article comment count is: 6

Ni kuki hari Abarundikazi barongorwa batarabishaka ?

Umwe wese ashobora kugira iciyumviro ciwe yisangije nk’inyishu kuri kino kibazo. Ariko, ku bw’uno mwanditsi, hari imvo nyinshi zituma abigeme bamwe bemera kugira ubugeni kandi batavyipfuza. 

« Gute ? » Iyo ni yo nyishu mwumva mwompa, ubona ko Abarundi tumenyereye ko ikibazo cishurwa n’ikindi. Ariko nyene, ndabitahura. Kuko ico kibazo ni bake boba bashobora kunaciyumvirako. Erega womengo nta muntu yorongora canke akarongorwa atarabishaka, kiretse mu gihe gisa n’impanuka ; nka hamwe umukobwa yasamye imbanyi, abavyeyi bati : « Menya iyo utera ujana ! » 

Mugabo nyene ni ko bimeze. Hagati y’abarongorwa ku bw’impanuka bagize n’abarongorwa ku gihe babitegekanirijeko, hari umugwi munini w’abagenda mu gihe kidahwanye n’icari mu ndoto zabo.

« Arageze »

Mireille*, ni umwigeme yiga mu mwaka wa kabiri w’igisata c’ubuvuzi, muri kaminuza imwe yo ngaha i Bujumbura. Twabaye dutashe n’abandi twigana, numva umwe aratanguye ikiyago ; ati : « Mbe mwabonye ko Mireille yambaye impeta yerekana ko arehejwe ? » Uwundi, asa n’uwubiziko kinini aca arungikanya ngo « ntimwari muzi ko ari mu kugira ubugeni ? » Aho nyene, bose ngo Cwe ! Twese tuba tuguye mu kajembegete. 

Haciye nk’umunota ata wuvuze, ni ho Eddy, umwe muri twebwe yaduka ati : « Ariko birumvikana ; kuko arageze. » Arageze ! Aho ndi, nandama gutangara. 

Ariko, ndagwa nkagaruka. Abo bagenzanje ndabatahura. Kukaba nkako, muri kama ndundi, turafise ukuntu turaba ko umukobwa canke umuhungu ageze urugo. Nta vyigwa vy’ubuhinga biravyerekana, ariko mfatiye ku vyo mbona aho mbaye, iyo umukobwa arangije amashure yisumbuye, abavyeyi baba batanguye kumuraba nk’uwugeze kwigenga, ashobora kwubaka urwiwe aho ashakiye. Yagira arahonyoza ikirenge mu wa mbere wa Kaminuza, incuti n’ababanyi bagatangura kumubaza ngo « nta mukwe ? ». Yarangiza urwego rwa mbere rw’izo nyigisho naho, bati : « Urya mukobwa ngira yarabuze umugabo ! »

Ni uguhitamwo kimwe

Ku rundi ruhande na ho, « nta mukobwa yubahuka kuresha umuhungu, aba ashize isoni. N’iyo yomukunda, aragumya ibanga, mpaka uno yizanye. Ataje naho, nta kundi, ni ukurindira uwuzoza. » Ni uko twarezwe. Twavyonse mw’ibere, tuvyumva uko.

Twese twarutse twumva ko umuhungu ari we aresha, umukobwa na we akareshwa. Bisigura ko umukobwa ategerezwa guhitamwo mu bamutumbereye, naho atoba ari bo yipfuza. Nkabaza nti: « Biramutse bishika hakaza uwo ashima na bukebuke, uno na we akaba afise umugambi w’ubugeni n’ivya nkenerwa, ubwo biroroshe ko umukobwa ahakana kugira ubugeni ? Hamwe yomutakaza, ace asubira kurindira mu mugwi wa bamwe adashaka ?

Imico n’akaranga vyacu ni uko bimeze. Kandi tubikurikiza uko, twabishaka twareka. Uwundi ni we yagize ati : « Ubuzima bwacu bugizwe n’uguhitamwo tugenda turagira buri munsi ». 

Ni ukuri. Uguhitamwo guca kubiri n’ico incuti n’ikibano bakwitezeko, si ivyorohera bose. Ari ho mpeza nkemeza ko abatari bake mu Barundikazi bubatse, uwari kubahitishamwo kwunguruza isango ry’urubanza rw’ubugeni, ntivyari kubagwa nabi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Iki kiyago canyuze kuko abakobwa benshi barongogwa hataragera batanabishaka.
    1. Abigeme benshi babonye uwobatunga baca biruka ngo bararonse kuko batinya kujumbira iwabo. Hari naho baba bakundana n’abandi bahungu batagira uburyo bagahitamwo kwitongorerwa.
    2. Hari abarongorwa ari abanyeshule bobo ni ibara. Kubera amabanga y’urugo baratwara inda, amashule bagaheba. Bagatungwa uko bazeye vyose ku mugabo. Uwo nawe ararambirwa akanakengera umugore wiwe kuko amufata nk’umuzigo, nk’imburakimazi.
    3. Burya kwubaka ataco ujanye mu muryango, nta teka uharonkera, ntuba uragera.

    1. Igitangaje generation 80 iriko irabura abagabo ku rwego rwo hejuru.ng Imana yarahinduy urutoke rwo kuremaa..jhhh..akabi gatwngwa nk akezaa..mfis amakenga ko n’ama cas de divorce agiy kuba mnshii muri iyi myakaa Kuko ubugeni umng ni ikirorii tu..

  2. Nivyo,benshi kuber pression kandi naho atamatohoz ndakor ndaz uy mugw wabigeme n munini,kuko abarundi turafise ibintu twihaye womenga n’umuco ntavyo nzi,vyuk uleng n ngombw umunt yubak à tel âge ataruk yasaziy iwab n’ibind.ahand nah umwigem akabon uwamber aj akac avuvudikir k mvo zuk har ibint bavug ng abagabo barabuz,ahand nah kubera imiryang n’abagenz uw bakubonany wes ng uy n wa muntu bigatum wumv k utegezw naw gukor ic kintu