article comment count is: 0

Kugira imibonano n’umukunzi: nturabire ku bandi

Mu nkingi zikomeza  urugo, amabanga y’abubatse aza imbere. Bishitse umuntu akubakana n’uwufise ingorane zo kugira imibonano mpuzabitsina, ni amagorwa atagira izina. Muribuka ka karirimbo ngo: “ Sinazanywe n’ibigori, n’iwacu nasize vyeze, nazanywe n’ibigoye”. Ng’iyi intahe y’uwo vyashikiye. 

 Nitwa Aurore*. Haraheze amezi icenda nubakanye n’umusore mwiza nakunze yitwa Charles*. Twamenyaniye ku rusengero. Igihe cose twamaze tugendana  cari igihe ciza cane. Twarayaga duhuza, tugenderanira. N’imiryango yacu yari ibizi kandi baradushima ndetse bakanadushigikira badutera intege. 

Tumaze umwaka wose  dukundana, twatanguye gupanga ibijanye n’ubugeni, tubibwira imiryango na bamwe mu ncuti zacu. Nari nezerewe kubona ngira nubakane n’umusore nkunda kandi niyumvamwo, nabikiye akabanga kose ntigeze ndyamana n’umuhungu. Ikiruta vyose, yubaha Imana.

Ubugeni busayangana

Igihe kigeze, isango ry’ubugeni rirashika. Twese twaca ibibatsi mu mpuzu z’ubugeni nyene. Imbere y’umurongozi, twararaganye kuba umugore n’umugabo, tubaye umwe, tuzobana mu mahirwe no mu marushwa, twubahana. Twiyemereye ko tuzotandukanywa n’urupfu gusa. Turambikana impeta. Ishengero rikinje ryaje kudushigikira riduhunda amashi. Erega wamenga turi mw’ijuru.

Umwanya w’agatutu, ibirori bibandanya biryoha kuva mu bugeni kushika no gutwikurura iryo joro nyene, niteze kuryamana n’umugabo irya mbere, nkaba inarugo koko. Ivyo biheze, abari ku rubanza bose baratashe, nca ndabona ko nabaye umugore wa Charles. Nari mfise umunezero udasanzwe kubana n’uwo nakunze.

“Gupfana ishavu nk’ishuri”

Dushitse muhira turiyuhagira, turafungura hanyuma turaja kuryama. Umukunzi wanje Charles ambwira ko arushe rwose ku bw’urubanza kandi  ndamutahura kuko urubanza rwari rwaturuhishije bikwiye. Bwakeye uko, ataco tugize. 

Umusi wa mbere urahera, uwa kabiri, indwi ya mbere, iya kabiri kugeza aho ntangura kwijijanya imitima haheze ukwezi. Ntanguye gutuntura kuko nari mbuze ico nari niteze, ivyo yambwiye vyankuye ku nzira.  Yarampishutse, ambarira ko vy’ukuri ata kijanye no kugira imibonano ashoboye. Yavuze ko arwaye kandi yagerageje kwivuza bikananirana. Kwari ukumpebuza kuko nari naravyiboneye. Kugeza ubu rero tubanye uko. Ndatuntuye. 

Bamwe mu ncuti za hafi batanguye no kumbazagiza ko ata mbanyi ndasama, ntibamenye ko ntazi icitwa umugabo. Mbabajwe n’ukuntu uwo namukunze, nkaguma nankira abandesha n’abasaba ngo turyamane, yankoreye ico kibi. Nahenzwe n’ubwiza n’ukugenda ahegekeye Bibiriya. Nashimye ubukirisu n’igihagararo nsanga nta bugabo afise. 

Naratinye kugira uwo ndabibwira, mu mutima wanje havugiramwo amajwi menshi. Hamwe numva umengo nobibwira umuryango, ahandi nkumva nomufasha kuguma turondera abaganga, kubera kwizera ngo Imana yodukorera ibitangaza. 

Ukuri ni kwo kwubaka

Ikigaragaza urukundo ca mbere ni ikiyago gishingiye ku kuri. Umuhungu canke umukobwa agiye mu vyo kwubaka azi neza ko adashoboye kurangura amabanga, yari akwiye guhanwa kuko aba yakoze ikibi kibishe.

Wubatse ugasanga uwo wiyeguriye wese ntashoboye kugira imibonano, ubonye atari bukire muca muvangura. Nta shengero na rimwe ryohava rivyanka nawe nu. Ivyo gutinya uruvugo na vyo, menya ko “uwanse kuvugwa yaheze mu nda kwa nyina”. Ntihagire uwusubira kurya umutima amenyo ngo ariko arakenyererako, ivyo birarenze urugero. Ikindi  na co, abariko barareshanya, bategerezwa kuvugana ukuri. Ikiyago ca Charles na Aurore iyo kiba gishingiye ku kuri, ntaba yabonye ayo. 

*: Amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion