Uko bukeye, uko bwije, twamaze kubimenyera. Isukari, ibinyobwa bihingurwa na Brarudi, igitoro n’ibindi biradandazwa ku giciro kirenze. Ivyo bibera mu makaritiye atandukanye y’igisagaga ca Bujumbura. None kubera iki hadafatwa ingingo n’ingendo zibereye iyo ngeso ikaranduranwa n’imizi ?
Reka dutangure iyi nkuru n’aka kareresi mva mutwe. Iyumvire uragiye kuri butike. Uhitanye umukuru wa karitiye canke umukuru w’umutumba. Uramujanye ushaka kumuha kamwe. Ugisavye ico unywa, ukumva ku yo ikinyobwa cahora kigurishwa bongeyeko amafaranga arenga n’amajana atanu. Ukamaramara, ukavyidoga, eka mbere ukanabwira uwo ajejwe intwaro ko yogira ico aterereye. Uri uwundi akakwereka ko yakwumvise, ugaterera agati mu ryinyo ngo agira abikore.
Imisi n’iyindi igahera ariko ntihagire igihinduka. Kubera agashavu k’uko uwo murongozi ataco yashoboye guhindura, ugashangashirwa maze ukaja kwitura uwumukurira. Naho nyene ntihagire ikivamwo. Wokwiyumva gute?
Ba sogokuru bati: “Umugani ugana akariho”, ivyo biri muri ako kareresi ntibitandukanye cane n’ibiriko biraba. Uno musi, ibinyobwa vya Brarudi, isukari, n’ibindi bidandazwa baravyongereza ibiciro.
Aho nagiye ejo bundi naramaramaye. Isukari bayigurisha ayarenze, bibaye ngombwa bakanagutegeka kuyigurana n’umukate. Nk’iryo tegeko ryari ryavuye hehe? Ko babigira izuba riva, uko si ugutukisha abajejwe intwaro yafashe izo ngingo barengako.
Kugaya Reta
Sindababesha ndiko nandika mbabaye cane. Ivyo vyose twavuze ni ibidandazwa bifise ibiciro bishingwa na Reta. Umuntu yinamuye akabigurisha igiciro kirenze ataco yinona bintera kwibaza vyinshi. Ahanje twe n’abandi batwarwa twarakosheje mu kubigura kuko tubuze uko tugira. None abo batware bo ku rwego rwo hasi bobo kuki biraramiye? Ko n’abajejwe umutekano mpora mbona bivuna akanyota, ku giciro kirenze tubigenze gute?
Uno musi, hari hageze aho abenegihugu twese dutakambira Reta tuti: “Reta muvyeyi, vya biciro washinga barabihonyanga bakiraramangira. Ka gasukari katanakwiye, n’akabonetse baca bakagurisha menshi canke bakakanyegeza, bagapima ikiro kidakwiye bagaca bakigurisha umurengera. Bahejeje baca biyambarira ikaruvati bakiraramangira. Ibinyobwa na vyo nyene ni ko kw’uko.”
Twama twumvise abahanwa, mugabo ntibatuzwa. Kandi ntibabigurishiriza ahatabona, haba na mba.
“Uwubuze uko agira agira nabi”
Ibintu bemeze uko bishobora gukwega n’ibindi nimba bitamaze kuba. Iyumvire namwe. Umuntu yorya umutima amenyo ngo ntakorakore ku matungo y’igihugu canke ahandi mu gihe abuze isukari ashira mu musururu w’umwana ? Nta nkeka ko ashobora guca ahemuka kugira abiwe baramuke. Ababiduza nabo baca babona ko kuduza ibiciro ata na kimwe bitwaye, kuko n’abandi babigira bakabiraramangana. Twibuke neza ko iyo ari ingingo ya Reta abantu birengagiza bakaduza ibiciro.
Ihinduka rirashoboka neza cane. Igikenewe ni uko umwe wese ku ruhara rwiwe agira ico akoze, agaharanira iyubahirizwa ry’amategeko hamwe n’agateka kiwe. Abaguzi babonye umuntu yirengerejeko ibiciro bakamushengeza. Reta nayo yari ikwiye kubihagurukira kuko abanyagihugu babayeho mu myidogo nk’uko ikibano gisigara cubakiye ku binyoma, abantu bapfa gusuma ku kubura uko bagira. Bikabandanya uku, Reta izosanga abatwarwa ataco bacibanga, bihave biba ibisanzwe, uwivye yiruke ku wibwe.