Amashure aratanguye. Nta nkeka ko abavyeyi bamwe bagerageje guhindurira amashure abana babo bakabashira muri mashasha. Muri abo,hari ababikoze bafise ivyo bisunze bifadika ariko hakaba n’ababona ko bakwiye kugira nk’incuti canke abagenzi, bagatubika uwa vubi kugira umwana yige heza. Uyu mwanditsi […]
Juste Bigirimana
Umukenyezi : ikiremwa co guhaya !
“Umukenyezi ni Mama, umutambukanyi, mushikanje, eka mbere ni n’urya mukobwa wa Murundi”. Ivyo bivugwa n’uyu mwanditsi yabonye isi yose iherutse guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi, aca abonerwaho guhayagiza ibitangaza yabonye ku bakenyezi batatu : umuvyeyi, umutambukanyi wiwe n’umwigeme yamurereye […]
Barundi namwe Barundikazi, twigaye tumaramare !
Ubukene bw’igitoro, isukari n’ibindi Abarundi bari bamazemwo igihe vyatumye benshi cane bahemuka, bagakora ibitabereye. Ikibabaje, ababikoze twese twarabiraramanganye nk’uko umenga ni ibintu bisanzwe. Ubwo iyi si inzira igana habi kuri kazoza k’igihugu gitegerezwa kuba cubakiye ku mico n’imigenzo myiza?
Kwibonanya: ico uwo vyiziziye yokora ngo abihebe
Ku myaka 18 amaze yubatse, David* afise abana bane, kandi umuhererezi afise imyaka 11. Yemeza ko vyanse ko aheba kwibonanya, kandi yubatse, ata n’ico akema umugore wiwe mu mabanga y’urugo. Bimubabaza ku mubiri no ku mutima, ariko vyaramunaniye guheba. None […]
Uruja n’uruza: ibikwiye kugarukirwa mu bunguruza abantu no gukorera amabarabara
Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa […]
Kugira imibonano n’umukunzi: nturabire ku bandi
Mu nkingi zikomeza urugo, amabanga y’abubatse aza imbere. Bishitse umuntu akubakana n’uwufise ingorane zo kugira imibonano mpuzabitsina, ni amagorwa atagira izina. Muribuka ka karirimbo ngo: “ Sinazanywe n’ibigori, n’iwacu nasize vyeze, nazanywe n’ibigoye”. Ng’iyi intahe y’uwo vyashikiye.
Gukorokerwa : ibivugwa vyose kuri iyo ndwara si ivy’ukuri
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye “gukorokerwa”, aho bikunze kuvugwa ko uruzogi rukoze ku gitsina c’umwana w’umuhungu adaheza ngo azoshobore kugira imibonano mpuzabitsina kuko ibihimba vyiwe bica bitakaza ubushobozi bwo gukora. Umupfasoni akuze w’umwakirizi n’abaganga baraduha umuco, bakerekana ko atari vyo.
Amareresi y’urukozasoni: “Umwana wanje yayaravye akiri musi y’imyaka indwi”
Muri iki gihe c’uburuhuko, abavyeyi bazinduka baja ku mirimo, abana bakaguma i muhira. Bivanye n’aho bari canke abo basigarana, abo bana basigara barakora ibintu bitandukanye, n’ibitabereye bidasizwe inyuma; nk’ibi vyashikiye umwana wanje. Intahe.
Koronavirisi : kwambara agapfukamunwa si ubwishime na gato !
Mu birori bimaze imisi biba hirya no hino, kwirinda kwanduzanya umugera wa Covid-19 usanga bidashemeye. Abantu usanga bicaye begeranye, na twa dutambara two kwikingira ugasanga ni duke kandi n’abatwambara abatari bake batwambara nabi. Aho ni mu gihe abandi babona ko […]