurant universitaire est disparu irréversiblement? C’est vraiment inconcevable.