Co kimwe n’ahandi hose bakora izo nzoga zitemewe n’amategeko, no mu mabohero uko zikorwa ntibihumuriza na gatoya. Bakoresha ibikoresho bitabereye, mu buryo butitaho amagara y’abazozihereza. Ikintu co nyene baba bishakira: gukora akayoga gakaze kazotuma abakanyoye batipfuza kugasiba. Dukurikire uko inzoga batazira amosozi y’inkuba ikorwa.
Mu kugana iyo nzoga barakoresha umuvango w’ amazi, isukari, amayani hamwe na n’umwambiro. Bamaze kuba begeranije ivyo bikoresho vyose, baraheza bakavanga amayani hamwe n’amazi bagaca bacanira.
Ntibaheza ngo barindire ko ayo mazi abira. Bamaze gukurako amazi bararindira agahora bagaca bashiramwo isukari. Muri iyo nzoga bashiramwo isukari nyinshi bakayivanga na wa muvango w’amazi n’amayani, mu nyuma bagashiramwo n’umwanike. Bimaze kunywana neza, haca hakurikira intambwe yo gutarika ivyo vyose bavanze.
Bagaca bayitarika ahadashikwa
Mu Mpimba ababikora baragiye barimba ibinogo binini mu kuzimu bashiramwo ibirudipe hejuru bagaca barenzako ibiti hamwe n’ihema. Nk’iyo igiporisi kije gusaka ntigiheza gice n’ikanda aho izo nzoga zinyegejwe.
Iyo nzoga ntiteba gusha kuko bayitaritse mu gatondo ku mugoroba canke bukeye iyo nzoga irashobora kwiherezwa. Nk’iyo imaze imisi ihakwa kubararaza kuko ica itangura kumota cane. Naho rero iyo nzoga bashiramwo isukari nyinshi mu kuyikora, iyo imaze gusha usanga ifise akanovera kumvikanamwo umunyu kubera umwanike bashiramwo.
Iyo nzoga isanzwe ifise ibara ry’umuhondo. Kugira bafashwe ntibibakomerane, baraheza bakamemera uburo hejuru kugira ngo abantu bibaze ko ari inzoga kama y’uburo.
Ibibujijwe kwinjizwa mw’ibohero nivyo ikorwamwo
Abakora izo nzoga ntibasiba kuzikora mu bintu bitarekuriwe kwinjira mw’ibohero harimwo isukari, amayani, imyanike, inanasi n’ibindi. Nk’isukari ariyo ikoreshwa cane, ntiyemerewe kwinjira mw’i bohero rikuru rya Mpimba mu gihe utayizanye nko mu musururu canke mu mfungurwa zindi itekanye. Rero abo bakora inzoga barakoresha ubuhinga bwose bakinjiza ibikoresho bakenera.
Biragoye kudoma urutoke ku bantu babigiramwo uruhara, ariko kandi biragoye no gutahura narirya mw’ibohero biragoye ko hariho ikintu gikorerwamwo canke cinjirayo abajejwe umutekano canke abarongoye abafungwa batabiciye n’ikanda. None ko mu mabohero yose abashobora gusohoka bazwi, ivyo bikoresho bizanwa na ba nde ?
M.N.* yahoze mw’ibohero rya Mpimba yatwiganiye ati: “Abemerewe gusohoka kenshi usanga ari aba jenerari** canke barya baja kurima canke gukorera udukorwa tundi hanze y’ibohero. Abo rero barashobora guca mu ryahumye abacunga ibohero bakinjiza ibintu bitemewe. Abandi nabo bashobora kwinjiza ibintu bitemewe usanga ari abakozi bakorera indani mw’ibohero harimwo abaporisi hamwe n’abandi bakozi bakorera mw’ibohero, n’abandi usanga bama hafi y’abanyororo”.
Ni ukurikanura
Nk’uko abasokuru bayamaze bati:” Wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imitumba ukabira nka yo”, abajejwe itunganywa ry’amabohero canke abacungera amabohero barakwiye kuhagabira kugira ntibazohave basanga bibutse kuyora basheshe.
Nimba barashizeho ibintu bibujijwe kwinjizwa mw’ibohero, bakwiye no gushira inguvu mu gucunga ko amategeko bashizeho na yo yubahirijwe.
*: izina ryahinduwe
**: abanyororo basanzwe batunganya kandi barongoye amakaritiye ari mw’ibohero rya Mpimba. Abo barafise uburusho busumba ubw’abandi bapfungwa, nko kutambara umwambaro w’abapfungwa, gusohoka hanze bakagaruka imbere y’isaha zibiri z’ijoro n’ibindi.
