Twaraye tubibonye mu gisagara ca Bujumbura (kumbure no mu bindi bice vy’igihugu vyabaye). Imvura yaraguye kandi turi hagati na hagati mu kwezi kwa Myandagaro. Bamwe bakibaza ko yoba ari “igihungurabayi”, abandi ngo ni “intsindagirabigega”. Amazina adatahuritse ku barutse ubu. Muti none ayo mazina ryoba ryavuye kuki ? Tube turibukanya ivyerekeye imvura igwa mu ci n’amazina bayita.
Kubera ibihe biguma bihindagurika, nk’iyi yaraye iguye biragoye kuvuga ko ari ugutasura canke ari igihungurabayi. Ariko kuva na kera na rindi, mu gihe c’ici, mu mezi ya Mukakaro na Myandagaro, hariho imvura yagwa rimwe canke kabiri, bakaba bayita “igihungurabayi”.
Iyo mvura yama igwa inyuma y’igihe kirekire ici ryaturitse, kuko imvura icika mu mpera za Rusama. Muri ayo mezi y’ici, nta bikorwa vyo mu ndimo biba biriho ku musozi.
Ariko yari amezi y’iyimbura. Ni ho batema amasaka, bakayarunda bayatondetse neza, akaba ikigungazi, arico bita umurara. Ni na yo mezi bagenyamwo ingano, bagakubita ubushaza, ibiharage n’ibindi vyimburwa.
Ariko ivyo bikorwa vyose ntivyaborohera gukora kuko indimiro zose zaba zirimwo ibayi, ryabangamira abantu cane.
“Ibayi” ni iki ?
Nk’uko umutama Budeyi* w’imyaka 80 abivuga, ntitwovuga ibayi tutabanje kuvuga igiti bita umubebe ari co amabayi amerako. Ico giti cimeza mu ndimo, cezeza (gishurika) ku mpeshi, mu kwezi kwa Mukakaro ayo mashurwe akaba yumye.
Amabayi rero ni utuvunji tw’iryo shurwe ry’umubebe ryumye. Ibayi rikuguye ku mubiri, urababwa cane. Ugize imana mbi ibayi rikakugwa mu jisho hoho urababara cane, amosozi akisuka, ijisho rigatukura.
Iyo mvura igwa muri Mukakaro rero yarafasha abantu cane. Iguye yaca ihungurura amabayi yose yaba ari ku mibebe iri muri ayo masaka, bakabona kuyatema ata mabayi abaja mu maso.
Ni ho baca bayitazira “igihungurabayi” canke “igihungurabebe”.
Intsindagirabigega na yo ?
Hari iyindi mvura igwa muri Myandagaro, na yo nyene ikaba iza nk’igihungurabayi kuko haba ari mu ci cane n’umutasuro ukaba utaragera. Ico gihe amasaka batemye mu gihungurabayi baba bayagenye, bakagira imisi mikuru bijanye, bakayashira mu bigega, maze iyo mvura akagwa ari yo ari.
N’iyo babonye imvura igire igwe acanikiye, kaba ari akanya keza bayashikana mu bigega. Iyo mvura ntiyaheza ngo iyanyagire. Kira noneho mu kuyashira mu kigega barayatsindagira. N’uwaba atihutiye kuyashirayo yaca abikora kugira iyo mvura ntiyanyagire.
Mutama Budeyi avuga ko ari co gituma iyo mvura bayita “intsindagirabigega”, kuko yatuma amahonda n’ibindi vyimburwa bimwebimwe bija mu kigega.
Mu kirundi hari amajambo nk’ayo menshi, kubera tutazi insiguro yayo bitatworohera kuyakoresha agaca agirako azimangana, tukagaruka kuvuga ngo ikirundi kirakenye. Hamwe tumenye ico asigura twokomeza tuyakoresha, ururimi rukagumana ikibanza kirubereye, na co rwahoranye.
Nivyo ikirundi kirik kiratituka nacanecan murwaruk arik ntivyaribikwiy kuk nirworurim ruduhuza twes
None ko tubona ubu bimbura mu kwa gatandatu no mu ntango z’ukwindwi, imvura yorwa mûri ayo mezi baba bariko bimbura ntakeka n’intsindagira bigegega. Nayo imvura ingwa mu ntamyanagaro igihe imibebe iba ifise amabayi ntayo n’ihungurabayi.