article comment count is: 0

Uruja n’uruza: ibikwiye kugarukirwa mu bunguruza abantu no gukorera amabarabara

Kuva igihe, ku mvo z’umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura, hafatiwe ingingo ibuza amapikipiki kurengana ibiraro vyinjira mu gisagara, haribonekeje ubukene bw’imodokari zunguruza abantu kuko benshi arizo baciye batangura kuza barafata. Prosper Niyonkuru abona ko iyo ngorane yari ikwiye gutorerwa umuti mu maguru masha, eka mbere n’amapikipiki agasubira gushika mu gisagara hagati kuko umutekano wagarutse.

Uburyo bwo kwiyunguruza n’ikintu gihambaye mu buzima bw’abantu muri rusangi, na cane cane ababa mu bisagara. Iyo ubwo buryo buteye imbere bituma n’ubuzima bw’ababukoresha bworoha. Abakora urudandazwa, ingenzi n’abandi baca boroherwa kuko baca bakoresha umwanya muto mu vyo bakora. Iyo ubwo buryo butameze neza naho, ingorane ziba nyinshi.

Mu munsi iheze, mu gisagara ca Bujumbura umuntu yarashobora kwiyunguruza vyoroshe kuko yakoresha umwanya muto eka n’itike rikaba rito. Ariko muri kino gihe bisigaye bitoroshe kuko uretse ko n’amafaranga yo kwiyunguruza yabaye menshi, n’izo modokari zisigaye zikenye.

Vyatanguye gute?

Ugerageje kubaza hirya no hino ico ikena ry’imodoka rivako, hari abasigura ko ritumwa n’igitoro cabuze. Naho atawovyirengagiza, mbona igituma twokironderera n’ahandi. N’imbere y’uko igitoro gikena, iyo ngorane yari imaze kwibonekeza. Ndabiravye nasanze vyatanguye inyuma y’aho hafatiwe ingingo ibuza abakora umwuga wo kwunguruza abantu bakoresheje amapikipiki gusubira kurengana ibiraro vyinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura. Aho hari mu kwezi kwa kabiri. Iyo ngingo yafashwe mu gihe umutekano utari wifashe neza ariko ubu twese turabona ko wagarutse. Mbega hoba habuze iki ngo basubire kubaha ubwo burenganzira? Imbere y’iyo ngingo, umuntu yashaka kwihuta ntiyarinda gutegera imodoka. Kuko yarashobora gufata ipikipiki maze akava mu Kanyosha agashika mu Kamenge adahagaze canke ngo arinde guca hagati mu gisagara.

Uko vyatanguye n’aho ingorane zigeze

Kubera ayo mapikipiki atacemerewe kwinjira mu gisagara, itike ry’abiyunguruza kuri za tukutuku ryaciye riduga. Urashobora mbere no gutegera imodoka ukayibura kuko zose zigenda zuzuye. Ivyo bikaba bitumwa n’uko n’abantu bahora bafata ipikipiki baca bategerezwa gufata imodoka.

Ibitangaje vyibonekeza ku gituro c’imodoka zija mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Uhashitse ku mugoroba uratangara. Usanga isinzi ry’abantu barindiye imodoka ariko nazo zikaza ari nke cane. N’iyigize ngo iraje ubona bacanacanako baniganira kwinjira. Eka mbere  hari n’abaca mu madirisha. Uwudakomeye n’ukuhagwa yohagwa. Ivyo maze kubibona nasanze n’amasanganya yoshobora kuhabera kuko muri abo haba harimwo abapfasoni bibungenze canke abafise izindi ngorane z’amagara. Kandi bose baba bakeneye gutaha. Hariho n’abagendesha imodokari bamwe bamwe baca bikika mu kiza mu kuduza itike uko bishakiye.

Uko ico kibazo coronka inyishu

Birakwiye ko abajejwe ivyo kwunguruza abantu bofasha kugira iyo ngorane itorerwe umuti urama kandi mu maguru masha. Ubu biribonekeza ko hari umutekano none ata mvo zobuza amapikipiki gushika mu turere tumwe tumwe two mu gisagara.
Bibaye ngombwa, bozana za modoka nini nini zo muri OTRACO zikaza gufasha kwunguruza abantu hagati mu gisagara nk’uko duhora tuzibona zija hagati mu gihugu canke zitwara abanyeshure hirya no hino ku mashure amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion