Uburundi bwaraye buronse uwundi mukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo cababa imisi 10 uwahahora ashengeye. Hagati y’abifumbereje ku bw’umubabaro w’ikigandaro n’abakoze ubudahumeka kugira basubirize nyakwigendera, hari abamaze hafi amajoro 10 n’imirango 10 bari muri : « mbega biragenda gute ? » Muri abo, umwanditsi Déo Ndayishimiye […]
Deo Ndayishimiye
Blogueur du collectif Yaga
Assassinat de Kirahwata : comme dans un étang à canards
À la veille de ce jour à marquer d’une autre pierre noire, des messages inquiétants à propos de l’enlèvement du cambiste Jackson Simbananiye, connu sous le sobriquet de Kirahwata, ont été relayés sur les réseaux sociaux. Au petit matin de […]
« Ngendana Motorola, ndi kibirengeye »
Motorola tuzimenyereye nk’ibikoresho bifasha abajejwe umutekano guhanahana inkuru. Ariko, hari inyifato itangaje aho bishika ukazisangana abasore n’abagabo mu kibano, tutamenyereye muri urwo rwego. Nabo abo “ba nyakwubahwa” zikabatuma bagira inyifato bisangije. Iyumviririze namwe ndabayagire.
Ni kuki hari Abarundikazi barongorwa batarabishaka ?
Umwe wese ashobora kugira iciyumviro ciwe yisangije nk’inyishu kuri kino kibazo. Ariko, ku bw’uno mwanditsi, hari imvo nyinshi zituma abigeme bamwe bemera kugira ubugeni kandi batavyipfuza.
Réaction : « Non monsieur le Vice-président, le Covid-19 n’a pas peur des Burundais ! »
Dans une vidéo largement relayée sur la toile, Gaston Sindimwo, le Premier vice-président burundais, déclare que « grâce à Dieu, le coronavirus a peur des Burundais ». Des propos qui ne passent pas pour le blogueur Déo Ndayishimiye.
Kaminuza y’Uburundi : kuki hari aberekana umukunzi ku musi wo gusoma igitabu ?
Muri Kaminuza y’Uburundi, neza na neza mu gisata c’ubuvuzi, abanyeshure baharangije, ku musi wabo wo gusoma ibitabu, ni ho berekana ku mugaragaro abakunzi babo. Si ko vyahoze, mbere haracariho n’abatabikora uko, ariko bitera bija kuba nk’ingendo rusangi. None iyo vyoba […]
« Boost » : inganda ziracatikiye !
Mu mwaka w’2018, ishirahamwe Yaga ryarifatanije n’ayandi mashirahamwe mw’isekeza ry’ukurwanya ikiyayuramutwe kizwi kw’izina rya « Boost ». Bamaze kumenya ibitari bike kuri ako karanda, abategetsi bamwebamwe baragize ivyo batangaza ko bagiye gukora, ngo ako kabi karandurwe. Yamara, nk’uko vyari kirya gihe, n’ubu […]
« Ingendo y’uwundi iravuna » : narahimbaje umusi w’abakundana ntabishaka
Ni uwa 14 Ruhuhuma. Benshi bawita umusi wahariwe umweranda Valentino, uwuzwi nk’umuvunyi w’abakundana. Abatari bake ntibazi inkomoko z’uwo musi, ariko nyene bakawuhimbaza. Ngo « nzogira nk’uko abandi bagira » ; ugasanga ni agakuku gusa. Intahe y’uwo vyagendeye gutyo.
Itorwa ry’uwuzoserukira Cndd-Fdd : hari zimwe mu nyifato ziteye amakenga
Umugambwe Cndd-Fdd waraye utoye uwuzowuserukira mu guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu matora Abarundi bimirije. Iyo nkuru imaze kumenyekana, hari inyifato n’imvugo zakurikiye. Umwanditsi Déo Ndayishimiye akazifatirako mu kuvuga ati : « Abarundi dukwiye guhinduka ».