article comment count is: 3

Bujumbura: abantu bapangishije amazu barakwiye kwikubita agashi

Gupanga inzu mu gisagara ca Bujumbura ntibicoroshe. Muri ino misi, hari ingendo abapangishije badukanye yo kuduza ibiciro uko bishakiye, rimwe na rimwe bakarenza. Ugasanga ku mwaka ku mwaka baguma badugiriza ku wupanze, bikanashika ugasanga ntibanamugabishije. None ni ko vyari bikwiye kugenda ? 

“Uritegura n’uyu mwaka inzu nzoyiduza.” Uko niko Marc*, umubanyi wo mu Nyakabiga yabwiwe n’uwo apangiye muri Kigarama umwaka uheze. Aho rero iyo nzu bagira bayiduze no mu mwaka uheze bari bamudugirijeko. Yarababaye cane, arabura imbwa n’imbwebwe kuko no kuronka iyindi bitoroshe muri iki gihe. 

Uturorero tw’abadugirizwako amafaranga mu nzu bapanze ni twinshi cane mu gisagara ca Bujumbura. Mu makaritiye atandukanye, haba muri mashasha canke nyene no mu ya kera, bene amazu bayaduza ataco binona. Nkako, babona ata wamira. Niho bishika ukumva bavuga ngo: “Vamwo uwubishoboye azoza kuyibamwo”. 

Ubwambuzi

Nta muntu n’umwe afise umutima uzirikana neza ashobora gusigura ukuntu umuntu yoja araduza amahera yo gupangisha uko umwaka utashe. Mbega abo babapangiye baba baronse ayandi mikoro arenze ayo bahorana ku buryo bugaragara ? Ihibambewe, urya muntu badugirizako ni umwe arya ikiremve acirasheko, kandi akaba afise ibitari bike bimusaba uburyo bumusaba kwikokora.

Ikimbabaza, ni uko abo baduza ibiciro baba ari ababanyi b’abo babapangiye kandi babona neza ko ata mikoro yandi uwo muntu afise. Ku bwanje nkabona ko uwo muntu aba atagira ikigongwe, aba ashaka akamujamwo gusa. 

Kandi mu kibano, abo bantu baba ari abahanuzwajambo, badasiba kwigisha abandi “Ubuntu”. Uko gutosora abandi birengagije ingiga iri mu jisho ryabo ga yemwe bibafatira he ? Barakwiye kwikebuka bakikubita agashi kuko ivyo bakora ataho bitandukaniye n’ubwambuzi.

Reta ni yamame

Iyo bibaye biratuntuza ababikorewe. Ariko vyari ibintu vyoroshe cane gutorera umuti. Umusi Reta, yo muvyeyi wa bose, yobifata mu ntoke maze ikabitunganya neza, nta nkeka ko vyoja mu buryo bidatevye. 

Ikintu ca mbere yokora kandi kidasaba uburyo bwinshi, kwoba ugushinga ibiciro nka kurya ibikora mu bindi bisata nko kwiyunguruza. Igatanga urugezo inzu zipangwako, hisunzwe inzu aho iri, uko ingana n’ukungene yafashwe na nyeneyo. Ni vyo ntivyoroshe kuko inzu zose zitubatswe kumwe, ariko rero gushiraho urugero ntarengwa vyogira akamaro.

Ntawobideha ko ubuzima bwazimvye, ariko Reta igize ico ikora, vyotuma atabimonogoza ngo bashiremwo uburyarya, na rirya ubuzima buguma buzimba. 

Poritike y’uburaro

Ikindi Reta yokora, ni uguhinyanyura neza poritike y’uburaro no kuyishira mu ngiro. Mu 2009, inama nshikiranganji yaremeje integuro y’itegeko ryo kwubaka gushasha muri zone ya Buyenzi (ico gihe yari ikiri komine). Hategekanywa kwubakwa amazu agerekeranye, gutyo inzu zikagwira.

Ivyo vyari gufasha cane ; tukareka kuguma twagura igisagara, tuvogera imihingo itandukanye yo mu ntara ya Bujumbura no kwubaka aho barima canke kwubaka urudavagi ata mategeko twisunze.

Uko biri kwose, harakenewe cane uburaro butunganijwe na Reta canke amashirahamwe yandi nk’uko vyari biri muri kahise.  Nk’uko tubisoma mu gitabo kivuga ibijanye n’igisagara ca Bujumbura canditswe na Sylvestre Ndayirukiye yahoze yigisha muri kaminuza y’Uburundi, ayo mazu yarubakwa, maze  agashikirizwa abayabamwo bakaja barayariha bukebuke.  None ako ntikotubera akarorero muri kino gihe ga yemwe ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Reta Yonyenee niyo Ifise Ico Yokora kuko Birarenze,Abapangayi nta jambo tugifise,Iyaba batudugirizako hari Nico bongeyeko kur iyo nzu yabo,Birababaje mugabo ntako turi bugire,Nibashireho itegeko

  2. Il faut franchement malgré les multiples obligations du gouvernement que celui -ci jette un œil dans ce secteur des contrats de bail dans la capitale politique de Bujumbura. Ces derniers jours les bailleurs se sont substitués en petits dieux, ils augmentent le loyer à volonté sans toute fois améliorer leurs maisons.

  3. Ntivyoroshe kweri: parcelle igurwe 100millions, umuntu ayubake kuri 100millions. Azoca asaba loyer y’angahe?

    Leta ikwiye kuraba igashiraho umugambi wotuma abantu baronka amazu baja bariha vuba ahandi ho, loyers zizoguma ziduga, ivyo bice biduza igiciro co kugura parcelle, ivyo na vyo bice bituma loyer iduga.

    Muhezagirwe